Ivyakozwe n’intumwa 25:1-27

  • Pawulo arengutswa imbere ya Fesito (1-12)

    • «Ndungururije kwa Sezari!» (11)

  • Fesito agisha inama umwami Agiripa (13-22)

  • Pawulo imbere ya Agiripa (23-27)

25  Haciye imisi itatu Fesito+ ashitse mu ntara ya Yudaya, agashikira amabanga ajejwe, ava i Sezariya aduga i Yeruzalemu.  Hanyuma abakuru b’abaherezi n’abantu bakurubakuru bo mu Bayuda barega Pawulo kuri Fesito+. Nuko batangura kumwinginga  ngo abafashe* atumeko Pawulo aze i Yeruzalemu. Mugabo bariko bategura ingene botegera Pawulo ngo bamwicire mu nzira+.  Ariko Fesito abishura yuko Pawulo yari kuguma acungiwe i Sezariya be n’uko we ubwiwe yagira asubireyo vuba.  Avuga ati: «Abakuru bo muri mwebwe bazoze rero tumanukane bamwagirize, nimba vy’ukuri hari ikibi yakoze+  Nuko amaze imisi itarenga umunani canke cumi ari kumwe na bo, amanuka i Sezariya, hanyuma bukeye yicara ku ntebe y’imanza, ategeka ko bazana Pawulo.  Ashitse, Abayuda bari bamanutse bavuye i Yeruzalemu baramukikuza, bamurega ibirego vyinshi bikomakomeye batashobora gutangira ivyemeza+.  Mugabo Pawulo yiregura ati: «Nta caha na kimwe nakoze haba ku bijanye n’amategeko y’Abayuda, urusengero canke Sezari+  Kubera ko Fesito yashaka gushimwa n’Abayuda+, yishura Pawulo ati: «Woba wipfuza kuduga i Yeruzalemu ngo abe ari ho ucirirwa urubanza imbere yanje ku bijanye n’ivyo bintu?» 10  Mugabo Pawulo avuga ati: «Mpagaze imbere y’intebe y’imanza ya Sezari, aho mbwirizwa gucirwa urubanza. Nta kibi na kimwe nakoreye Abayuda, nk’uko nawe uriko uravyibonera neza. 11  Nimba vy’ukuri ndi inkozi y’ikibi kandi hakaba hari ikintu nakoze cotuma nicwa+, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo aba bantu banyagiriza bidafashe, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kunshikiriza abanyagiriza kugira abanezereze. Ndungururije kwa Sezari+ 12  Maze Fesito amaze kuvugana n’abajanama, yishura ati: «Ko wungururije kwa Sezari, uzorenguka imbere ya Sezari.» 13  Haciye imisi mikeyi, umwami Agiripa na Berenise bashika i Sezariya baje kuramutsa Fesito. 14  Bamazeyo imisi itari mike, Fesito ashikiriza umwami ikibazo ca Pawulo ati: «Hari umugabo Felisi yasize mw’ibohero, 15  kandi igihe nari i Yeruzalemu abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bo mu Bayuda baramundezeko+, basaba yuko yokubitwa intahe mu gahanga. 16  Mugabo nabishuye yuko mu migenzo y’Abaroma ata muntu n’umwe ashobora gushikirizwa abamwagiriza mu ntumbero yo kubanezereza, uwagirizwa atarahura na bo amaso mu yandi ngo aronke akaryo ko kwiregura ivyo aregwa+. 17  Igihe rero bashika ino, sinatebaganye, ahubwo ku musi ukurikira naciye nicara ku ntebe y’imanza, ndengutsa nya mugabo. 18  Abamwagiriza barafashe ijambo, ariko nta kirego na kimwe bamwagirije mu bibi niyumvira ko yakoze+. 19  Nasanze bafitaniye gusa amatati ajanye n’idini ryabo*+ be n’ivyerekeye umugabo yitwa Yezu yapfuye, mugabo Pawulo akaguma yemeza ko ari muzima+. 20  Mbonye ayo matati ananiye gutorera umuti, nca ndamubaza ko yoshima kuja i Yeruzalemu akaba ari ho acirirwa urubanza kuri ivyo bintu+. 21  Mugabo aho Pawulo yungururije agasaba kuguma apfunzwe arindiriye ingingo ifatwa na Nyenicubahiro*+, nategetse ko aguma mw’ibohero gushika ndamurungitse kwa Sezari.» 22  Agiripa abwira rero Fesito ati: «Na jewe noshima kwumviriza uwo muntu+.» Na we avuga ati: «Ejo uzomwumviriza.» 23  Bukeye rero, Agiripa na Berenise binjira ahacirwa imanza. Bazananye icubahiro n’ukwiyerekana vy’agatangaza bari kumwe n’abakomanda hamwe n’abanyacubahiro bo mu gisagara. Maze Fesito atanga itegeko, bazana Pawulo. 24  Fesito avuga ati: «Mwami Agiripa namwe mwese muri kumwe natwe ng’aha, Abayuda bose baba ab’i Yeruzalemu n’ino baranyituye ku vyerekeye uyu mugabo mubona, basemerera bavuga ko adakwiye kubandanya kubaho+. 25  Mugabo nabonye ko ata kintu na kimwe yari yakoze cotuma yicwa+. Aho rero uyu mugabo ubwiwe yungururije kwa Nyenicubahiro, nafashe ingingo yo kumurungikayo. 26  Mugabo nta kintu gitomoye mfise nokwandikira Databuja* ku bijanye n’uyu muntu. Ni co gituma ndamuzanye imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo niyamara gusambishwa, ndonke ico nandika. 27  Kuko mbona ko bisa n’ibitumvikana kurungika imbohe sinerekane n’ivyo yagirizwa.»

Utujambo tw'epfo

Canke «abagirire ubuntu.»
Canke «no gusenga imana yabo.»
Canke «Ogisito.» Iryo ni izina ry’icubahiro ryahabwa umwami w’abami w’Umuroma.
Mu kigiriki havuga ngo «Umukama wanje.»