Mariko 16:1-8

  • Izuka rya Yezu (1-8)

16  Inyuma y’isabato+, Mariya Magadalena, Mariya+ nyina wa Yakobo hamwe na Salome, bagura ibintu bimota kugira babisige ikiziga ca Yezu+.  Hanyuma ku musi wa mbere w’indwi, izuba rimaze guseruka, bazindukira ku mva*+.  Baguma babazanya bati: «Ni nde aza kudutembagariza rya buye riri ku muryango w’imva?»  Ariko baravye, babona rya buye ryatembagaye, naho ryari rinini cane+.  Binjiye muri iyo mva, babona umusore yicaye amaja iburyo yambaye ikanzu yera, baca barakanguka.  Ababwira ati: «Ntimukanguke+. Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, umwe yamanikwa ku giti. Yazuwe+. Nta wuri ng’aha. Raba aho bari bamuryamitse+!  Ahubwo genda mubwire abigishwa biwe na Petero muti: “Yabaye aragenda i Galilaya+. Ni ho muzomubonera nk’uko yabibabwiye+.”»  Basohotse iyo mva, baca bariruka barahunga, bagenda barajugumira bataye umutwe. Nta n’umwe babwiye ikintu na kimwe, kuko bari batekewe n’ubwoba*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mva y’icibutso.»
Twisunze imizingo imwimwe ya kera yizigiwe, Injili ya Mariko igarukira ku murongo wa 8. Raba Inyongera ya A3.