Ivyakozwe n’intumwa 3:1-26
3 Umusi umwe Petero na Yohani bariko baraduga ku rusengero mu gihe co gusenga. Hari nk’isaha icenda.
2 Muri uwo mwanya, hari abantu bari bazanye umugabo yamugaye amaguru kuva akivuka, bamuteruye. Imisi yose bama bamushira hafi y’irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza, kugira asabe imfashanyo* abinjira mu rusengero.
3 Akubise ijisho Petero na Yohani bagira binjire mu rusengero, atangura kubasaba ngo bamufashe.
4 Petero na Yohani baca bamuhanga amaso, maze Petero amubwira ati: «Nuturabe.»
5 Nuko abahanga amaso, yiteze ko hari ico bagira bamuhe.
6 Ariko Petero amubwira ati: «Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti, tambuka+!»
7 Aca amufata ukuboko kw’ukuryo, aramuhagurutsa+. Ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo* bica birakomera+.
8 Aca arasimba+, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero. Agenda aratambuka yongera asimbagurika, ashemeza Imana.
9 Abantu bose baramubona atambuka yongera ashemeza Imana.
10 Baramumenya, bibuka ko ari umwe yahora yicara kw’irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza+, asaba imfashanyo. Baratangara cane, barikugura kubera ivyari bimubayeko.
11 Uwo mugabo acumiye kuri Petero na Yohani, abantu bose baca birukira icarimwe aho bari mu kibanza citwa ibaraza rya Salomo+, bakubiswe n’inkuba.
12 Petero ngo abibone, ababwira ati: «Bagabo bo muri Isirayeli, kubera iki ivyo bibatangaje cane? Kubera iki muduhanga amaso nk’aho umenga ububasha bwacu canke kuba twihebera Imana ni vyo vyatumye atambuka?
13 Imana ya Aburahamu, iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaraninahaje Umusavyi wayo+ Yezu+, umwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, kandi yari yafashe ingingo yo kumurekura.
14 Emwe, mwarihakanye uwo mweranda akaba n’umugororotsi, maze musaba ngo babahe umugabo w’umwicanyi+,
15 ariko mwica ya Mboneza y’ubuzima+. Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, kandi turi ivyabona vy’ico kintu+.
16 Izina ryiwe no kuba turyizera ni vyo vyatumye uwo mugabo mubona kandi muzi akomera. Ukwizera dufise biciye kuri Yezu ni kwo gutumye uwo mugabo akira neza nk’uko mwese muvyibonera.
17 None rero benewacu, ndazi ko ivyo mwakoze mwabikoze kubera ukutamenya+, cokimwe n’abatware banyu+.
18 Ariko Imana yaremeye ivyo vyose biraba kugira ishitse ivyo yamenyesheje imbere y’igihe biciye ku bahanuzi bose, yuko Kristu wayo yobabajwe+.
19 Nimwigaye+ rero kandi muhindukire+ kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, maze ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye kuri Yehova ubwiwe*,
20 arungike na Kristu yagenywe ku bwanyu, ari we Yezu.
21 Ijuru ritegerezwa kumugumya gushika hageze ko ibintu vyose bisubizwa mu buryo, bimwe Imana yavuga biciye ku bahanuzi bayo beranda ba kera.
22 Nkako, Musa yavuze ati: “Yehova* Imana yanyu azobaha umuhanuzi ameze nkanje+, amukuye muri benewanyu. Mukwiye kwumviriza ivyo ababwira vyose+.
23 Kandi umuntu wese atazokwumviriza uwo Muhanuzi azorandurwa mu bantu+.”
24 Vyongeye, abahanuzi bose kuva kuri Samweli n’abamukurikiye, emwe abavuze bose, na bo nyene baravuze ivy’iyi misi batomora+.
25 Mwebwe muri abana b’abahanuzi n’ab’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu+, igihe yabwira Aburahamu iti: “Kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye ku ruvyaro* rwawe+.”
26 Ni mwebwe Imana yabanje gutumako Umusavyi wayo+, imaze kumuhagurutsa. Yabigize kugira ibahezagire mu gutuma umwe wese muri mwebwe ahindukira agaheba ibikorwa vyiwe bibi.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ingabire z’imbabazi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingabire z’imbabazi).
^ Canke «n’amaso y’ibirenge vyiwe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu maso ya Yehova.» Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ku rubuto.»