Matayo 15:1-39
15 Maze Abafarizayo n’abanditsi+ baza aho Yezu ari bavuye i Yeruzalemu, bamubaza bati:
2 «Kubera iki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo y’aba kera? Nk’akarorero, ntibakaraba* imbere yo gufungura+.»
3 Na we abishura ati: «Kubera iki mweho murenga amabwirizwa y’Imana kubera imigenzo yanyu+?
4 Nk’akarorero, Imana yavuze iti: “Tera iteka so wawe na nyoko wawe+.” Yavuze kandi iti: “Uwututse se canke nyina ategerezwa gupfa+.”
5 Mugabo mwebwe muvuga ngo: “Iyo umuntu abwiye se canke nyina ati: ‘Ibintu vyose nari mfise nogufashisha naramaze kuvyegurira Imana+’,
6 ntibiba bikenewe ko atera iteka se.” Ukwo ni ko mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu+.
7 Mwa biyorobetsi mwe! Umuhanuzi Yesaya ntiyihenze igihe yavuga ibiberekeye+ ati:
8 “Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose.
9 Bansengera ubusa, kuko inyigisho zabo zishingiye ku mabwirizwa y’abantu+.”»
10 Aca ahamagara isinzi ry’abantu ngo rimwegere, maze ababwira ati: «Nimwumvirize kandi mutahure neza+:
11 Ivyinjira mu kanwa k’umuntu si vyo bimuhumanya, ahubwo ibiva mu kanwa kiwe ni vyo bimuhumanya+.»
12 Hanyuma abigishwa biwe baraza, bamubwira bati: «Urazi ko Abafarizayo batsitajwe n’ivyo wavuze+?»
13 Abishura ati: «Igiterwa cose Dawe wo mw’ijuru atateye kizorandurwa.
14 Bihoze. Ni indongozi zihumye. Kandi iyo impumyi iyoboye iyindi mpumyi, zose zigwa mu cobo+.»
15 Petero aca amubwira ati: «Dusigurire kirya kigereranyo.»
16 Yezu amwishura ati: «Mbega namwe n’ubu ntimuraca ubwenge*+?
17 Ntimuzi ko ikintu cose cinjiye mu kanwa gica kija mu mushishito hanyuma kigasohoka kikaja kwa surwumwe?
18 Ariko ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima, kandi ivyo ni vyo bihumanya umuntu+.
19 Nk’akarorero, mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi+: ubwicanyi, kurenga ibigo, ubusambanyi*, kwiba, kwagiriza abandi ibinyoma no gutuka Imana*.
20 Ivyo ni vyo bihumanya umuntu. Ariko gufungura udakaravye*, ntibihumanya umuntu.»
21 Yezu aca ava ng’aho, aja mu karere ka Tiro na Sidoni+.
22 Haza umugore w’Umunyafenisiyakazi wo muri ako karere, arasemerera ati: «Ngirira imbabazi Mukama, Mwana wa Dawidi! Umukobwa wanje ararembejwe n’idayimoni+.»
23 Mugabo Yezu ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe rero baraza, baramwinginga bati: «Rungika uyo mugore agende, kuko aguma asemerera inyuma yacu.»
24 Abishura ati: «Nta bandi natumweko atari intama zazimiye zo mw’ihanga* rya Isirayeli+.»
25 Ariko uwo mugore araza, aramwunamira*, amubwira ati: «Mukama, mfasha!»
26 Amwishura ati: «Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubunda tw’imbwa.»
27 Nya mugore amwishura ati: «Ego Mukama, ariko utubunda twirira utuvunji dukorotse tuvuye ku meza ya ba shebuja+.»
28 Yezu amwishura ati: «Wa mugore* we, ukwizera kwawe ni kwinshi. Nibibe nk’uko ushaka.» Ubwo nyene wa mukobwa wiwe yaciye akira.
29 Yezu aca ava ng’aho aragenda, ashika hafi y’ikiyaga ca Galilaya+, hanyuma aduga ku musozi yicara ng’aho.
30 Abantu isinzi bamusangayo, baza bazanye abacumbagira, abacitse ibihimba vy’umubiri, impumyi, abaragi n’abandi benshi. Babashira imbere y’ibirenge vyiwe, na we arabakiza+.
31 Abantu barumirwa babonye abaragi basubira kuvuga, abacitse ibihimba vy’umubiri bakize, abacumbagira basubira kugendagenda, impumyi zongera kubona, maze baninahaza Imana ya Isirayeli+.
32 Yezu ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: «Aba bantu baranteye ikigongwe+, kuko tumaranye imisi itatu kandi ntibagira ico bafungura. Sinshaka kubarungika bashonje*, kuko bohava bagwa mu nzira+.»
33 Ariko abigishwa biwe bamubwira bati: «None muri aka gahinga twokura hehe imikate yohaza abantu bangana uku+?»
34 Yezu aca ababaza ati: «Mufise imikate ingahe?» Na bo bati: «Indwi n’udufi dukeyi.»
35 Amaze kubwira abo bantu ngo bicare hasi,
36 afata ya mikate indwi na twa dufi maze ashimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abiha abigishwa biwe, na bo babiha abo bantu+.
37 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke* indwi bininibinini+.
38 Abariye bari abagabo 4.000, hatarimwo abagore n’abana batoyi.
39 Ahejeje kurungika abo bantu, aca yurira ubwato aja mu karere k’i Magadani+.
Utujambo tw'epfo
^ Ntibisobanura ko barya badakaravye, ahubwo ntibakaraba bisunze imigenzo y’Abayuda.
^ Canke «n’ubu ntimurategera.»
^ Canke «no kurogota.»
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ukuvuga udakaravye wisunze imigenzo y’Abayuda.
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu nzu.»
^ Canke «yikubita imbere yiwe.»
^ Iryo jambo «umugore» ntiryerekana ko ata rupfasoni rurimwo.
^ Canke «bisonzesheje.»
^ Canke «ibiseke vy’ibifungurwa.»