Nehemiya 11:1-36

  • I Yeruzalemu hasubira kuba abantu (1-36)

11  Ico gihe abatware barongoye abantu baba i Yeruzalemu+. Mugabo ku bijanye n’abantu basigaye, hagizwe ubupfindo+ kugira ngo umuntu umwe mu bantu cumi aje kuba i Yeruzalemu igisagara ceranda, icenda basigaye na bo babe mu bindi bisagara.  Maze abantu bahezagira abitanze bose ngo baje kuba i Yeruzalemu.  Aba ni bo bakuru b’intara baba i Yeruzalemu. (Abasigaye mu Bisirayeli, mu baherezi, mu Balewi, mu basuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ no mu bahungu b’abasuku ba Salomo+, baba mu bindi bisagara vy’Ubuyuda, umwe wese akaba aho yatoranye mu gisagara iwabo+.  Hari n’abandi bantu bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini baba i Yeruzalemu.) Mu bo mu muryango wa Yuda hari Ataya umuhungu wa Uziya, Uziya wa Zakariya, Zakariya wa Amariya, Amariya wa Shefatiya, Shefatiya wa Mahalaleli akomoka muri bene Peresi+.  Hari na Mayaseya umuhungu wa Baruki, Baruki wa Kolihoze, Kolihoze wa Hazaya, Hazaya wa Adaya, Adaya wa Yoyaribu, Yoyaribu wa Zakariya, Zakariya wo mu muryango w’Abashela.  Abakomoka kuri Peresi bose baba i Yeruzalemu bari 468. Bari abagabo b’intwari.  Mu bava mu muryango wa Benyamini hari Salu+ umuhungu wa Meshulamu, Meshulamu wa Yowedi, Yowedi wa Pedaya, Pedaya wa Kolaya, Kolaya wa Mayaseya, Mayaseya wa Itiyeli, Itiyeli wa Yeshaya.  Hari na Gabayi na Salayi. Bose hamwe bari 928.  Yoweli mwene Zikiri ni we yabahagarikira, Yuda mwene Hasenuwa na we akaba icegera c’uwujejwe igisagara. 10  Mu baherezi hari aba: Yedaya mwene Yoyaribu, Yakini+, 11  Seraya umuhungu wa Hilikiya, Hilikiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu+ indongozi mu nzu* y’Imana y’ukuri, 12  hamwe na benewabo bakora igikorwa co muri iyo nzu. Bose hamwe bari 822. Hari na Adaya umuhungu wa Yerohamu, Yerohamu wa Pelaliya, Pelaliya wa Amusi, Amusi wa Zakariya, Zakariya wa Pashuri, Pashuri+ wa Malikiya, 13  na benewabo na Adaya, abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo. Bose hamwe bari 242. Hari na Amashisayi umuhungu wa Azareli, Azareli wa Ahazayi, Ahazayi wa Meshilemoti, Meshilemoti wa Imeri, 14  na benewabo na Amashisayi, abagabo b’intwari kandi barinda. Bose hamwe bari 128. Zabidiyeli ni we yari abahagarikiye, akaba yava mu muryango ukomeye. 15  Mu Balewi hari Shemaya+ umuhungu wa Hashubu, Hashubu wa Azirikamu, Azirikamu wa Hashabiya, Hashabiya wa Buni, 16  n’abakuru b’Abalewi, ari bo Shabetayi+ na Yozabadi+ bari bajejwe ivyakorerwa hanze y’inzu y’Imana y’ukuri. 17  Hari na Mataniya+ umuhungu wa Mika, Mika wa Zabidi, Zabidi wa Asafu+. Asafu yari indongozi y’abaririmvyi, akaba ari we yaja imbere abandi mu gushemeza Imana bariko barasenga+. Hari na Bakibukiya umufasha wa Asafu, na Abuda umuhungu wa Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni+. 18  Abalewi bose baba mu gisagara ceranda bari 284. 19  Abarinzi b’amarembo bari Akubu, Talimoni+ na benewabo barinda amarembo. Bose hamwe bari 172. 20  Abasigaye mu Bisirayeli, mu baherezi no mu Balewi, baba mu bindi bisagara vyose vyo mu Buyuda, umwe wese akaba aho yatoranye*. 21  Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ baba i Ofeli+. Ziha na Gishipa ni bo bari babahagarikiye. 22  Uwari ahagarikiye Abalewi i Yeruzalemu yari Uzi umuhungu wa Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya+, Mataniya wa Mika, akomoka mu baririmvyi bene Asafu. Ni we yari ahagarikiye igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri. 23  Hariho itegeko ry’i bwami ryatanzwe ku bijanye n’abaririmvyi+, ryatuma baza bararonka ivyo bakeneye buri musi. 24  Petahiya mwene Meshezabeli akomoka muri bene Zera, Zera umuhungu wa Yuda, yari umujanama w’umwami* ajejwe ibibazo vyose vy’abanyagihugu. 25  Ng’ibi ibigwati abantu babamwo n’amatongo abikikuje: bamwe mu bava mu muryango wa Yuda baba i Kiriyati-Aruba+ no mu dusagara tuhegukira*, i Diboni no mu dusagara tuhegukira, i Yekabuzeyeli+ no mu bigwati bihegereye, 26  i Yeshuwa, i Molada+, i Beti-Peleti+, 27  i Hazari-Shuwali+, i Beri-Sheba no mu dusagara tuhegukira*, 28  i Sikulagi+, i Mekona no mu dusagara tuhegukira*, 29  i Eni-Rimoni+, i Zora+, i Yarimuti, 30  i Zanowa+, i Adulamu no mu bigwati bihegereye, i Lakishi+ no mu matongo ahakikuje be n’i Azeka+ no mu dusagara tuhegukira*. Baba* kuva i Beri-Sheba gushika ku mubande wa Hinomu+. 31  Abava mu muryango wa Benyamini baba i Geba+, i Mikimashi, i Ayija, i Beteli+ no mu dusagara tuhegukira*, 32  i Anatoti+, i Nobu+, i Ananiya, 33  i Hazori, i Rama+, i Gitayimu, 34  i Hadidi, i Zeboyimu, i Nebalati, 35  i Lodi n’i Ono+ mu mubande w’abanyamyuga b’abahinga. 36  Hari imigwi y’Abalewi bo mu Buyuda barungitswe kuba mu karere ka Benyamini.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu Banetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «mu rusengero.»
Canke «mw’itongo rimwegukira.»
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «yari hafi y’ukuboko kw’umwami.»
Canke «tuhakikuje.»
Canke «tuhakikuje.»
Canke «tuhakikuje.»
Canke «bakambitse.»
Canke «tuhakikuje.»
Canke «tuhakikuje.»