Kuvayo 38:1-31

  • Igicaniro c’amashikanwa aturirwa (1-7)

  • Ikibesani c’umujumpu (8)

  • Ikigo (9-20)

  • Urutonde rw’ibikoresho vyo kwubaka ihema ryeranda (21-31)

38  Hanyuma akora ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa mu giti c’umunyinya. Cari ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe* zitanu, ubwaguke bw’intambwe zitanu n’amahagarara y’intambwe zitatu+.  Aca akora amahembe yaco ku mfuruka zaco zine, kandi ayo mahembe yari afatanye na co. Araheza agihomekako umujumpu+.  Inyuma y’ivyo, akora ibikoresho vyose vy’ico gicaniro, ni ukuvuga utudobo, ibipawa, amabakure, amakanya n’udupanu tujamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose yabikoze mu mujumpu.  Agikorera kandi akayungiro k’umujumpu, agashira munsi y’imbiga zaco, akamanura hagati na hagati yaco.  Akora imikono* ine ku mfuruka zine zaco hafi ya ka kayungiro k’umujumpu, kugira izofate ibibando* vyo kugiterura.  Hanyuma akora ibibando mu giti c’umunyinya, abihomekako umujumpu.  Araheza acomeka ivyo bibando mu mikono iri ku mpande z’ico gicaniro, kugira babikoreshe mu kukirerura. Yagikoze nk’isandugu y’imbaho irangaye.  Aca akora mu mujumpu ca kibesani*+ be n’ico bagiterekako. Yabikoze mu vyirore* vy’abagore bakorera* ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.  Mu nyuma atunganya ikigo+. Ku ruhande rwo mu bumanuko rw’ico kigo ahazitiza ibitambara bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye, bifise uburebure bw’intambwe 100+. 10  Rwari rufise inkingi 20 n’udutafari 20 dutoboye bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho* twazo vyari bikozwe mw’ifeza. 11  Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene rwariko ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 100. Rwari rufise inkingi 20 n’udutafari 20 dutoboye bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. 12  Ariko uruhande rwo mu burengero rwariko ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 50. Rwari rufise inkingi cumi n’udutafari dutoboye cumi. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. 13  Ubwaguke bwo ku ruhande rwo mu buseruko bwangana n’intambwe 50. 14  Ku ruhande rumwe rw’irembo hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye. 15  Ku rundi ruhande rw’irembo ry’ikigo, hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye. 16  Ibitambara vyose vyari bikikuje ico kigo vyari bikozwe mw’ilino nziza itsivye. 17  Udutafari dutoboye tw’izo nkingi twari dukozwe mu mujumpu. Udusumari twazo n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. Imitwe y’izo nkingi yari ihometseko ifeza, kandi udufatanisho tw’inkingi zose zikikuje ico kigo twari dukozwe mw’ifeza+. 18  Irido* yo kw’irembo ry’ico kigo yari ijishwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Yari ifise uburebure bw’intambwe 20 n’amahagarara y’intambwe 5, kandi yanganya amahagarara n’ibitambara vyari bigize ico kigo+. 19  Inkingi zayo zine n’udutafari twazo dutoboye vyari bikozwe mu mujumpu. Udusumari twazo n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. Imitwe y’izo nkingi yari ihometseko ifeza. 20  Imambo zose z’iryo hema ryeranda n’iz’uruzitiro zari zikozwe mu mujumpu+. 21  Ng’uru urutonde rw’ivyakoreshejwe mu kwubaka rya hema ryeranda, ni ukuvuga ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano*+. Musa ni we yategetse Abalewi+ kugira urwo rutonde, bahagarikiwe na Itamari+ umuhungu wa Aroni umuherezi. 22  Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri umuhungu wa Huru wo mu muryango wa Yuda, yakoze ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose. 23  Yari kumwe na Oholiyabu+ umuhungu wa Ahisamaki wo mu muryango wa Dani, umuhinga mu gukora ibikorwa vyose vy’utugenegene, ivyo kudesa, ivyo kujisha ukoresheje inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza. 24  Inzahabu zose zakoze ku bikorwa vyose vy’ahantu heranda zari zatanzwe nk’ishikanwa bazungagiza+. Zangana n’italanto* 29 na shekeli* 730 ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda*. 25  Ifeza zatanzwe n’abo mw’ishengero banditswe zangana n’italanto 100 na shekeli 1.775, ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda. 26  Umuntu wese yiyandikishije kuva ku myaka 20 kuduga, yazana inusu ya shekeli+, ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda. Abiyandikishije bose bari 603.550+. 27  Hakoreshejwe italanto 100 z’ifeza mu gukora udutafari dutoboye tw’ahantu heranda n’udutafari dutoboye tw’irido. Italanto 100 zakoze udutafari 100, italanto imwe ku gatafari+. 28  Za shekeli 1.775 z’ifeza yazikozemwo udusumari twa za nkingi yongera azihomeka ku mitwe y’izo nkingi, hanyuma azifataniriza hamwe. 29  Ishikanwa* ry’umujumpu ryari italanto 70 na shekeli 2.400. 30  Ivyo yabikozemwo udutafari dutoboye two kw’irembo ry’ihema ry’ibonaniro, ca gicaniro c’umujumpu, akayungiro kaco k’umujumpu, ibikoresho vyaco vyose, 31  udutafari dutoboye tw’uruzitiro rw’ikigo, udutafari two kw’irembo ry’ikigo, imambo zose z’ihema ryeranda n’imambo zose+ z’uruzitiro rw’ikigo.

Utujambo tw'epfo

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Canke «ca gikono.»
Ni ukuvuga ivyirore bikozwe mu butare busenye neza.
Canke «bakora igikorwa gitunganijwe neza.»
Canke «imikono», «ibigombo.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «igikingirizo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Canke «shekeli nyeranda.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ishikanwa bazungagiza.»