Mika 3:1-12
3 Maze mvuga nti: «Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru b’abakomoka kuri Yakobo,namwe batware b’Abisirayeli+.
Mbega ntimwari mukwiye kumenya ibigororotse?
2 Mugabo muranka iciza+ mugakunda ikibi+.Abantu banje mubakurako urukoba, amagufa yabo mukayakurako inyama+.
3 Vyongeye murarya inyama z’abantu banje+,mukabakurako urukoba,mukavunagura amagufa yabo, mukayajanjagura+nk’amagufa bateka mu nkono*, nk’inyama zitekwa mu nkono.
4 Ico gihe bazotabaza Yehova,mugabo ntazobishura.
Ico gihe azobahisha mu maso hiwe+,kubera ibibi bakora+.
5 Ku bijanye n’abahanuzi bazimiza abantu banje+,bamwe bavuga ngo: “Ni amahoro+!” igihe bariko barasemura*+,ariko bakarwanya* uwutagize ico abaha ngo bashire ku munwa, Yehova avuze ati:
6 “Muzobona umwiza w’ijoro+, kandi ntimuzokwerekwa+.Muzobona umwiza gusa, kandi ntimuzoragura.
Abo bahanuzi izuba rizobarengerako,umurango ubabere umwiza+.
7 Aberekwa bazomaramara+,abaraguzi na bo batahe zirayoye.
Bose bazopfuka ubwanwa bwo haruguru*,kubera ko ata nyishu ivuye ku Mana bazoronka.”»
8 Ariko jeho, kubera impwemu ya Yehova, nuzuye ububasha,ubutungane n’inkomezi,kugira ngo menyeshe Yakobo ubugarariji bwiwe, na Isirayeli ndayimenyeshe igicumuro cayo.
9 Ndabinginze mwumve ibi, yemwe bakuru b’abakomoka kuri Yakobonamwe batware b’Abisirayeli+,mwebwe abanka urunuka ubutungane, mukagoramika ibintu vyose bigororotse+,
10 mukubaka Siyoni murinze gusesa amaraso, mukubaka Yeruzalemu murinze gukora ibitagororotse+.
11 Indongozi* zaho ziraka igiturire mu guca imanza+,abaherezi baho bakigisha ari uko babarishe+,n’abahanuzi baho bagasaba amahera* kugira baragure+.
Yamara bishimikiza Yehova* bakavuga ngo:
«None Yehova ntari kumwe natwe+?
Nta cago kizodushikira+.»
12 Ni co gituma kubera mwebwe,i Siyoni hazorimwa nk’umurima,i Yeruzalemu na ho hacike ibirundo vy’ibihomvagurike+,kandi umusozi uriko urusengero* uzomera nk’umusozi* uriko ishamba+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu nkono y’umunwa munini.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «igihe bafise ico bahekenya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bakeza intambara (yo kurwanya).»
^ Canke «bazopfuka umunwa.»
^ Canke «bigira nk’abishimikiza Yehova.»
^ Canke «ifeza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Canke «nk’ibibanza bitaramutse.»