Luka 20:1-47
20 Umusi umwe yariko arigisha abantu mu rusengero yongera atangaza inkuru nziza, hanyuma abakuru b’abaherezi, abanditsi n’abashingantahe baraza,
2 maze bamubwira bati: «Tubwire: ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu? Ni nde yabuguhaye+?»
3 Na we abishura ati: «Reka nanje ndababaze, namwe munyishure:
4 ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu?»
5 Baca batangura kuzirikana hagati yabo bati: «Nitwavuga ngo “mw’ijuru”, aca atubaza ati: “Kubera iki none mutamwemeye?”
6 Nitwavuga na ho ngo “ku bantu”, abantu bose baca badutera amabuye, kuko bajijutse ko Yohani yari umuhanuzi+.»
7 Baca bamwishura ko ata vyo bazi.
8 Yezu na we ababwira ati: «Nanje rero sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.»
9 Aca aha abantu iki kigereranyo ati: «Umuntu umwe yarateye umurima w’imizabibu+, awusigira abarimyi maze afata urugendo aja mu mahanga, amarayo igihe kirekire+.
10 Igihe kigeze, atuma umushumba kuri ba barimyi kugira bamuhe ku mwimbu w’imizabibu. Ariko abo barimyi baca baramukubita+, hanyuma bamurungika iminwe misa.
11 Yongera atuma uwundi mushumba, ariko na we nyene baramukubita, baramumaramaza bongera bamurungika iminwe misa.
12 Arungika n’uwugira gatatu, ariko na we nyene baramukomeretsa bongera bamuta hanze.
13 Nyene uwo murima aca avuga ati: “Mbe basha nkore iki? Reka ndungike umwana wanje nkunda cane+. Wewe bazomwubaha.”
14 Ba barimyi bamubonye, baca babwirana bati: “Uyu ni we samuragwa. Ingo tumwice kugira intoranwa izoce iba rwacu.”
15 Baca bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu, baramwica+. None nyene umurima azobagira gute?
16 Azoza yice abo barimyi, uwo murima ace awuha abandi.»
Abantu bavyumvise baca bavuga bati: «Ntibikabe!»
17 Yezu aca arabitegereza, maze avuga ati: «None iki canditswe kivuga ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+”, gisobanura iki?
18 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika+, ariko uwo rizogwako rizomufyonyora.»
19 Muri uwo mwanya nyene, abanditsi n’abakuru b’abaherezi baca barondera kumufata, kuko bari babonye ko ari bo yariko aravuga mu gutanga ico kigereranyo. Ariko batinya abantu+.
20 Bamaze kumwitegereza bitonze, barungika abantu bahaye impembo mu mpisho ngo berekane ko ari abagororotsi, kugira bamufatire mu vyo avuga+, maze bamushikirize buramatari n’abandi bategetsi.
21 Baca bamubaza bati: «Mwigisha, turazi ko ivyo uvuga be n’ivyo wigisha ari ukuri, be n’uko utagira nkunzi, ahubwo wigisha inzira y’Imana mu kuri.
22 Vyoba vyemewe* ko turiha ikori* Sezari canke ntivyemewe?»
23 Amenya amayeri yabo, aca abishura ati:
24 «Nimunyereke idenariyo*. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?» Na bo bati: «Ni ivya Sezari.»
25 Aca ababwira ati: «Ivya Sezari rero nimubihe* Sezari+, ariko ivy’Imana mubihe Imana+.»
26 Ntibashobora rero kumufatira mu vyo avuga imbere y’abantu. Ahubwo batangazwa n’inyishu atanga, ntibasubira kuronka ico bavuga.
27 Ariko bamwe mu Basadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+:
28 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ngo: “Umugabo niyapfa agasiga umugore ariko adasize umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+.”
29 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize.
30 Uwa kabiri
31 n’uwa gatatu baracuye uwo mupfakazi. Abo bose indwi baramucuye, ariko bose bapfa ata bana basize.
32 Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye.
33 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?»
34 Yezu abishura ati: «Abana b’iki gihe* bararongora kandi bakarongorwa,
35 mugabo abatewe iteka ryo kuba muri ya si igiye kuza no kuzuka mu bapfuye, ntibarongora canke ngo barongorwe+.
36 Mbere ntibashobora no gusubira gupfa, kuko baba bameze nk’abamarayika, kandi bazoba abana b’Imana biciye kw’izuka*.
37 Mugabo ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, igihe yita Yehova* “Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.”
38 Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo*+.»
39 Bamwe mu banditsi baca bamubwira bati: «Mwigisha, wishuye neza.»
40 Ntibasubiye kwubahuka kumubaza ikintu na kimwe.
41 Na we ababaza ati: «Kubera iki bavuga ko Kristu ari mwene Dawidi+?
42 Dawidi yivugiye mu gitabu c’Amazaburi ati: “Yehova* yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje,
43 gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+.’”
44 Murumva rero ko Dawidi amwita Umukama. None aba umwana wiwe gute?»
45 Maze igihe abantu bose bariko barumviriza, abwira abigishwa biwe ati:
46 «Mwiyubare abanditsi bakunda kugenda bambaye amakanzu, bagakunda ko abantu babaramutsa mw’isoko. Bakunda kandi kwicara mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi no mu bibanza vy’iteka ku nzimano*+,
47 bakanyaga abapfakazi utwabo* kandi bakavuga amasengesho maremare kugira biyerekane. Bazocirwa urubanza rukomeye* cane.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «riba umutwe w’imfuruka.»
^ Canke «bibereye.»
^ Canke «ikori ry’umutwe.»
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «nimubisubize.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Canke «kandi bazoba abana b’Imana kuko ari abana b’izuka.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «kuko ibona ko bose ari bazima.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «vyizavyiza.»
^ Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «bakarotsa amazu y’abapfakazi.»
^ Canke «ruremereye.»