Mika 2:1-13
2 «Baragowe abatunganya umugambi wo kugira nabi,bagategura ikibi bari ku bitanda vyabo!
Bupfa guca bakabikorakubera ko babishoboye+.
2 Bipfuza amatongo bakayigarurira+,bakipfuza n’amazu bakayatwara.Barazuruma* umuntu inzu yiwe+,bakamutwara intoranwa yiwe.
3 Yehova avuze rero ati:
“Ehe ndiko ntegurira iri hanga ivyago+ mutazohunga*+.
Ntimuzosubira kugendana ubwibone+, kuko ari igihe c’ivyago+.
4 Kuri uwo musi abantu bazobacako umugani,kandi bazobacurira intimba batuntuye+.
Bazovuga bati: ‘Turahonejwe vy’ukuri+!
Yatumye umugabane wacu utwara abandi. Ewe kuntu yawutwatse+!
Amatongo yacu ayahaye ibihemu.’
5 Ni co gituma mw’ishengero rya Yehova ata muntu uzoronkaagorora umugozi wo gupimisha ngo agabure igihugu.
6 Bigisha ngo: ‘Nimureke kwigisha!Nta wukwiye kwigisha ivyo bintu.Ntituzoteterwa.’
7 Yemwe abakomoka kuri Yakobo, abantu boba bavuga ngo:
‘Impwemu ya Yehova ntigishoboye kwihangana?
Uku ni ko akora?’
Mbega amajambo yanje ntagirira neza abagendera mu bugororotsi?
8 Ariko abantu banje basigaye barampagurukiye nk’umwansi.
Abahita ata co binona nk’abavuye mu ntambara,mubambura agasharizo gahambaye ku mugaragaro, mukagatwarana n’impuzu*.
9 Abagore bo mu bantu banje murabomora mu nzu zabo bikundira.Abana babo mubaka ubwiza nabahaye, ntibwigere bubagarukako.
10 Haguruka mugende, kuko aha atari ahantu ho kuruhukira.
Hari agatikizo, agatikizo gateye umubabaro+, kubera ubuhumane+.
11 Umuntu akurikira umuyaga n’ibinyoma, akabesha ngo:
‘Nzokwigisha ibijanye n’umuvinyu be n’inzoga’,
uwo nyene ni we yokwigisha aba bantu+.
12 Ewe Yakobo, nzokoranya vy’ukuri abagukomokako bose.Nzokwegeraniriza hamwe koko Abisirayeli basigaye+.
Nzobashira hamwe nk’intama mu ruhongore,nk’ubusho mu buragiro bwabwo+.Hazoba uruyogoyogo rw’abantu+.”
13 Uwumena agaca inzira azogendera imbere yabo.Bazomena bace mw’irembo, baricemwo mu gusohoka+.
Umwami wabo azobaja imbere,Yehova ari we abarongoye+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «bariba.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mutazokwikura ku mazosi.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mugakuye ku mpuzu.»