Matayo 27:1-66

  • Yezu ashikirizwa Pilato (1, 2)

  • Yuda yiyahura (3-10)

  • Yezu ari imbere ya Pilato (11-26)

  • Abasoda batwenga Yezu (27-31)

  • Yezu amanikwa ku giti i Gologota (32-44)

  • Urupfu rwa Yezu (45-56)

  • Amaziko ya Yezu (57-61)

  • Bacunga neza imva ya Yezu (62-66)

27  Bukeye, abakuru bose b’abaherezi n’abashingantahe b’iryo hanga baja inama yo kwica Yezu+.  Bamaze kumuboha, baca baramujana bamushikiriza buramatari Pilato+.  Hanyuma Yuda, umwe yamugurisha, abonye ko Yezu bamuciriye urwo gupfa, aricuza aca asubiza vya biceri 30 vy’ifeza abakuru b’abaherezi n’abashingantahe+,  ababwira ati: «Nacumuye mu kugurisha umuntu w’intungane*.» Na bo bamwishura bati: «Bidutwaye iki? Biragusha*  Aca aterera vya biceri vy’ifeza mu rusengero, hanyuma aragenda ariyahura+.  Abakuru b’abaherezi baca batora ivyo biceri, bavuga bati: «Ntivyemewe ko tubishira mu bubiko bweranda bw’itunga, kuko vyaguze amaraso y’umuntu.»  Bamaze kuja inama, baca babigura itongo ry’umubumvyi kugira baze bararihambamwo abantu b’ingenzi.  Ni co gituma iryo tongo ryiswe «Itongo ry’amaraso+» gushika n’uyu musi.  Haciye haranguka ivyo umuhanuzi Yeremiya yari yaravuze ati: «Batora ivyo biceri 30 vy’ifeza, igiciro bashingiye umuntu, uwo Abisirayeli bamwebamwe bashingiye igiciro, 10  babigura itongo ry’umubumvyi, nk’uko Yehova* yari yabintegetse+ 11  Yezu rero ahagarara imbere ya buramatari, maze buramatari amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze+ 12  Mugabo igihe yariko yagirizwa n’abakuru b’abaherezi n’abashingantahe, nta na kimwe yishuye+. 13  Pilato aca amubaza ati: «Ntiwumva ibintu vyose bariko barakwagiriza?» 14  Ariko aguma yihoreye, ntiyishura na kimwe, ku buryo buramatari atangara cane. 15  Igihe cose habaye umusi mukuru, buramatari yari afise akamenyero ko kurekura imbohe abantu bashaka+. 16  Ico gihe hariho imbohe rurangiranwa yitwa Baraba. 17  Abantu bamaze gukoranira hamwe, Pilato ababaza ati: «Mushaka ndabarekurire nde? Baraba canke Yezu umwe bita Kristu?» 18  Nkako, Pilato yari azi ko ishari ari ryo ryatumye bamumuzanira. 19  Vyongeye, igihe yari yicaye ku ntebe y’imanza, umugore wiwe atuma umuntu ngo amubwire ati: «Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi, kuko uyu musi narose indoto iteye ubwoba cane kubera we.» 20  Mugabo abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bosha iryo sinzi ngo risabe Baraba+, ariko Yezu yicwe+. 21  Buramatari aca ababaza ati: «Mushaka ndabarekurire uyuhe muri aba babiri?» Bamwishura bati: «Baraba.» 22  Pilato yongera kubabaza ati: «None Yezu umwe bita Kristu ndamugire gute?» Bose bishura bati: «Mumanike*+ 23  Aca avuga ati: «Kubera iki? Ikibi yakoze ni ikihe?» Mugabo barushiriza gusemerera bati: «Mumanike+ 24  Pilato abonye ko ata kivamwo, ahubwo ko barushiriza kugumuka, yakira amazi, ayakarabira imbere y’iryo sinzi maze avuga ati: «Amaraso y’uyu muntu ntamparurweko. Birabasha!» 25  Abantu bose baca bishura bati: «Amaraso yiwe naje kuri twebwe no ku bana bacu+ 26  Pilato aca abarekurira Baraba, ariko Yezu aramukubitisha+ hanyuma aramutanga ngo amanikwe ku giti+. 27  Maze abasoda ba buramatari bajana Yezu ku kirimba ca buramatari, umugwi wose w’abasirikare uca umukoranirako+. 28  Baraheza bamwambura impuzu, bamwambika umutamana usa n’agahama+. 29  Bajisha kandi urugori rw’amahwa barumwambika ku mutwe, bamupfumbatisha n’irenga mu kuboko kw’ukuryo. Baza baramupfukamira bongera bamutwenga bati: «Ndabugize Mwami w’Abayuda!» 30  Bamucirako amate+ hanyuma bamwaka rya renga, batangura kurimukubita mu mutwe. 31  Amaherezo, bahejeje kumutwenga, bamwambura wa mutamana, bamwambika impuzu ziwe, baraheza bamujana kumumanika ku giti+. 32  Basohotse, babona umugabo yitwa Simoni w’i Sireni, baca bamutegeka kwikorera igiti ca Yezu co kubabarizwako*+. 33  Bageze ahantu hitwa Gologota (ni ukuvuga «ahantu h’Agahanga+»), 34  bamuha umuvinyu uvanze n’ibintu birura*+. Ariko awuhonjeje, aca aranka kuwunywa. 