Mariko 10:1-52
-
Ukwubaka be n’ukwahukana (1-12)
-
Yezu ahezagira abana (13-16)
-
Umugabo w’umutunzi abaza ikibazo (17-25)
-
Kwihebera Ubwami (26-31)
-
Yezu yongera kumenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (32-34)
-
Yakobo na Yohani basaba ibibanza Yezu (35-45)
-
Yezu yaje gucungura benshi (45)
-
-
Ahumura umugabo w’impumyi yitwa Barutimayo (46-52)
10 Yezu ava ng’aho aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani. Amasinzi y’abantu yongera gukoranira aho ari, aca asubira kubigisha nk’uko yari amenyereye kubigira+.
2 Abafarizayo rero baramwegera bashaka kumutega, bamubaza ko vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe+.
3 Aca ababaza ati: «Musa yabategetse iki?»
4 Baca bamubwira bati: «Musa yategetse ko umuntu amwandikira urupapuro* rwo kwahukana, maze akamwirukana+.»
5 Yezu abishura ati: «Musa yabahaye iryo tegeko kubera mufise imitima ikomantaye+.
6 Ariko kuva mu ntango y’irema “yabaremye ari umugabo n’umugore+.
7 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+,
8 kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe.
9 Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+.»
10 Basubiye mu nzu, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu.
11 Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye.
12 N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+.»
13 Abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko, ariko abigishwa biwe barabakankamira+.
14 Yezu abibonye biramushavuza, aca ababwira ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+.
15 Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.»
16 Aca aterura abo bana mu maboko yiwe, atangura kubahezagira abarambitseko ibiganza+.
17 Yezu asohotse ngo agende, umugabo umwe aca aza ariruka, apfukama imbere yiwe, amubaza ati: «Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera+?»
18 Yezu amwishura ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana+.
19 Urazi amabwirizwa: “Ntiwice+, nturenge ibigo+, ntiwibe+, ntiwagirize ibinyoma mugenzawe+, ntuzurume mugenzawe+, tera iteka so wawe na nyoko wawe+.”»
20 Uyo mugabo aca amubwira ati: «Mwigisha, ivyo vyose narabikurikije kuva nkiri muto.»
21 Yezu aramwitegereza, yumva aramukunze. Aca amubwira ati: «Ubuze ikintu kimwe: genda ugurishe ibintu ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire+.»
22 Ariko uwo mugabo aca arijirwa yumvise ivyo amwishuye. Aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+.
23 Yezu aca areraguza, maze abwira abigishwa biwe ati: «Ese ingene bizogora abafise amahera kwinjira mu Bwami bw’Imana+!»
24 Mugabo abigishwa biwe batangazwa cane n’amajambo yiwe. Yezu aca ababwira ati: «Bane banje, biragoye kwinjira mu Bwami bw’Imana!
25 Biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+.»
26 Noneho barushiriza gutangara, maze bamubwira* bati: «Ni nde none ashobora kurokoka+?»
27 Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana si ko biri. Ku Mana vyose birashoboka+.»
28 Petero aca amubwira ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira+.»
29 Yezu amwishura ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, nta muntu n’umwe yahevye inzu, benewabo, bashikiwe, nyina wiwe, se wiwe, abana canke amatongo ku bwanje no kubera inkuru nziza+,
30 atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro 100: amazu, benewabo, bashikiwe, ba nyina, abana, amatongo, biri kumwe n’uruhamo+. Muri kazoza* na ho azoronka ubuzima budahera.
31 Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.»
32 Yezu n’abigishwa biwe bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, kandi Yezu yariko agendera imbere yabo. Abigishwa biwe baratangara cane, mugabo abariko barabakurikira batangura gutinya. Aca asubira gutora bamwe cumi na babiri arabihereranya, atangura kubabwira ibintu vyari bigiye kumushikira+ ati:
33 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa, bamushire mu maboko y’abanyamahanga,
34 bazomutyekeza, bamucireko amate, bamushishagure maze bamwice. Ariko haciye imisi itatu azozuka+.»
35 Yakobo na Yohani, ari bo bahungu ba Zebedayo+, baca baramwegera, bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka ko udukorera ikintu tugira tugusabe+.»
36 Yezu ababaza ati: «Mushaka ko ndabakorera iki?»
37 Bamwishura bati: «Twemerere kuzokwicarana nawe mu buninahazwa bwawe+, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe.»
38 Mugabo Yezu ababwira ati: «Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ndiko ndanyweramwo, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+?»
39 Bamwishura bati: «Twobishobora.» Na we ababwira ati: «Igikombe ndiko ndanyweramwo muzokinywako, kandi n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+.
40 Mugabo ivyo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange. Ni ivy’ababiteguriwe.»
41 Abandi cumi basigaye bavyumvise, baca bashavurira Yakobo na Yohani+.
42 Ariko Yezu arabahamagara, ababwira ati: «Murazi ko ababoneka* ko batwara amahanga bayatwaza umukazo, be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+.
43 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Ahubwo uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+,
44 kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose.
45 Kuko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+.»
46 Hanyuma bashika i Yeriko. Mugabo igihe Yezu n’abigishwa biwe bariko bava i Yeriko bari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi, hari umugabo w’impumyi asegerereza yitwa Barutimayo (mwene Timayo) yari yicaye iruhande y’inzira+.
47 Yumvise ko ari Yezu Umunyanazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: «Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+!»
48 Benshi batangura kumukarira bamubwira ngo ahore. Ariko arushirizaho gusemerera ati: «Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!»
49 Yezu aca arahagarara, avuga ati: «Muhamagare.» Baca barahamagara uwo mugabo w’impumyi, bamubwira bati: «Humura! Haguruka araguhamagaye.»
50 Aca ata impuzu yiwe yo hejuru, arahaguruka ningoga, aja aho Yezu ari.
51 Yezu amubwira ati: «Ushaka ndakugirire iki?» Uwo mugabo w’impumyi amwishura ati: «Rabuni*, nimpumuke.»
52 Yezu aca amubwira ati: «Niwigire, ukwizera kwawe kuragukijije+.» Ubwo nyene aca arahumuka+, atangura kumukurikira.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku mupaka.»
^ Canke «urwandiko.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yaboheye ku ngogo imwe.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «babwirana.»
^ Canke «mu gihe kizoza.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
^ Canke «abazwi.»
^ Iryo zina risobanura ngo «mwigisha.»