Kuvayo 18:1-27

  • Yetiro na Zipora bashika (1-12)

  • Yetiro ahanura Musa kugena abacamanza (13-27)

18  Hanyuma Yetiro umuherezi w’i Midiyani, sebukwe wa Musa+, yumva ibintu vyose Imana yari yarakoreye Musa n’abantu bayo b’Abisirayeli, ingene Yehova yari yarabakuye mu Misiri+.  Yetiro sebukwe wa Musa yari yarakiriye Zipora umugore wa Musa, igihe Musa yamurungika iwabo  ari kumwe n’abahungu biwe babiri+. Umuhungu umwe Musa yari yamwise Gerushomu*+, kuko yavuga ati: «Nabaye muri iki gihugu ndi kavamahanga.»  Uwundi yari yamwise Eliyezeri*, kuko yavuga ati: «Imana ya data ni umufasha wanje. Yarankijije inkota ya Farawo+  Nuko Yetiro sebukwe wa Musa, ari kumwe n’abahungu ba Musa n’umugore wiwe, aja kuraba Musa mu bugaragwa aho yari ashinze ihema ku musozi w’Imana y’ukuri+.  Maze atuma intumwa kuri Musa ati: «Jewe sobukwe Yetiro+, ndaje kukuraba ndi kumwe n’umugore wawe n’abahungu bawe babiri.»  Musa aca arasohoka aja gusanganira sebukwe, arunama mu maso hashika hasi maze aramusoma. Baca batangura kubazanya amakuru, baraheza binjira mw’ihema.  Musa aca yiganira sebukwe ibintu vyose Yehova yakoreye Farawo n’igihugu ca Misiri kubera Abisirayeli+. Amwiganira n’ingorane zose zabashikiye mu nzira+ n’ingene Yehova yabarokoye.  Yetiro aca aranezerwa kubera ivyiza vyose Yehova yakoreye Abisirayeli mu kubarokora mu Misiri. 10  Aca avuga ati: «Hashemezwe Yehova we yabarokoye mu Misiri akabakiza Farawo, we yakijije abantu biwe agacinyizo k’Abanyamisiri. 11  Ubu rero ndamenye ko Yehova aruta izindi mana zose+, kubera ivyo yakoreye abishima ku bantu biwe.» 12  Maze Yetiro sebukwe wa Musa azana ishikanwa riturirwa n’ibimazi vyo gushikanira Imana. Aroni n’abashingantahe bose bo muri Isirayeli baca baza gusangira ibifungurwa na sebukwe wa Musa, babirira imbere y’Imana y’ukuri. 13  Bukeye, Musa aricara kugira acire imanza abantu nk’uko yari asanzwe abigira, kandi abantu baguma bahagaze imbere yiwe kuva mu gitondo gushika ku mugoroba. 14  Sebukwe abonye ibintu vyose akorera abantu, aca amubaza ati: «Kubera iki ukora gutyo? Kubera iki uguma wicaye ng’aho wenyene, abantu bose bakaguma bahagaze imbere yawe kuva mu gitondo gushika ku mugoroba?» 15  Musa amwishura ati: «Ni uko baguma baza iwanje gusiguza Imana. 16  Igihe abantu bafitaniye urubanza, baca barunzanira nanje nkarubacira. Ndaheza nkabamenyesha ingingo z’Imana y’ukuri n’amategeko yayo+ 17  Sebukwe aca amubwira ati: «Nturiko ukora mu buryo bwiza. 18  Uburuhe buzokwica mwe n’aba bantu muri kumwe. Iki gikorwa kirakurengeye, ntiwogishobora wenyene. 19  Umve rero nkugire inama, kandi Imana izobana nawe+. Wewe nuserukire abantu imbere y’Imana y’ukuri+, uze urashikana ibibazo vyabo imbere yayo+. 20  Uze ubigishe ingingo z’Imana n’amategeko yayo+, kandi ubamenyeshe inzira bakwiye kugenderamwo n’ivyo bakwiye gukora. 21  Ariko uzotore abagabo babishoboye+, batinya Imana, b’abizigirwa kandi banka itunga ribi+ maze ubagire abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi+. 22  Bazoza baratunganiriza abantu igihe havyutse imanza*. Imanza zigoye bazozikuzanira+, na bo baze baraca izoroshe. Niwiremurure, ureke bagufashe kwikorera umutwaro+. 23  Niwabigenza gutyo kandi n’Imana ikabikwemerera, bizogenda neza kandi n’abantu bose bazotaha banezerewe.» 24  Musa aca yumvira sebukwe, akora ivyo amubwiye vyose. 25  Araheza atora muri Isirayeli abagabo babishoboye, abagira abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi. 26  Nuko baza baratunganiriza abantu igihe havyutse imanza. Imanza zigoye bazizanira Musa+, na bo bakaza baraca izoroshe. 27  Inyuma y’ivyo Musa aherekeza sebukwe+, asubira mu gihugu iwabo.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «kuba ahantu uri kavamahanga.»
Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni umufasha.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihe cose.»