Nahumu 1:1-15

  • Imana yihora abansi bayo (1-7)

    • Imana isaba gusengwa yonyene gusa (2)

    • Yehova aritwararika abamuhungirako (7)

  • Ninewe izohonywa (8-14)

    • Yehova ntazokwirirwa arateza ivyago ubugira kabiri (9)

  • Ubuyuda butangarizwa inkuru nziza (15)

1  Urubanza rwaciriwe Ninewe+. Igitabu c’ivyo Nahumu* w’i Elikoshi yeretswe:   Yehova ni Imana isaba gusengwa* yonyene+ kandi yihora.Yehova arihora kandi agiye kwerekana ishavu ryiwe+. Yehova arihora abamurwanya,kandi aguma ashavuriye abansi biwe.   Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+,mugabo Yehova ntazokwigera areka guhana ababikwiye+. Aje azananye n’umuyaga utema ugatongora be n’igihuhusi.Ibirenge vyiwe bitumu⁠ra ibicu nk’umukungu⁠gu+.   Akankamira ikiyaga+ kigakama,agatuma inzuzi zose zikama+. I Bashani n’i Karumeli haruma+,amashurwe y’i Libani na yo agakabirana.   Imisozi irajugumira kubera we,imirambi na yo igashonga+. Isi izohinda agashitsi imbere yiwe.Izohinda agashitsi hamwe n’abayibako bose+.   Ni nde ashobora guhagarara imbere y’uburake bwiwe+? Ni nde ashobora kurinda ishavu ryiwe rirurumba+? Uburake bwiwe buzosukwa nk’umuriro,ibitandara bimenagurike kubera we.   Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye kidukingira ku musi w’amagorwa+. Aritwararika* abamuhungirako+.   Azozana umwuzure utikiza, ahonye Ninewe ntihagire igisigara,kandi umwiza uzokurikirana abansi biwe.   Mbega hari umugambi mwopfundika ngo murwanye Yehova? Arahonya ntihagire igisigara. Ntazokwirirwa arateza ivyago ubugira kabiri+. 10  Naho bameze nk’amahwa azitanye,bakaba kandi bameze nk’ababorewe inzoga*,bazosha baherengetere nk’ivyatsi vyumye. 11  Iwawe hazova uwiyumvira kurwanya Yehova,abahanure ibitagira akamaro. 12  Ibi ni vyo Yehova avuze: «Naho boba bakomeye gute kandi bakaba benshi,bazorandurwa bazimangane*. Naraguteje* imibabaro, ariko sinzosubira kuyiguteza. 13  Ubu rero ngira ndagukureko agahahazo* k’umwansi+,ncagagure imigozi yakubohesheje. 14  Ku vyerekeye wewe*, Yehova yategetse ati:“Nta wuzosubira kwitirirwa izina ryawe. Nzorandura mu nzu* y’imana zawe ibishusho vy’ibibazano n’ibishusho bikozwe mu cuma*. Nzokwimbira imva, kuko ugayitse.” 15  Raba ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza,uwutangaza amahoro+. Ewe Buyuda, himbaza imisi mikuru yawe+, ushitse indagano zawe.Kuko ata mubisha* azosubira kugutera. Azoranduranwa n’imizi.»

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «umuhoza.»
Canke «kwiheberwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «arazi.»
Canke «inzoga y’ingano.»
Ni ukuvuga Ubuyuda.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazorandurwa kandi azoca hagati muri bo.»
Canke «ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Ni ukuvuga Ashuri.
Canke «mu rusengero.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ata muntu w’imburakimazi.»