Luka 5:1-39
5 Umusi umwe, Yezu yariko arigisha ijambo ry’Imana ahagaze ku nkengera y’ikiyaga ca Genesareti*+, kandi abantu isinzi bariko baramwumviriza bamuhundayeko.
2 Abona ubwato bubiri buri hafi y’inkengera y’ikiyaga, ariko abarovyi bari babuvuyemwo bariko baroza insenga zabo+.
3 Aca yurira bumwe muri ubwo bwato, bukaba bwari ubwa Simoni. Aca amusaba ngo abwigize kure gatoyi y’inkengera, hanyuma aricara, atangura kwigisha ayo masinzi y’abantu ari mu bwato.
4 Ahejeje kuvuga, abwira Simoni ati: «Genda ahari amazi menshi, muterere insenga zanyu murobe.»
5 Ariko Simoni amwishura ati: «Mwigisha, twaraye turaroba* ijoro ryose, ariko nta na kamwe twafashe+. Mugabo ko ubivuze, reka nterere insenga.»
6 Babigize, bafata ifi nyinshi cane ku buryo insenga zabo zitangura gutabuka+.
7 Baca bakura bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza maze buzuza ubwo bwato bwose ku buryo butangura kwibira.
8 Simoni Petero ngo abibone, aca apfukama imbere ya Yezu, amubwira ati: «Mukama, igira kure yanje kuko ndi umucumuzi.»
9 We n’abo bari kumwe bari batekewe n’ubwoba kubera bafashe ifi nyinshi cane,
10 kandi na Yakobo na Yohani, ari bo bahungu ba Zebedayo+ bari basangiye urudandaza na Simoni, na bo nyene bari batekewe n’ubwoba. Ariko Yezu abwira Simoni ati: «Ntutinye. Guhera ubu uzoza uraroba abantu ari bazima+.»
11 Baca bagarukana bwa bwato ku nkengera, maze baheba vyose baramukurikira+.
12 Ikindi gihe, Yezu yari mu gisagara kimwe. Hanyuma umugabo umwe yuzuye imibembe amubonye, aca arunama mu maso hiwe hashika hasi, aramutakambira ati: «Mukama, ubishatse, urashobora kumpumanura+.»
13 Yezu aca aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka.» Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako+.
14 Maze ategeka uwo mugabo ngo ntihagire umuntu n’umwe abibwira, amubwira ati: «Ahubwo genda wiyereke umuherezi, ushikane ishikanwa ryerekana ko wahumanutse nk’uko Musa yabitegetse+, kugira bibabere icabona+.»
15 Mugabo amakuru amwerekeye yaguma akwiragira, kandi amasinzi y’abantu yaguma akoranira hamwe kugira amwumvirize no kugira abakize indwara+.
16 Ariko kenshi yaraja mu gahinga ukwa wenyene kugira asenge.
17 Umusi umwe Yezu yariko arigishiriza mu nzu, kandi Abafarizayo n’abigisha b’amategeko bari bicaye ng’aho. Bari baje bavuye mu bigwati vyose vy’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yeruzalemu, kandi ububasha bwa Yehova* bwari kumwe na we kugira akize+.
18 Maze haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu amugaye, hanyuma bagerageza kumwinjiza ngo bamushire imbere yiwe+.
19 Mugabo biranka ko bamwinjiza kubera abantu bari benshi cane. Baca burira hejuru ku nzu maze bamwururutsa ari kuri ya nderuzo bamucishije mu gitoboro batoboye mu mategura, ashikira hagati y’abari imbere ya Yezu.
20 Abonye ukwizera kwabo, aca abwira uwo muntu ati: «Ibicumuro vyawe birababariwe+.»
21 Abanditsi n’Abafarizayo baca batangura kubwirana bati: «Uwo muntu yubahuka gutuka Imana* ni nde? Hari uwundi ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana gusa+?»
22 Mugabo Yezu amenya ivyo bariko bariyumvira, aca abishura ati: «Ni ibiki muriko muriyumvira mu mitima yanyu?
23 None icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: “Ibicumuro vyawe birababariwe”, canke ni ukuvuga ngo: “Haguruka utambuke”?
24 Ariko kugira mumenye ko Umwana w’umuntu afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi . . .» Aca abwira uwo muntu amugaye ati: «Ndabikubwiye: haguruka, utore inderuzo yawe witahire+.»
25 Uwo muntu aca arahaguruka imbere yabo, atora inderuzo yari aryamyeko, aritahira, agenda araninahaza Imana.
26 Bose barumirwa, batangura kuninahaza Imana. Baratangara cane, bavuga bati: «Uyu musi turabonye ibitangaza!»
27 Inyuma y’ivyo arasohoka, hanyuma abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho batoreza ikori*, maze amubwira ati: «Nkurikira+.»
28 Aca asiga ng’aho vyose, arahaguruka atangura kumukurikira.
29 Vyongeye, Lewi ategurira Yezu umusi mukuru ukomeye muhira iwe, kandi hariho abatozakori benshi n’abandi bantu bariko barasangira na bo*+.
30 Abafarizayo n’abanditsi baca batangura kwidodombera abigishwa biwe, bababaza bati: «Kubera iki musangira n’abatozakori hamwe n’abacumuzi+?»
31 Yezu aca abishura ati: «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera+.
32 Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi kugira bigaye+.»
33 Bamubwira bati: «Abigishwa ba Yohani barisonzesha kenshi kandi bagasenga batakamba, kandi n’abigishwa b’Abafarizayo ni ko bagira, ariko abigishwa bawe baririra bakinywera+.»
34 Yezu abishura ati: «Mbega mwoshobora gusaba abagenzi b’umukwe ngo bisonzeshe kandi umukwe akiri kumwe na bo?
35 Ariko hazogera igihe umukwe+ akurwe muri bo, ico gihe rero bazoheza bisonzeshe+.»
36 Abaha n’ikigereranyo ati: «Nta wukata ikiremo ku mpuzu nshasha kugira agitere ku mpuzu ishaje. Abigize ico kiremo gishasha gica gitabura iyo mpuzu, kandi ntikiberanye n’iyo mpuzu ishaje+.
37 Vyongeye, nta wushira umuvinyu mushasha mu mikuza* ishaje. Abigize uwo muvinyu mushasha woturitsa iyo mikuza, maze umuvinyu ugaseseka, imikuza ikaba yononekaye.
38 Ahubwo umuvinyu mushasha bakwiye kuwushira mu mikuza mishasha.
39 Nta wanyoye umuvinyu umaze igihe kirekire yonywa mushasha, kuko avuga ati: “Uwumaze igihe kirekire ni wo mwiza.”»
Utujambo tw'epfo
^ Ni ikiyaga ca Galilaya.
^ Canke «turacumukura.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «yubahuka kurogota.»
^ Canke «ku biro vy’ikori.»
^ Canke «bari bicaranye na bo ku meza.»
^ Canke «mu mikuza y’inshato.»