Luka 15:1-32

  • Ikigereranyo c’intama yatakaye (1-7)

  • Ikigereranyo c’igiceri catakaye (8-10)

  • Ikigereranyo c’umwana w’icangazi (11-32)

15  Abatozakori bose n’abacumuzi bose baguma bahundara kuri Yezu kugira bamwumvirize+.  Abafarizayo n’abanditsi baguma bavugira mu ntamatama bati: «Uwu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo.»  Aca abaha iki kigereranyo ati:  «Hamwe umwe muri mwebwe yoba afise intama 100 hanyuma agatakaza imwe, ntiyosiga izo 99 mu gahinga akaja kurondera iyo imwe yatakaye gushika ayitoye+?  Aramutse ayitoye, aca ayishira ku bitugu vyiwe kandi akanezerwa.  Hanyuma ashitse muhira, ahamagara abagenzi biwe n’ababanyi, akababwira ati: “Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye+.”  Ukwo nyene ni ko mw’ijuru haba umunezero iyo umucumuzi umwe yigaye+, kuruta abagororotsi 99 badakeneye kwigaya.  Canke hamwe umugore yoba afise ibiceri cumi vy’idarakima* hanyuma akabura kimwe, ntiyocana itara, agakubura inzu yiwe akakirondera yitonze gushika agitoye?  Aramutse agitoye, aca ahamagara abagenzi biwe* n’ababanyi, akababwira ati: “Nimunezeranwe nanje, kuko natoye igiceri c’idarakima nari natakaje.” 10  Ukwo nyene ni ko abamarayika b’Imana banezerwa iyo umucumuzi umwe yigaye+ 11  Hanyuma avuga ati: «Umugabo umwe yari afise abahungu babiri. 12  Umuhungu mutoyi abwira se wiwe ati: “Da, mpa intoranwa yanje.” Se wabo aca abagaburira ivyo atunze. 13  Haciye imisi mikeyi, uwo muhungu mutoyi aca yegeranya ivyo afise vyose, afata urugendo aja mu gihugu ca kure. Amaze gushikayo, aca asesagurira mu buhumbu ivyo afise vyose. 14  Abimaze vyose, inzara ikaze ica iratera muri ico gihugu maze atangura gukena. 15  Yarahevye aja gusaba akazi umuntu wo muri ico gihugu, na we aca amurungika mu matongo yiwe kuragira ingurube+. 16  Yari asigaye yipfuza kurya ibishishwa bagaburira ingurube, ariko nta wamuha na dukeyi. 17  Agarukanye ubwenge, yibwira ati: “Urazi ingene abakozi ba dawe bose barya bagasigaza, nanje inzara iriko iranyicira ng’aha! 18  Ngira nsubire kwa dawe, ndamubwire nti: ‘Da, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru no kuri wewe. 19  Sinkibereye kwitwa umwana wawe. Numfate nk’umwe mu bakozi bawe.’” 20  Aca arafata inzira asubira kwa se. Se wiwe amubonye akiri kure, amutera ikigongwe. Aca arirukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe. 21  Wa muhungu aca amubwira ati: “Da, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru no kuri wewe+. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.” 22  Mugabo se wiwe abwira abasuku biwe ati: “Nyarutsa muzane ikanzu, ikanzu nziza cane, maze muyimwambike. Nimumwambike n’impeta hamwe n’ibirato*. 23  Nimuzane kandi ya shuri ivyibushe, muyibage maze turye, turyoherwe, 24  kuko uyu muhungu wanje yari yapfuye, none yasubiye kuba muzima+. Yari yatakaye, none yabonetse.” Baca batangura kuryoherwa. 25  Ico gihe umuhungu wiwe mukuru yari mu mirima. Hanyuma ariko arataha yegereje muhira, yumva umuziki n’intambo. 26  Aca ahamagara umwe mu basuku, amubaza ivyo ari vyo. 27  Na we amwishura ati: “Mwenewanyu yaje, kandi so wawe yaciye abaga ya shuri ivyibushe, kuko yagarutse ari muzima*.” 28  Uwo muhungu mukuru aca arashavura, yanka kwinjira. Se wiwe aca arasohoka, atangura kumwinginga ngo yinjire. 29  Yishura se wiwe ati: “Raba imyaka yose maze ndagushumbira, kandi sinigeze ndenga kw’itegeko ryawe. Ariko ntiwigeze umpa n’akagazi k’impene ngo nezeranwe n’abagenzi banje. 30  Mugabo uyu muhungu wawe yasesaguriye ivyawe mu bamaraya, yapfuye gushika uca umubagira ya shuri ivyibushe.” 31  Se wiwe amubwira ati: “Mwananje, wewe wamanye nanje, kandi ivyanje vyose ni rwawe. 32  Ariko ntitwari kureka kugira umusi mukuru no kunezerwa, kuko mwenewanyu yari yarapfuye, none yasubiye kuba muzima. Yari yaratakaye, none yabonetse.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «abagenzi biwe b’abagore.»
Canke «isandari.»
Canke «afise amagara meza.»