Malaki 1:1-14

  • Urukundo Yehova yakunze abantu biwe (1-5)

  • Abaherezi bashikana ibimazi bidashemeye (6-14)

    • Izina ry’Imana rizoba irihambaye mu mahanga (11)

1  Ibi ni vyo Imana imenyesheje: Ubu ni ubutumwa Yehova yashikirije Abisirayeli biciye kuri Malaki*:  «Naraberetse ko ndabakunda+», ni ko Yehova avuze. Mugabo muvuga muti: «Watweretse gute ko udukunda?» «Mbega Esawu ntiyari mwenewabo na Yakobo+?», ni ko Yehova avuze. «Ariko nakunze Yakobo,  Esawu ndamwanka+. Imisozi yiwe nayigize umusaka+, intoranwa yiwe ndayiha imbwebwe zo mu gahinga+  «Naho Edomu avuga ngo: “Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka dusanure ivyatikijwe”, Yehova Nyeningabo avuze ati: “Bazokwubaka, nanje nsambure. Bazokwitwa ‘akarere k’ububisha’, bitwe kandi ‘abantu Yehova yaciriye urubanza rw’ibihe bidahera+.’  Amaso yanyu azovyibonera muvuge muti: ‘Yehova ashimagizwe mu karere ka Isirayeli.’”»  «“Umwana aratera iteka se+, n’umusuku agatera iteka shebuja. None nimba ndi so+, ko mutantera iteka nkwiriye+? Kandi nimba ndi shobuja*, ko mutantinya* nk’uko ndabikwiriye?” ni ko Yehova Nyeningabo ababajije, yemwe baherezi musuzugura izina ryanje+. “Ariko muvuga muti: ‘Izina ryawe twarisuzuguye gute?’”  “Mu gushikiriza ibifungurwa* vyanduye ku gicaniro canje.” “Namwe muti: ‘Twakwanduje gute?’” “Mu kuvuga ngo: ‘Imeza ya Yehova+ ni ikintu co gusuzugurwa.’  Igihe mushikiriza ikimazi c’igitungwa gihumye, muvuga ngo: ‘Nta kibi kirimwo.’ N’iyo mushikirije igitungwa gicumbagira canke kirwaye, muvuga ngo: ‘Nta kibi kirimwo+.’”» «Enda nubishikirize buramatari urabe. Ugira ngo yogushima canke akakwakira neza?», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.  «Enda rero nimutakambire Imana, kugira itugirire ubuntu. Mbega muyihaye amashikanwa nk’ayo, hari n’umwe muri mwebwe yokwakira neza?», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 10  «Mbega hari n’umwe muri mwebwe yemera kwugara imiryango*+ canke ngo anemere gucana umuriro ku gicaniro canje ata co asavye+? Ntimumpimbara na gatoyi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «kandi nta shikanwa na rimwe mumpa rinezera+ 11  «Kuko kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera*, izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+. Ahantu hose, bazotanga ibimazi bifumbe umwotsi, batange n’amashikanwa yo gutera iteka izina ryanje, bibe ingabire idahumanye, kuko izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 12  «Ariko murarihumanya*+ mu kuvuga ngo: “Imeza ya Yehova iranduye, kandi amashikanwa* bayishirako, ari vyo bifungurwa bayiterekako, aragayitse+.” 13  Muvuga kandi muti: “Ewe muruho uraho!”, mukabiraba nk’akanuka», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Muzana ibitungwa vy’ivyibano, ibicumbagira n’ibirwaye. Iyo ni yo ngabire mwubahuka kunzanira. Hanyuma ngo ndayibakirire+?», ni ko Yehova avuze. 14  «Aravumwe umunyamayeri afise mu busho igitungwa* kitagira akanenge, mugabo akagira indagano hanyuma agashikanira Yehova igifise akanenge. Erega ndi Umwami ahambaye+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «kandi izina ryanje rizoba iriteye akoba mu mahanga+

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «intumwa yanje.»
Canke «shobuja ahambaye.»
Canke «mutanyubaha.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Biboneka ko cari igikorwa bari bajejwe co kwugara imiryango y’urusengero.
Canke «kuva mu buseruko gushika mu burengero.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «murampumanya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivyamwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «igitungwa c’ikigabo.»