Malaki 2:1-17
2 «Ubu rero iri bwirizwa ni mwebwe rihawe, yemwe baherezi+.
2 Nimwanka kwumviriza no gushira ku mutima ivyo kuninahaza izina ryanje», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzobavuma+, kandi imihezagiro yanyu nzoyihindura imivumo+. Mbere imihezagiro ndamaze kuyihindura imivumo, kuko mutabishirako umutima.»
3 «Raba! Kubera ivyo mukora nzokwonona* imbuto mwateye+, ndabasanzaze amayezi mu maso, amayezi y’imisi mikuru yanyu. Kandi muzojanwa iyo ari*.
4 Muzoheza rero mumenye yuko nabahaye iri bwirizwa kugira ngo isezerano nagiranye na Lewi ribandanye+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
5 «Isezerano nagiranye na we ryari isezerano ry’ubuzima n’amahoro. Narabimuhaye ngo antinye*. Yarantinya, emwe yaragirira akoba izina ryanje.
6 Amategeko* y’ukuri yari mu kanwa kiwe+, kandi nta bitagororotse vyumvikana ku minwa yiwe. Yagendanye nanje mu mahoro no mu bugororotsi+, kandi yaragaruye benshi bava mu vyaha.
7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kuzigama ubumenyi, mu kanwa kiwe akaba ari ho abantu baronderera amategeko*+, kubera ari intumwa ya Yehova Nyeningabo.
8 Ariko mwebwe mwarataye inzira. Mwaratsitaje benshi bituma barenga ku mategeko*+. Mwarononye isezerano nagiranye na Lewi+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
9 «Nanje rero nzotuma musuzugurwa, mube abo hasi imbere y’abantu bose kuko mutakurikije inzira zanje, ahubwo mukagira nkunzi mu kuntu mukurikiza amategeko+.»
10 «Mbega twese ntidufise data umwe+? Mbega Imana yaturemye si imwe? Kubera iki none duhemukiranira+, tugahumanya isezerano rya ba sogokuruza?
11 Abo mu Buyuda barahemutse, kandi muri Isirayeli n’i Yeruzalemu hakozwe ikintu gishisha. Abo mu Buyuda bahumanije ubweranda* bwa Yehova+ kandi abukunda, barongora abakobwa basenga imana z’inyamahanga+.
12 Yehova azohonya mu mahema ya Yakobo uwo wese akora ivyo, naho yoba ari nde*. Ivyo bizoba naho yoshikanira Yehova Nyeningabo ishikanwa+.»
13 «Hari n’ikindi* mukora, kigatuma igicaniro ca Yehova cuzura amosozi, amarira n’iminiho, ku buryo ataba acitaho amashikanwa yanyu canke ngo arabe ryiza ikintu na kimwe mutanga+.
14 Namwe muvuga muti: “Kubera iki?” Ni kubera ko Yehova yabaye icabona hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe, umwe wahemukiye naho ari we mugenzi wawe, akaba n’umugore wawe mwagiranye isezerano*+.
15 Ariko hariho umwe atabikoze, kuko yari afise igice gisigaye c’impwemu y’Imana. None yarondera iki? Uruvyaro* rw’Imana. Mwirinde rero ku bijanye n’agatima mufise, kandi ntimuhemukire umugore wo mu buto bwanyu.
16 Kuko nanka* ukwahukana+», ni ko Yehova ya Mana ya Isirayeli avuze, «nkanka n’inkozi z’ikibi*», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Mwirinde rero ku bijanye n’agatima mufise, kandi ntimuhemuke+.
17 Mwararuhije Yehova n’amajambo yanyu+. Ariko muvuga ngo: “Twamuruhije gute?” Ni mu kuvuga ngo: “Umuntu wese akora ibibi ni mwiza mu maso ya Yehova, kandi aramushima+”, canke mu kuvuga ngo: “Ya Mana y’ubutungane iri hehe?”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «nzokarira.»
^ Ni ukuvuga ahantu bashira amayezi yavuye mu bitungwa batanze nk’ibimazi.
^ Canke «anyubahe.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye ku nyigisho zanyu.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu heranda.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwuri maso be n’uwishura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «n’ikigira kabiri.»
^ Canke «umugore wawe yemewe n’amategeko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yanka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «n’uwurenza ku mpuzu yiwe ubukozi bw’ikibi.»