Mika 3:1-12

  • Amabi y’indongozi n’abahanuzi avugwa (1-12)

    • Mika yuzura ububasha kubera impwemu ya Yehova (8)

    • Abaherezi bigisha ku mahera (11)

    • I Yeruzalemu hazocika ibirundo vy’ibihomvagurike (12)

3  Maze mvuga nti: «Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru b’abakomoka kuri Yakobo,namwe batware b’Abisirayeli+. Mbega ntimwari mukwiye kumenya ibigororotse?   Mugabo muranka iciza+ mugakunda ikibi+.Abantu banje mubakurako urukoba, amagufa yabo mukayakurako inyama+.   Vyongeye murarya inyama z’abantu banje+,mukabakurako urukoba,mukavunagura amagufa yabo, mukayajanjagura+nk’amagufa bateka mu nkono*, nk’inyama zitekwa mu nkono.   Ico gihe bazotabaza Yehova,mugabo ntazobishura. Ico gihe azobahisha mu maso hiwe+,kubera ibibi bakora+.   Ku bijanye n’abahanuzi bazimiza abantu banje+,bamwe bavuga ngo: “Ni amahoro+!” igihe bariko barasemura*+,ariko bakarwanya* uwutagize ico abaha ngo bashire ku munwa, Yehova avuze ati:   “Muzobona umwiza w’ijoro+, kandi ntimuzokwerekwa+.Muzobona umwiza gusa, kandi ntimuzoragura. Abo bahanuzi izuba rizobarengerako,umurango ubabere umwiza+.   Aberekwa bazomaramara+,abaraguzi na bo batahe zirayoye. Bose bazopfuka ubwanwa bwo haruguru*,kubera ko ata nyishu ivuye ku Mana bazoronka.”»   Ariko jeho, kubera impwemu ya Yehova, nuzuye ububasha,ubutungane n’inkomezi,kugira ngo menyeshe Yakobo ubugarariji bwiwe, na Isirayeli ndayimenyeshe igicumuro cayo.   Ndabinginze mwumve ibi, yemwe bakuru b’abakomoka kuri Yakobonamwe batware b’Abisirayeli+,mwebwe abanka urunuka ubutungane, mukagoramika ibintu vyose bigororotse+, 10  mukubaka Siyoni murinze gusesa amaraso, mukubaka Yeruzalemu murinze gukora ibitagororotse+. 11  Indongozi* zaho ziraka igiturire mu guca imanza+,abaherezi baho bakigisha ari uko babarishe+,n’abahanuzi baho bagasaba amahera* kugira baragure+. Yamara bishimikiza Yehova* bakavuga ngo: «None Yehova ntari kumwe natwe+? Nta cago kizodushikira+ 12  Ni co gituma kubera mwebwe,i Siyoni hazorimwa nk’umurima,i Yeruzalemu na ho hacike ibirundo vy’ibihomvagurike+,kandi umusozi uriko urusengero* uzomera nk’umusozi* uriko ishamba+.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu nkono y’umunwa munini.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igihe bafise ico bahekenya.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakeza intambara (yo kurwanya).»
Canke «bazopfuka umunwa.»
Canke «bigira nk’abishimikiza Yehova.»
Canke «ifeza.»
Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «nk’ibibanza bitaramutse.»