Ivyakozwe n’intumwa 18:1-28
18 Inyuma y’aho, ava i Atene aja i Korinto.
2 Yasanzeyo Umuyuda yitwa Akwila+ na Prisila umugore wiwe. Akwila yari imvukira y’i Ponto akaba yari aherutse kuva mu Butaliyano, kuko Kolode yari yategetse Abayuda bose kuva i Roma. Nuko aja iwabo,
3 kandi kubera yuko bari basangiye umwuga, aguma iwabo barakorana+. Umwuga wabo wari uwo gukora amahema.
4 Yama ashikiriza ijambo* mw’isinagogi+ buri sabato+, agatuma Abayuda n’Abagiriki banyurwa.
5 Aho Silasi+ na Timoteyo+ bamanukiye bavuye i Masedwane, Pawulo atangura kumara umwanya wiwe wose yigisha ijambo ry’Imana, ashinga intahe imbere y’Abayuda kugira yerekane neza ko Yezu ari we Kristu+.
6 Mugabo kubera yuko baguma bamurwanya kandi bamutuka, akunkumura impuzu ziwe+, ababwira ati: «Amaraso yanyu abe ku gatwe kanyu+. Jewe ndera+. Kuva ubu ngiye ku banyamahanga+.»
7 Ava ng’aho* rero, aja mu nzu y’uwitwa Titiyo Yusito. Yari umuntu yasenga Imana, inzu yiwe ikaba yari ibangikanye n’isinagogi.
8 Maze Kirisipo+ umukuru w’isinagogi yizera Umukama, we n’abo mu rugo rwiwe bose. Nuko benshi mu Bakorinto bumvise ubutumwa batangura kwizera, barabatizwa.
9 Vyongeye, mw’ijoro Pawulo arerekwa, Umukama amubwira ati: «Ntutinye, ahubwo guma uvuga, ntucereze
10 kubera ko ndi kumwe nawe+. Nta n’umwe azogutera ngo akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara.»
11 Nuko aguma ng’aho umwaka umwe n’amezi atandatu, abigisha ijambo ry’Imana.
12 Igihe Galiyo yari buramatari* wa Akaya, Abayuda barwanya Pawulo bahuje inama, bamujana imbere y’intebe y’imanza.
13 Bavuga bati: «Uyu muntu ariko yosha abantu gusenga Imana mu buryo buteye kubiri n’amategeko.»
14 Mugabo Pawulo agira afate ijambo, Galiyo abwira Abayuda ati: «Yemwe Bayuda, iyaba koko mumwagiriza ikibi canke icaha gikomeye, nari kuba ndonse imvo yo kwihangana nkabumviriza.
15 Mugabo nimba ari ibihari bifatiye ku majambo, ku mazina no ku mategeko yanyu+, nimuvyitunganirize. Sinshaka guca imanza z’ivyo bintu.»
16 Ni kwo guca abirukana imbere y’intebe y’imanza.
17 Nuko bose bacakira Sositene+ umukuru w’isinagogi, batangura kumukubitira imbere y’intebe y’imanza. Mugabo Galiyo yanka kuvyisukamwo.
18 Ariko Pawulo ahamara iyindi misi itari mike maze asezera abavukanyi, hanyuma afata ubwato aja i Siriya ari kumwe na Prisila na Akwila. Yari yigabanishije umushatsi i Kenkireya+ kubera indagano yari yagize.
19 Nuko bashika i Efeso, abasiga mu gisagara, aja mw’isinagogi, afasha Abayuda kuzirikana+.
20 Baguma bamusaba ngo abe aragumyeyo mugabo ntiyemera
21 ahubwo arabasezera, ababwira ati: «Nzogaruka kubaraba Yehova* niyabigomba.» Aca afata ubwato ava i Efeso
22 amanuka i Sezariya. Hanyuma araduga*, aramutsa ishengero, araheza amanuka i Antiyokiya+.
23 Amazeyo igihe gitoyi, avayo aragenda, ava hamwe aja ahandi mu ntara ya Galatiya n’i Firijiya+, akomeza abigishwa bose+.
24 Nuko Umuyuda umwe yitwa Apolo+ avuka i Alegizandiriya, ashika i Efeso. Yari umugabo azi kuvuga kandi w’umuhanga mu Vyanditswe.
25 Uwo mugabo yari yarigishijwe* inyigisho* za Yehova*. Yararurumba impwemu, akavuga akongera akigisha neza ivyerekeye Yezu, mugabo yari azi gusa ibatisimu ya Yohani.
26 Atangura kuvugana ubutinyutsi mw’isinagogi. Aho Prisila na Akwila+ bamwumviye, baramwikebukanya baja kumusigurira neza inyigisho* z’Imana.
27 Vyongeye, kubera ko yashaka kujabuka akaja i Akaya, abavukanyi bandikira abigishwa, babasaba ngo bazomwakire neza. Nuko ashitseyo, afasha cane abari bamaze kwizera babikesheje ubuntu buhebuje* bw’Imana.
28 Yarahinyuza rwose Abayuda n’ishaka ryinshi kandi ku mugaragaro, akabereka yuko Yezu ari we Kristu akoresheje Ivyanditswe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ashikiriza insiguro», «abafasha kuzirikana.»
^ Ni ukuvuga mw’isinagogi.
^ Yari buramatari w’intara iganzwa n’Uburoma.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Biboneka ko yaduze i Yeruzalemu.
^ Canke «yarigishijwe ku munwa.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «inzira.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «inzira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.