Luka 10:1-42

  • Yezu arungika bamwe 70 kwamamaza (1-12)

  • Ibisagara bitigaya biragowe (13-16)

  • Bamwe 70 bagaruka (17-20)

  • Ashemeza Se wiwe kubera yitaho abantu batobato (21-24)

  • Ikigereranyo c’Umusamariya w’imbabazi (25-37)

  • Yezu aja kwa Mariya na Marita (38-42)

10  Inyuma y’ivyo, Umukama atora abandi bigishwa 70, abatuma ari babiribabiri+ mu bisagara vyose n’ahantu hose yagira aje.  Maze ababwira ati: «Emwe, ivyimburwa ni vyinshi, ariko abakozi ni bake. Nimwinginge rero uwujejwe iyimbura arungike abakozi mu vyimburwa vyiwe+.  Nimugende! Ndabatumye nk’imyagazi y’intama mu mabingira+.  Ntimutware amahera* canke umufuko w’ibifungurwa canke ibirato*+, kandi ntihagire uwo muramutsa* mu nzira.  Inzu yose mwinjiyemwo, mubanze muvuge muti: “Iyi nzu nigire amahoro+.”  Nimba ng’aho hariho umugenzi w’amahoro, amahoro yanyu azomuzako. Mugabo nimba ata wuhari, amahoro yanyu azobagarukako.  Nuko mugume muri iyo nzu+, murya mwongera munywa ivyo babahaye+, kuko umukozi akwiriye impembo+. Ntimugume mwimuka muva mu nzu imwe muja mu yindi.  Vyongeye, igisagara cose muzokwinjiramwo bakabakira, muze murye ivyo babazimanye,  mukize abarwaye bo muri co maze mubabwire muti: “Ubwami bw’Imana buri hafi yanyu+.” 10  Mugabo igisagara cose muzokwinjiramwo ntibabakire, muzoce muja mu mabarabara maninimanini yaho maze muvuge muti: 11  “Mbere n’umukungugu wo mu gisagara canyu wafashe ku birenge vyacu, turawukunkumuye kugira bibabere icabona+. Ariko mumenye ko Ubwami bw’Imana buri hafi.” 12  Ndababwiye ko ku musi w’urubanza, ivy’igihugu ca Sodomu bizoba bigendeka kuruta ivy’ico gisagara+. 13  Uragowe Korazini! Uragowe Betsayida! Kuko ibitangaro vyakorewe iwanyu iyo biza kuba vyakorewe i Tiro n’i Sidoni, abantu bo muri ivyo bisagara baba barigaye kera bambaye amagunira kandi bicaye mu minyota+. 14  Ni co gituma ku musi w’urubanza, ivya Tiro na Sidoni bizoba bigendeka kuruta ivyanyu. 15  Nawe Kaperinawumu, wibaza ko uzoduga gushika kw’ijuru? Ahubwo uzomanuka mu kuzimu! 16  Uwubumvirije na jewe aba anyumvirije+, kandi uwubakengereye na jewe aba ankengereye. Vyongeye, uwunkengereye aba akengereye n’uwantumye+ 17  Bamwe 70 rero bagaruka banezerewe maze bamubwira bati: «Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe+ 18  Yezu ababwira ati: «Nabonye ko Shetani yamaze gukoroka+ nk’umuravyo ava mw’ijuru. 19  Ehe nabahaye ububasha bwo guhonyanga inzoka na za sikorupiyo*, n’ubwo kunesha ububasha bwose bw’umwansi+, kandi nta kintu na kimwe kizobagirira nabi. 20  Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru+ 21  Muri uwo mwanya nyene, aca yuzura akanyamuneza kubera impwemu nyeranda maze avuga ati: «Ndagushemeza icese Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge+ uvyitondeye, ariko ukabihishurira abana batoyi. Ego cane Dawe, kuko washimye kubigenza gutyo+. 22  Dawe yarampaye ibintu vyose. Nta muntu n’umwe azi Umwana uwo ari we atari Dawe, kandi nta muntu n’umwe azi Dawe uwo ari we atari Umwana+ be n’uwo wese Umwana ashatse kumuhishurira+ 23  Aca arahindukira araba abigishwa, maze ababwira ari bonyene ati: «Hahiriwe amaso abona ibintu muriko murabona+. 24  Ndababwiye ko abahanuzi benshi n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona, ariko ntibabibonye+. Baripfuje no kwumva ivyo muriko murumva, ariko ntibavyumvise.» 25  Umuntu umwe w’umuhinga mu vy’amategeko aca arahaguruka kugira amugeze, amubwira ati: «Mwigisha, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera+ 26  Yezu amubwira ati: «Handitswe iki mu mategeko? Usomamwo iki?» 27  Na we amwishura ati: «“Utegerezwa gukunda Yehova* Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose+”, hamwe na “mugenzawe nk’uko wikunda+.”» 28  Aca amubwira ati: «Wishuye neza. Guma ukora ivyo uzoronka ubuzima+ 29  Mugabo uwo muntu ashaka kwerekana ko ari umugororotsi+, aca abaza Yezu ati: «Mugenzanje ni nde?» 30  Yezu amwishura ati: «Umuntu umwe yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko maze agwa mu bambuzi. Baca baramwiba bongera baramukubita, hanyuma barigira bamusiga ari mu gupfa. 31  Bica bihurirana n’uko umuherezi umwe yariko amanukana iyo nzira, hanyuma amubonye, aca yicira hirya arirenganira. 32  N’Umulewi yarashitse aho hantu aramubona, aca yicira hirya arirenganira. 33  Ariko hari Umusamariya+ umwe yariko aca muri iyo nzira. Ashitse aho ari akamubona, amutera ikigongwe. 34  Aca aramwegera, atubika ibikomere vyiwe, abisukako amavuta n’umuvinyu. Araheza amwuriza ku gitungwa ciwe, amujana aho ingenzi zirara maze aramwitwararika. 35  Bukeye, aca asokorora idenariyo* zibiri aziha uwujejwe aho hantu, amubwira ati: “Uramwitwararika, kandi ikintu cose uzokoresha kirenze kuri ibi, nzokikuriha ngarutse.” 36  Muri abo batatu, ubona ari nde yabaye umugenzi+ w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?» 37  Amwishura ati: «Ni uwo yamugiriye imbabazi+.» Yezu aca amubwira ati: «Genda nawe uze uragira ukwo nyene+ 38  Hanyuma babandanya urugendo maze binjira mu kigwati kimwe. Umugore yitwa Marita+ aca aramwakira muhira iwe. 39  Uwo mugore yari afise mwenewabo yitwa Mariya. Uwo mwenewabo aca yicara imbere y’ibirenge vy’Umukama, aguma yumviriza ivyo avuga*. 40  Ariko Marita yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi. Aca yegera Yezu, amubwira ati: «Mukama, nta co bikubwiye kubona mwenewacu yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.» 41  Umukama amwishura ati: «Marita, Marita, uriganyira kandi ugahagarikwa umutima n’ibintu vyinshi. 42  Ariko ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Mariya we yahisemwo umugabane mwiza+, kandi ntazowakwa.»

Utujambo tw'epfo

Canke «agasaho k’amahera.»
Canke «isandari.»
Canke «ntihagire uwo mugwa mu nda mu kumuramutsa.»
Canke «n’utumina.»
Mu kigiriki havuga ngo «ijambo ryiwe.»