Mika 5:1-15

  • Umutware azoba afise ubukuru kw’isi yose (1-6)

    • Uwo mutware yovuye i Betelehemu (2)

  • Abasigaye bazomera nk’urume be n’intambwe (7-9)

  • Igihugu kizohumanurwa (10-15)

5  «Ewe mukobwa atewe,ubu uriko urikebagura.Turugarijwe+. Umucamanza wa Isirayeli bamukubita inkoni kw’itama+.   Nayo wewe ga Betelehemu Efurata+,naho uri mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu miryango minini* yo mu Buyuda,iwawe hazova uwuzombera umutware muri Isirayeli+.Amamuko yiwe ni ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera cane.   Ni co gituma Imana izobaheba,gushika aho uwibaruka azokwibarukira. Benewabo n’uwo mutware* basigaye bazogaruka mu Bisirayeli.   Azohagarara aragire ubusho biciye ku nkomezi za Yehova+,biciye ku bukuru bw’izina rya Yehova Imana yiwe. Bazoba mu mutekano+,kuko ico gihe ubukuru bwiwe buzoshika ku mpera z’isi+.   Azozana amahoro+. Umwashuri aramutse ateye igihugu cacu, agahonyoza ikirenge ku minara yacu ikomeye+,tuzohagurutsa abungere indwi bo kumurwanya, duhagurutse indongozi* umunani dukuye mu bantu.   Bazoragiza inkota igihugu ca Ashuri+,baragize inkota igihugu ca Nimurodi+ ku bwinjiriro bwaco. Uwo mutware azodukiza Umwashuri+niyatera igihugu cacu, agahonyoza ikirenge mu karere kacu.   Abakomoka kuri Yakobo basigaye, amahanga menshi abakikujebazoyabera nk’urume ruvuye kuri Yehova,nk’imvura nyinshi igwa ku bimera.Urwo rume n’imvura ntivyitega umuntucanke ngo birindire abana b’abantu.   Abakomoka kuri Yakobo basigaye,mu mahanga no mu migwi myinshi y’abantu ibakikuje,bazoba nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba,nk’intambwe y’umukangara* mu masho y’intama.Iyo irenganye, irabisimbirako ikabitabagura,hakabura uwubitabara.   Uzoduza ukuboko wigina intsinzi ku bansi bawe,kandi abansi bawe bose bazohonywa.» 10  Yehova avuze ati: «Kuri uwo musinzokuraho amafarasi ari iwawe, ntikize n’imikogote yawe. 11  Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawe,nsenyure ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome. 12  Nzokuraho ubupfumu ukora*,kandi nta wukora ivy’amageza azosigara iwawe+. 13  Nzotikiza ibishusho bibajwe be n’inkingi z’amabuye biri iwawe,kandi ntuzosubira kwunamira ivyakozwe n’amaboko yawe+. 14  Nzorandura inkingi nyeranda z’ibiti*+ ziri iwawe,nzimanganye n’ibisagara vyawe. 15  Nzokwihora amahanga atagamburutse,nshavuye kandi naratse.»

Utujambo tw'epfo

Canke «mu bisagara.» Mu giheburayo havuga ngo «mu bihumbi.»
Mu giheburayo havuga ngo «benewabo.»
Canke «abaganwa», «abatware.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Mu giheburayo havuga ngo «buve mu kuboko kwawe.»