Ivyakozwe n’intumwa 17:1-34
17 Baraheza bafata urugendo baca i Amfipoli n’i Apoloniya hanyuma bashika i Tesalonika+, ahari isinagogi y’Abayuda.
2 Pawulo yinjira rero mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigira+, amara amasabato atatu abafasha kuzirikana ku Vyanditswe+.
3 Yarabasigurira, akabaha n’ivyanditswe vyemeza ko vyari bikenewe ko Kristu ashikirwa n’imibabaro+, hanyuma akazuka mu bapfuye+. Yababwira ati: «Uwo Yezu ndiko ndabamenyesha ni we Kristu.»
4 Ivyo bituma bamwe muri bo bizera, hanyuma bifatanya na Pawulo na Silasi+. Abagiriki* benshi cane basenga Imana be n’abagore batari bake b’abanyacubahiro na bo nyene barizera.
5 Mugabo Abayuda bagira ishari+, bakoranya abagabo bamwe b’ababisha birirwa mu kaguriro bareze amaboko, bagira akagwi, baca batangura gutera intureka mu gisagara. Batera inzu ya Yasoni barondera kuzana Pawulo na Silasi imbere y’ako kagwi.
6 Bababuze, baburuta Yasoni n’abavukanyi bamwe babajana ku batware b’igisagara, basemerera bati: «Ba bantu batembagaje* isi bashitse n’ino+.
7 Kandi Yasoni yabakiriye iwe. Aba bantu bose barwanya ingingo zashinzwe na Sezari, bakavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yezu+.»
8 Iryo sinzi n’abatware b’igisagara bavyumvise, bahagarika umutima.
9 Yasoni n’abandi bamaze kubaha ingwati ihagije, babona kubarekura.
10 Bukimara kwira, abavukanyi barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda.
11 Ab’i Beroya bari bafise agatima keza kuruta ab’i Tesalonika, kuko bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye kugira barabe ko ivyo bumvise ari ukuri.
12 Nuko benshi muri bo barizera, harimwo n’Abagirikikazi batari bake bubahwa be n’abagabo bakeyi.
13 Mugabo aho Abayuda b’i Tesalonika bamenyeye yuko Pawulo yariko aramamaza ijambo ry’Imana n’i Beroya, bajayo kugira bagumure bongere badurumbanye amasinzi+.
14 Ubwo nyene abavukanyi baca barungika Pawulo ku kiyaga+, mugabo Silasi na Timoteyo basigarayo.
15 Ariko abari baherekeje Pawulo baramujana gushika i Atene. Maze Pawulo ababwira yuko Silasi na Timoteyo+ bomusanga iyo ari vuba bishoboka, baca baragenda.
16 Pawulo akibarindiriye i Atene, yumva ishavu abonye ingene ico gisagara cuzuye ibigirwamana.
17 Atangura rero kwigishiriza mw’isinagogi Abayuda n’abandi bantu basenga Imana, akabafasha kuzirikana. Kandi imisi yose yarafasha n’abari mu kaguriro kuzirikana.
18 Mugabo bamwe mu banyabwenge* b’Abepikuri n’Abasitoyiko batangura kumuhaririza, bamwe bakavuga ngo: «Uwo muswaganyi ashaka kuvuga iki?» Abandi ngo: «Asa n’uwumenyekanisha imana z’inyamahanga.» Bavuze ukwo kubera ko yariko amenyesha inkuru nziza yerekeye Yezu n’izuka+.
19 Nuko baramufata bamujana ahitwa Areyopago*, bavuga bati: «Wotubwira neza iyo nyigisho nshasha uriko uratanga?
20 Kuko uriko urazana ibintu vy’ivyaduka mu matwi yacu. Dushaka rero kumenya ico ivyo bintu bisobanura.»
21 Abanyatene bose n’abanyamahanga babayo*, bamara umwanya wabo wose wo kwisamaza bavuga gusa ibintu bishasha canke bavyumviriza.
22 Maze Pawulo ahagarara hagati muri Areyopago+, avuga ati:
«Bagabo b’i Atene, ndabona yuko muri vyose musa n’abatinya imana* kurusha abandi*+.
23 Nk’akarorero, igihe nariko ndarengana nkihweza nitonze ivyo musenga, nabonye n’igicaniro canditseko ngo: “Ku Mana itazwi.” Iyo Mana musenga mutazi, ni yo rero ndiko ndabamenyesha.
24 Imana yaremye* isi n’ibintu vyose biri muri yo, ikaba ari yo Mukama w’ijuru n’isi+, ntiba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu+.
25 Eka mbere ntikeneye gufashwa n’abantu* nk’aho umengo hari ico ibuze+, kuko ubwayo ari yo iha abantu bose ubuzima n’impemu+ n’ibintu vyose.
26 Ni yo yaremye* amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe+, ngo babe kw’isi yose+. Vyongeye, yarashinze ibihe n’imbibe z’aho abantu bakwiye kuba+.
27 Yabigize kugira barondere Imana, mbere bakabakabe bayirondera, baheze bayironke vy’ukuri+, kuko itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.
28 Kuko ari yo dukesha ubuzima, kandi ni yo ituma tugendagenda tukongera tukabaho. N’abaryoshamvugo banyu bamwe barayamaze bati: “Erega natwe turi abana* bayo.”
29 Ko rero turi abana* b’Imana+, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu abantu bahingura canke biyumvira+.
30 Ego ni ko, Imana yarirengagije ibihe vy’ukwo kutamenya+. Ariko ubu iriko ibwira abantu bose, aho bari hose, yuko bakwiye kwigaya
31 kuko yashinze umusi wo gucira urubanza+ isi mu bugororotsi biciye ku muntu yagenye. Kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya c’uko bizoba mu kumuzura mu bapfuye+.»
32 Aho bumviye ivy’izuka ry’abapfuye, bamwe batangura kwitwengera+, abandi na bo bivugira ngo: «Uzoba urabitubwira hanyuma.»
33 Nuko Pawulo aragenda abasiga aho,
34 mugabo abagabo bamwe bifatanya na we, barizera. Muri bo harimwo Diyoniziyo umucamanza wa sentare ya Areyopago, umugore yitwa Damari n’abandi bari kumwe na bo.
Utujambo tw'epfo
^ Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
^ Canke «badurumbanije.»
^ Canke «mu bafilozofe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «bahatse indaro.»
^ Canke «musa n’abakunda gusenga kurusha abandi.»
^ Canke «ibimana.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yahinguye.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «ntikorerwa n’amaboko y’abantu.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yahinguye.»
^ Canke «uruvyaro.»
^ Canke «uruvyaro.»