Mika 1:1-16

  • Urubanza rwaciriwe Samariya n’Ubuyuda (1-16)

    • Ibicumuro n’ubugarariji ni vyo vyakweze ingorane (5)

1  Ibi ni vyo Yehova yabwiye Mika*+ w’i Moresheti mu gihe ca Yotamu+, Ahazi+ na Hezekiya+, abami b’Ubuyuda+. Yabimubwiye mu vyo yariko aramwereka bijanye na Samariya na Yeruzalemu:   «Nimwumve, yemwe mahanga mwese! Umviriza wa si we n’ibiri muri wewe vyose.Umukama Segaba Yehova nabe icabona kibagiriza+,emwe Yehova iyo ari mu rusengero rwiwe rweranda.   Raba! Yehova agira aze avuye ahantu hiwe.Azomanuka ahonyange imisozi yo kw’isi.   Imisozi izoshongera munsi yiwe+,ibiyaya bisatagurike,nka kurya ishashara rishonga imbere y’umuriro,nka kurya kw’amazi asutswe ahantu hashunguruka.   Ivyo vyose vyatewe n’uko Yakobo yagararije,biterwa n’ibicumuro vy’Abisirayeli+. None ni igiki catumye Yakobo agarariza? Si Samariya+? Ibibanza vyo gusengeramwo* vy’Ubuyuda+ ni nde yobibazwa? Si Yeruzalemu?   Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike mu gahinga,ahantu ho gutera imizabibu.Amabuye yiwe nzoyaterera* mu kiyaya,imishinge yiwe ndayishire ahabona.   Ibishusho vyiwe bibajwe bizomenagurwa vyose+,kandi ingabire zose yahawe mu kwidandaza* zizoturirwa+. Nzotikiza ibigirwamana vyiwe vyose. Bizoba kuko ivyo vyose yabironse abikuye mu mpembo y’ubumaraya,kandi bizosubira kuba impembo y’abamaraya.»   Ku bw’ivyo, nzorira mboroge+.nzogenda ata birato nambaye kandi ndi gusa+. Nzorira nk’imbwebwe,mboroge nk’ibinyoni vyitwa imbuni*.   Kuko uruguma rwiwe rudashobora gukira+.Rwarashitse no mu Buyuda+. Icago carakwiragiye gushika kw’irembo ry’abantu bo mw’ihanga ryacu, gushika i Yeruzalemu+. 10  «Ntimubimenyeshe i Gati.Ntimurire na gato. Ab’i Beti-Afura* nibikumbagaze mu mukungugu. 11  Yemwe ababa* i Shafiri, nimujabuke muri gusa, muri n’ibimaramare. Ababa* i Zanani ntibasohotse. Hazoba amaborogo i Beti-Ezeli, kandi abaho ntibazosubira kubashigikira. 12  Kuko ababa* i Maroti barindiriye ivyiza,mugabo kw’irembo rya Yeruzalemu hakaza ibibi bivuye kuri Yehova. 13  Yemwe ababa* i Lakishi+, nimubohere umukogote ku mafarasi awukwega! Ni mwe mwatumye umukobwa wa Siyoni* acumura,kuko mwangararije nk’uko Abisirayeli bangararije+. 14  Ni co gituma uzoha Moresheti-Gati ingabire z’agasaga. Abantu* b’i Akizibu+ barahenze abami ba Isirayeli. 15  Yemwe ababa* i Maresha+, nzobarungikira umwansi abatera*+. Ubuninahazwa bwa Isirayeli buzoshika i Adulamu+. 16  Nimwimoshe, mwiharanguze kubera abana banyu mukunda. Nimwiharanguze mumere nk’inkonakuko babatse abana banyu, bakabatwara mu bunyagano+

Utujambo tw'epfo

Izina «Mika» ni impfunyapfunyo y’izina «Mikayeli» (risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?») canke «Mikaya» (risobanura ngo «ni nde ameze nka Yehova?»).
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Mu giheburayo havuga ngo «nzoyasuka.»
Canke «impembo zose z’ubumaraya akora.»
Mu gifaransa ni autruche.
Canke «mu nzu ya Afura.»
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mugore aba.»
Mu giheburayo havuga ngo «umugore aba.»
Mu giheburayo havuga ngo «umugore aba.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mugore aba.»
Mu giheburayo havuga ngo «amazu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mugore aba.»
Canke «uwubanyaga utwanyu.»