Matayo 9:1-38
9 Nuko Yezu yurira ubwato arajabuka, aja mu gisagara iwabo+.
2 Hanyuma bamuzanira umuntu amugaye, aryamye ku nderuzo. Yezu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: «Mpore mwananje! Ibicumuro vyawe birababariwe+.»
3 Abanditsi bamwebamwe baca bibwira bati: «Uyu muntu ariko aratuka Imana*.»
4 Yezu aca aramenya ivyiyumviro vyabo, maze ababaza ati: «Kubera iki mwiyumvira ibintu bibi mu mitima yanyu+?
5 None icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: “Ibicumuro vyawe birababariwe”, canke ni ukuvuga ngo: “Haguruka utambuke+”?
6 Ariko kugira mumenye ko Umwana w’umuntu afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi . . .» Aca abwira uwo muntu amugaye ati: «Haguruka, utore inderuzo yawe witahire+.»
7 Aca arahaguruka aritahira.
8 Amasinzi y’abantu ngo abibone, aca atekerwa n’ubwoba, maze aninahaza Imana yahaye abantu ububasha nk’ubwo.
9 Yezu amaze kuva ng’aho, abona umugabo yitwa Matayo yicaye aho batoreza ikori*, maze amubwira ati: «Nkurikira.» Ubwo nyene aca arahaguruka aramukurikira+.
10 Mu nyuma, igihe Yezu yari mu nzu ariko arafungura*, haza abatozakori n’abacumuzi benshi, batangura gusangira na we hamwe n’abigishwa biwe+.
11 Abafarizayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: «Kubera iki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori hamwe n’abacumuzi+?»
12 Yezu abumvise, aca ababwira ati: «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera+.
13 Genda rero mwige ico ibi bisobanura: “Imbabazi ni zo nshaka, si ibimazi+.” Kuko ntaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.»
14 Maze abigishwa ba Yohani baraza, bamubaza bati: «Kubera iki twe n’Abafarizayo twisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe+?»
15 Yezu abishura ati: «None abagenzi b’umukwe hari impamvu bafise yo kugandara kandi umukwe+ akiri kumwe na bo? Ariko hazogera igihe umukwe akurwe muri bo+, ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.
16 Nta wutera ikiremo gishasha ku mpuzu ishaje, kuko ico kiremo gishasha cokwega iyo mpuzu igaca itabuka cane+.
17 Eka kandi nta bashira umuvinyu mushasha mu mikuza* ishaje. Babigize iyo mikuza iraturika maze umuvinyu ugaseseka, imikuza ikaba yononekaye. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza mishasha, maze vyose bikazigamwa.»
18 Akiriko arababwira ivyo bintu, umutware umwe aramwegera maze aramwunamira*, amubwira ati: «Nibaza ko ubu umukobwa wanje yamaze gupfa, ariko ngwino umurambikeko ibiganza, arasubira kuba muzima+.»
19 Yezu aca arahaguruka aramukurikira, agenda ajanye n’abigishwa biwe.
20 Maze umugore umwe amaze imyaka 12 ava amaraso+ azanana inyuma yiwe, akora ku buyonga bw’impuzu* yiwe+,
21 kuko yaguma yibwira ati: «Ninakora gusa ku mpuzu yiwe ndakira.»
22 Yezu aca arahindukira aramubona, maze amubwira ati: «Humura mukobwa wanje! Ukwizera kwawe kuragukijije+.» Ubwo nyene uwo mugore aca arakira+.
23 Yezu yinjiye mu nzu y’uwo mutware akabona abariko bavuza imyironge n’isinzi ririko rivuza urwamo+,
24 aca avuga ati: «Nimusohoke, kuko uwo mukobwa atapfuye, ahubwo arasinziriye+.» Baca batangura kumutwengera mw’ijigo.
25 Nya bantu bamaze gusohoka, Yezu aca arinjira, afata ukuboko+ uwo mukobwa, na we aca aravyuka+.
26 Emwe, iyo nkuru ica ikwira muri ako karere kose.
27 Yezu avuye ng’aho, abagabo babiri b’impumyi+ baramukurikira, bagenda barasemerera bati: «Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!»
28 Amaze kwinjira mu nzu, abo bagabo b’impumyi baza aho ari, maze Yezu ababaza ati: «Murizeye ko ivyo nshobora kubikora+?» Bamwishura bati: «Egome Mukama.»
29 Aca akora ku maso yabo+, ababwira ati: «Nibibabere nk’uko muvyizeye.»
30 Amaso yabo aca arahumuka. Yezu aca arabihanikiriza ati: «Murabe neza ntihagire uwubimenya+.»
31 Ariko bamaze gusohoka, baca bakwiragiza ivyiwe muri ako karere kose.
32 Bavuye ng’aho, abantu baca bamuzanira umuragi arimwo idayimoni+.
33 Yezu amaze kwirukana iyo dayimoni, uwo muragi aca atangura kuvuga+. Amasinzi y’abantu aca arumirwa, avuga ati: «Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi muri Isirayeli+.»
34 Ariko Abafarizayo bavuga bati: «Umutware w’amadayimoni ni we amushoboza kwirukana amadayimoni+.»
35 Hanyuma Yezu azunguruka mu bisagara vyose no mu bigwati vyose, agenda yigisha mu masinagogi yabo, yamamaza inkuru nziza y’Ubwami yongera akiza indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose+.
36 Abonye amasinzi y’abantu, bamutera ikigongwe+ kuko bari baratabaguwe kandi barasabagiye nk’intama zitagira umwungere+.
37 Maze abwira abigishwa biwe ati: «Emwe ivyimburwa ni vyinshi, ariko abakozi ni bake+.
38 Nimwinginge rero uwujejwe iyimbura arungike abakozi mu vyimburwa vyiwe+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ariko ararogota.»
^ Canke «ku biro vy’ikori.»
^ Canke «yari mu nzu yicaye ku meza.»
^ Canke «mu mikuza y’inshato.»
^ Canke «yikubita imbere yiwe.»
^ Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»