Mariko 1:1-45
-
Yohani Umubatizi yamamaza (1-8)
-
Yezu abatizwa (9-11)
-
Shetani agerageza Yezu (12, 13)
-
Yezu atangura kwamamaza i Galilaya (14, 15)
-
Ahamagara abigishwa biwe ba mbere (16-20)
-
Yirukana impwemu mbi (21-28)
-
Yezu akiza abantu benshi i Kaperinawumu (29-34)
-
Yezu asenga ari ahantu hiherereye (35-39)
-
Akiza umunyamibembe (40-45)
1 Intango y’inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu, Umwana w’Imana:
2 Nk’uko vyanditswe mu gitabu c’umuhanuzi Yesaya ngo: «(Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira yawe+.)
3 Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati: “Nimutegure inzira ya Yehova*! Nimugorore ibarabara ryiwe+.”»
4 Yohani Umubatizi yari mu bugaragwa, akigisha abantu ngo babatizwe kugira berekane ko bigaye maze bababarirwe ibicumuro vyabo+.
5 Abantu bose bo mu karere ka Yudaya n’i Yeruzalemu baguma baza kuri we, na we akababatiza* mu ruzi Yorodani, kandi bakatura icese ibicumuro vyabo+.
6 Yohani yambara ubwoya bw’ingamiya, agakenyera umukaba w’urushato mu kiyunguyungu+. Yarya inzige n’ubuki bwo mw’ishamba+.
7 Yamamaza avuga ati: «Hari umuntu akomeye kundusha ariko araza inyuma yanje, kandi simbereye no kwunama ngo mbohore imigozi y’ibirato* vyiwe+.
8 Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza mu mpwemu nyeranda+.»
9 Muri iyo misi, Yezu aza avuye i Nazareti muri Galilaya, maze Yohani amubatiza mu ruzi Yorodani+.
10 Ubwo nyene yiburutse mu mazi, abona ijuru ryugurutse n’impwemu nyeranda imanuka iza kuri we imeze nk’inuma+.
11 Maze ijwi riva mw’ijuru, rivuga riti: «Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye+.»
12 Ubwo nyene impwemu ica iramugobera ngo aje mu bugaragwa.
13 Amara imisi 40 mu bugaragwa ariko ageragezwa na Shetani+. Yari kumwe n’ibikoko vyo mw’ishamba, ariko abamarayika baguma bamwitwararika+.
14 Yohani amaze gufatwa, Yezu aca aja i Galilaya+. Agenda aramamaza inkuru nziza y’Imana+,
15 avuga ati: «Igihe cashinzwe kirageze, kandi Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwigaye+ kandi mwizere inkuru nziza.»
16 Aciye ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya, abona Simoni na mwenewabo Andereya+. Bariko baterera insenga mu kiyaga+, kuko bari abarovyi+.
17 Yezu aca ababwira ati: «Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.»
18 Ubwo nyene baca baheba insenga zabo baramukurikira+.
19 Yigiye imbere gatoyi, abona Yakobo umuhungu wa Zebedayo na mwenewabo Yohani. Bari mu bwato bwabo bari kumwe na se wabo Zebedayo bariko barasanasana insenga zabo+,
20 ubwo nyene aca arabahamagara. Baca basiga se wabo Zebedayo mu bwato ari kumwe n’abakozi biwe, na bo baramukurikira.
21 Hanyuma baja i Kaperinawumu.
Hageze ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha+.
22 Abantu baratangazwa cane n’uburyo yigisha, kuko yabigisha nk’umuntu afise ububasha, atari nka ba banditsi+.
23 Muri uwo mwanya nyene, mw’isinagogi hariyo umuntu yarimwo impwemu mbi*. Aca arasemerera ati:
24 «Dupfa iki nawe ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana+.»
25 Mugabo Yezu aca arayikankamira ati: «Hora, kandi muvemwo!»
26 Iyo mpwemu ica iramujegeza yongera irasemerera n’ijwi ryayo ryose, ica iramuvamwo.
27 Emwe abantu bose barumirwa, ku buryo batangura kubazanya bati: «Ibi ni ibiki ga yemwe? Ni inyigisho nshasha! Mbere n’impwemu mbi arazitegeka akoresheje ububasha kandi zikamugamburukira.»
28 Nuko inkuru ya Yezu ikwiragira ningoga mu karere kose ka Galilaya.
29 Baca bava mw’isinagogi maze baja muhira kwa Simoni na Andereya, bari kumwe na Yakobo na Yohani+.
30 Inabukwe wa Simoni+ yari aryamye, arwaye inyonko. Ubwo nyene baca babwira Yezu ko arwaye.
31 Yezu aca aramwegera, amufata ukuboko aramuhagurutsa. Ya nyonko ica irakira, aca atangura gutegura ivyo abazimana.
32 Hageze ku mugoroba, izuba rimaze kurenga, abantu batangura kumuzanira abarwaye bose n’abarimwo amadayimoni+.
33 Igisagara cose cari gikoraniye imbere y’inzu.
34 Nuko akiza abantu benshi barwaye indwara zitandukanye+, yongera yirukana amadayimoni menshi. Ariko ntiyareka ayo madayimoni ngo avuge, kuko yari azi ko ari Kristu*.
35 Mu gatondo ka kare hakiri mu kajoro, aravyuka aja hanze ahantu hiherereye, maze atangura gusenga+.
36 Ariko Simoni n’abari kumwe na we batangura kumuhiga.
37 Bamutoye, bamubwira bati: «Bose bariko barakurondera.»
38 Abishura ati: «Tugende ahandi mu bisagara vyo mu micungararo, kugira na ho nyene namamazeyo inkuru nziza, kuko ari co canzanye+.»
39 Aca azunguruka i Galilaya hose, agenda aramamaza inkuru nziza mu masinagogi yabo yongera yirukana amadayimoni+.
40 Haza umunyamibembe, aramwinginga yapfukamye, amubwira ati: «Ubishatse, urashobora kumpumanura+.»
41 Yezu aca amwumvira impuhwe, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka+.»
42 Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako, arahumanuka.
43 Yezu aca aramurungika, ariko abanza kumwihanikiriza ati:
44 «Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ahubwo genda wiyereke umuherezi, ushikane ivyo Musa yategetse vyerekana ko wahumanutse+, kugira bibabere icabona+.»
45 Mugabo amaze kugenda, aca atangura kubwira abantu bose ivyari vyamushikiye. Ivyo vyatumye Yezu adasubira kwinjira mu gisagara na kimwe ku mugaragaro, ahubwo aguma hanze y’igisagara mu gahinga. Ariko abantu baguma bamusangayo bavuye mu mihingo yose+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «akabibiza.»
^ Canke «y’isandari.»
^ Canke «impwemu ihumanye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko yari azi uwo ari we.»