Kuvayo 13:1-22

  • Ibivutse ubwa mbere vyose ni ivya Yehova (1, 2)

  • Umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro (3-10)

  • Ibivutse ubwa mbere vyose bitegerezwa guhabwa Imana (11-16)

  • Abisirayeli bagenda berekeza ku kiyaga Gitukura (17-20)

  • Inkingi y’igicu n’umuriro (21, 22)

13  Yehova yongera kubwira Musa ati:  «Nshirira ku ruhande* abahungu bose b’imfura muri Isirayeli. Umuhungu wese w’imfura n’igitungwa cose c’ikigabo kivutse ubwa mbere* ni rwanje+  Musa aca abwira abantu ati: «Muzokwame mwibuka uyu musi muviriyeko mu Misiri+, igihugu mwabayemwo muri abashumba*, kuko Yehova yabakujeyo ukuboko kwiwe gukomeye+. Ntimuze murye ikintu na kimwe kirimwo umwambiro.  Uyu musi nyene muri uku kwezi kwa Abibu* muraza kuva mu Misiri+.  Imana yararahiye ba sokuruza banyu ko izobaha igihugu+ c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abahiwi n’Abayebusi+. Ni igihugu gitemba amata n’ubuki+. Yehova rero niyamara kubashikanayo, muzokwame muhimbaza uyu musi mukuru muri uku kwezi.  Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+, kandi ku musi ugira indwi muzohimbaza umusi mukuru wa Yehova.  Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. Ntihaze hagire ikintu kirimwo umwambiro kiboneka iwanyu+. Nta mwambiro* ukwiye kuboneka mu karere kanyu kose.  Kuri uwo musi, muze musigurire abana banyu muti: “Ibi turiko tubikora kubera ivyo Yehova yatugiriye igihe twava mu Misiri+.”  Uwo musi mukuru uzobabera nk’ikimenyetso ku maboko yanyu no mu ruhanga rwanyu*+ kugira itegeko rya Yehova ryame mu kanwa kanyu, kuko Yehova yabakuye mu Misiri akoresheje ukuboko gukomeye. 10  Mutegerezwa kwubahiriza iryo tegeko buri mwaka+, igihe nashinze kigeze. 11  Yehova niyabashikana mu gihugu ca Kanani nk’uko yabarahiye akarahira na ba sokuruza banyu ko azokibaha+, 12  muze muhebere Yehova umuhungu wese w’imfura n’igitungwa cose c’ikigabo kivutse ubwa mbere*. Ikigabo cose kivutse ubwa mbere ni ica Yehova+. 13  Indogobwa yose ivutse ubwa mbere muze muyicunguze intama, ariko nimutayicungura muze muyivune izosi. Kandi muze mucungure umuhungu wese w’imfura mu bana banyu+. 14  Abahungu banyu nibababaza bati: “Ibi bisobanura iki?” Muze mubishure muti: “Yehova yadukuye mu gihugu ca Misiri akoresheje ukuboko gukomeye, igihugu twabayemwo turi abashumba*+. 15  Farawo yagumye akomantaza umutima wiwe aranka kuturekura+, Yehova aca yica imfura zose zo mu Misiri n’ibitungwa vyose vyavutse ubwa mbere+. Ni co gituma turiko turashikanira Yehova igitungwa cose c’ikigabo cavutse ubwa mbere tukongera tugacungura imfura zose mu bahungu bacu.” 16  Uwo musi mukuru uzobabera nk’ikimenyetso ku maboko yanyu no mu ruhanga rwanyu*+, kuko Yehova yadukuye mu Misiri akoresheje ukuboko gukomeye.» 17  Igihe Farawo yarekura Abisirayeli ngo bagende, Imana ntiyabacishije mu nzira ica mu gihugu c’Abafilisitiya naho ari ho hari hafi. Yabigize gutyo kuko yavuga iti: «Hamwe aba bantu bobona intambara, bohava bahindura ivyiyumviro bagasubira mu Misiri.» 18  Nuko Imana izungurutsa Abisirayeli, ibacisha mu nzira yo mu bugaragwa hafi y’ikiyaga Gitukura+. Kandi Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri batonze nk’abagiye ku rugamba. 19  Musa ajana kandi amagufa ya Yozefu, kuko Yozefu yari yararahije bene Isirayeli ashimitse ati: «Imana ntizobura kubitwararika, muze mujane amagufa yanje muyakure ino+ 20  Baraheza bava i Sukoti maze bakambika i Etamu, aho ubugaragwa butangurira. 21  Ku murango Yehova yagendera imbere yabo mu nkingi y’igicu kugira abereke inzira+, mw’ijoro na ho akagendera mu nkingi y’umuriro kugira abamurikire. Ivyo vyatuma bagenda ijoro n’umurango+. 22  Iyo nkingi y’igicu ntiyava imbere yabo ku murango, kandi n’iyo nkingi y’umuriro ntiyahava mw’ijoro+.

Utujambo tw'epfo

Canke «c’uburiza.»
Canke «niweze.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Kari agakandu gatoyi bakoresha nk’umwambiro.
Canke «nk’ikimenyetso ku maboko yanyu n’icibutso hagati y’amaso yanyu.»
Canke «igitungwa cose c’uburiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Canke «nk’ikimenyetso ku maboko yanyu n’agatambara mutubika mu ruhanga rwanyu.»