Luka 13:1-35

  • «Nimutigaya muzopfa» (1-5)

  • Ikigereranyo c’igiti c’umusukoni kitama (6-9)

  • Yezu akiza umugore amugaye kw’isabato (10-17)

  • Ikigereranyo c’agatete ka sinapi n’umwambiro (18-21)

  • «Mwihate cane kugira muce mw’irembo ryaga» (22-30)

  • «Iyo mbwebwe» Herodi (31-33)

  • Yezu aririra Yeruzalemu (34, 35)

13  Muri ico gihe, bamwe mu bari ng’aho biganira Yezu ibijanye n’Abanyagalilaya Pilato yishe, agaca avanga amaraso yabo n’ibimazi vyabo.  Aca ababwira ati: «Mbega mwibaza ko abo Banyagalilaya bashikiwe n’ivyo bintu kubera bari abacumuzi kuruta abandi Banyagalilaya bose?  Habe namba! Ariko nimutigaya, mwese muzopfa+ gutyo nyene.  Canke bamwe 18 umunara wagwako i Silowamu ukabica, mwibaza ko bari abanyavyaha kurusha abandi bose baba i Yeruzalemu?  Habe namba! Ariko nimutigaya, mwese muzopfa gutyo nyene.»  Maze abaha ikigereranyo ati: «Umugabo umwe yari afise igiti c’umusukoni gitewe mu murima wiwe w’imizabibu, hanyuma aza kuraba ko camye ivyamwa, ariko asanga nta biriko+.  Aca abwira uwamukorera muri uwo murima ati: “Raba imyaka itatu iraheze nza kurondera ivyamwa kuri iki giti c’umusukoni, ariko nkabura. Cicire! Kuki coguma gipfisha ubusa aha hantu?”  Amwishura ati: “Databuja, kireke uyu mwaka umwe gusa. Ngira nimbe iruhande yaco hanyuma nshireyo intabire.  Nicama ivyamwa, bizoba ari vyiza. Ariko nikitama, uzoce ucicira+.”» 10  Igihe kimwe, Yezu yariko arigisha mw’isinagogi ku musi w’isabato. 11  Ng’aho hariho umugore yari amaze imyaka 18 arimwo impwemu yamumugaje*. Yagenda yunamye kandi ntiyashobora kugororoka na gato. 12  Yezu amubonye, aca amubwira ati: «Wa mugore* we, ubumuga bwawe burakize+ 13  Aca amurambikako ibiganza, ubwo nyene aca aragororoka, atangura kuninahaza Imana. 14  Umukuru w’isinagogi aca arashavura kubera Yezu amukijije kw’isabato, maze abwira abantu ati: «Hari imisi itandatu yo gukora+. Muze muraza abakize kuri iyo misi, atari ku musi w’isabato+ 15  Ariko Umukama amwishura ati: «Mwa biyorobetsi mwe+! Mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura impfizi yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mugezi+? 16  None ntivyari bibereye ko uyu mugore akomoka kuri Aburahamu, abohorwa ku musi w’isabato, narirya yari amaze imyaka 18 Shetani yaramuboshe?» 17  Avuze ivyo, abamurwanya bose baca baramaramara. Ariko isinzi ryose riranezerwa kubera ibintu vyose vy’agatangaza yari yakoze+. 18  Abandanya kuvuga ati: «Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki? 19  Bumeze nk’agatete ka sinapi umuntu yatoye akagatera mu murima wiwe, hanyuma karakura gacika igiti, maze inyoni zo mu kirere zubaka ivyari mu mashami yaco+ 20  Yongera kuvuga ati: «Mbega Ubwami bw’Imana ndabugereranye n’iki? 21  Bumeze nk’umwambiro umugore yatoye akawuvanga n’ingero zitatu nininini* z’ifu, gushika igikandu cose kivyimvye+ 22  Hanyuma Yezu afata urugendo aja i Yeruzalemu, agenda arigisha ava mu gisagara aja mu kindi no mu kigwati aja mu kindi. 23  Maze umuntu umwe amubaza ati: «Mukama, nankana abazokizwa ni bake?» Na we ababwira ati: 24  «Mwihate cane kugira muce mu muryango waga+. Ndababwiye ko benshi bazorondera kuwucamwo ariko ntibabishobore. 25  Nyene urugo niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara hanze mudodora ku muryango, muvuga muti: “Mushinganta, twugururire+.” Na we azobishura ati: “Sinzi iyo muva.” 26  Muzoca mutangura kuvuga ngo: “Twahora dusangira ibifungurwa n’ibinyobwa, kandi wigishiriza mu mabarabara maninimanini yacu+.” 27  Ariko azobabwira ati: “Sinzi iyo muva. Mva mu maso, mwa nkozi z’ikibi mwese!” 28  Aho ni ho muzoririra kandi ni ho muzohekenyera imisaya*, nimwabona Aburahamu, Izahaki, Yakobo n’abandi bahanuzi bose bari mu Bwami bw’Imana, ariko mwebwe mwaterewe hanze+. 29  Vyongeye, abantu bazoza bavuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bicare ku meza mu Bwami bw’Imana. 30  Mumenye ko hari aba nyuma bazoba aba mbere, hakaba n’aba mbere bazoba aba nyuma+ 31  Muri uwo mwanya nyene, bamwe mu Bafarizayo baca baraza, bamubwira bati: «Va ng’aha ugende, kuko Herodi ashaka kukwica.» 32  Abishura ati: «Genda mubwire iyo mbwebwe muti: “Uyu musi n’ejo ndiko ndirukana amadayimoni nongera nkiza abantu, kandi hirya y’ejo nzoba mpejeje.” 33  Ariko rero, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uyu musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko bitemewe* ko umuhanuzi yicirwa inyuma ya Yeruzalemu+. 34  Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi kandi ukicisha amabuye abagutumweko+! Ni kangahe nashatse kwegeranya abana bawe nka kurya inkokokazi yegeraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo? Ariko mwaravyanse+. 35  Ehe raba inzu yanyu murayitanywe+! Ndababwiye ko mutazosubira kumbona, gushika muvuze muti: “Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+!”»

Utujambo tw'epfo

Canke «impwemu y’ubugoyagoye.»
Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
Mu kigiriki havuga ngo «n’ingero zitatu za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.
Canke «amenyo.»
Canke «bidashoboka.»