35  Bamaze kumumanika, baca bagabura impuzu ziwe* bakoresheje ubupfindo+, 36  hanyuma baricara baramucunga. 37  Vyongeye, bamanika hejuru y’umutwe wiwe icapa kiriko ikirego aregwa, canditseko ngo: «Uyu ni Yezu Umwami w’Abayuda+ 38  Maze bamumanikana n’ibisuma bibiri, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu+. 39  Abahita baza baramutuka+, bazunza umutwe+, 40  bakavuga bati: «Wewe uvuga ngo wosambura urusengero ugaca urwubaka mu misi itatu+, niwikize! Nimba uri umwana w’Imana, manuka uve kuri ico giti co kubabarizwako*+ 41  Abakuru b’abaherezi, abanditsi n’abashingantahe na bo nyene batangura kumutwenga, bavuga+ ngo: 42  «Abandi yarabakijije, ariko we ntashobora kwikiza! Ko ari Umwami wa Isirayeli+, namanuke ave kuri ico giti co kubabarizwako duheze tumwemere. 43  Ko yizigiye Imana, nimutabare nimba imunezwe+, kuko yavuze ngo: “Ndi Umwana w’Imana+.”» 44  Na ba basuma nyene bari bamanikanywe na we batangura kumutuka+. 45  Maze umwiza utwikira igihugu cose nko kuva sasita* gushika nka sacenda*+. 46  Nko mu masacenda, Yezu arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Eli, Eli, lama sabakitani?», ni ukuvuga ngo «Mana yanje, Mana yanje, kubera iki wampevye+ 47  Bamwe mu bari bahagaze ng’aho ngo bavyumve, baca bavuga bati: «Ariko ahamagara Eliya+ 48  Ubwo nyene umwe muri bo aca ariruka atora ipampa*, arijobeka mu muvinyu ukarishe, arishira kw’irenga maze aramuha ngo anywe+. 49  Ariko abandi bamubwira bati: «Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumukiza.» 50  Yezu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, aca aracikana+. 51  Irido y’ahantu heranda+ ica itabukamwo kubiri+, kuva hejuru gushika hasi+, isi iranyiganyiga, ibitandara na vyo birasatagurika. 52  Imva* ziruguruka n’ibiziga vyinshi vy’aberanda bari barapfuye birazukuruka, 53  kandi abantu benshi barabibonye. (Aho amariye kuzuka, hari abantu bavuye mw’itongo ry’abapfuye maze binjira mu gisagara ceranda.) 54  Intwazangabo be n’abari kumwe na yo bari bacunze Yezu, babonye iyo nyamugigima n’ivyariko biraba, batekerwa n’ubwoba, bavuga bati: «Ni ukuri, uyu yari Umwana w’Imana+ 55  Ico gihe kandi hariho abagore benshi bariko babirabira kure. Bari baherekeje Yezu bavuye i Galilaya kugira bamwitwararike*+. 56  Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Yoze*, na nyina w’abahungu ba Zebedayo+. 57  Bugorovye, haza umugabo w’umutunzi w’i Arimateya yitwa Yozefu. Na we nyene yari yaracitse umwigishwa wa Yezu+. 58  Uwo mugabo araheza aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yezu+. Pilato aca ategeka ko bakimuha+. 59  Yozefu rero atora ico kiziga, akizingira mu gitambara ciza c’ilino* kandi gisukuye+. 60  Araheza agishira mu mva* yiwe ikiri nshasha+ yari yimvye mu gitandara. Hanyuma atembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva, aca aragenda. 61  Ariko Mariya Magadalena n’umwe Mariya wundi baguma ng’aho, bicaye imbere y’iyo mva+. 62  Bukeye, ni ukuvuga inyuma y’umusi w’Imyiteguro+, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bakoranira imbere ya Pilato, 63  bamubwira bati: «Mushinganta, twibutse ko wa muswaganyi igihe yari akiriho yavuze ngo: “Inyuma y’imisi itatu nzozurwa+.” 64  Tegeka rero bacunge imva yiwe gushika ku musi ugira gatatu, kugira abigishwa biwe ntibahave baza kumwiba+, hanyuma bakabwira abantu ngo: “Yazuwe mu bapfuye!” Ico kinyoma ca nyuma coba kibi kuruta ica mbere.» 65  Pilato aca ababwira ati: «Tora abasoda mugende muhacunge uko mushaka.» 66  Baca baragenda, bashira uburembo kuri ca kibuye, bashiraho n’abasoda bahacunga.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «amaraso y’intungane.»
Canke «iyo ni ingorane yawe.»
Canke «mumanike ku giti!»
Canke «indurwe.»
Canke «impuzu ziwe zo hejuru.»
Mu kigiriki havuga ngo «kuva kw’isaha igira 6.»
Mu kigiriki havuga ngo «gushika kw’isaha igira 9.»
Cari ikintu kimeze nk’ikinyuko gishobora kununuza amazi.
Canke «imva z’icibutso.»
Canke «bamukorere.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Yozefu.»
Canke «mu mva y’icibutso.»