Nehemiya 3:1-32
-
Basanura inzitiro (1-32)
3 Nuko umuherezi mukuru Eliyashibu+ na benewabo b’abaherezi barahaguruka bubaka irembo ry’intama+. Maze bararyeza*+ hanyuma barishirako imiryango. Igice bejeje cava kuri iryo rembo gushika ku munara wa Meya+ n’uwa Hananeli+.
2 Abubatse iruhande yabo bari abagabo b’i Yeriko+. Iruhande y’abo bagabo b’i Yeriko hubatse Zakuri mwene Imuri.
3 Bene Hasenaya bubatse irembo ry’amafi+, bashiraho inkingi zaryo z’ibiti+, bashirako n’imiryango yaryo n’ivyugazo.
4 Uwasanuye iruhande yabo yari Meremoti+ mwene Uriya, Uriya mwene Hakozi. Iruhande yiwe hasanuye Meshulamu+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Meshezabeli. Iruhande ya Meshulamu hasanuye Sadoki mwene Bayana.
5 Iruhande ya Sadoki hasanuye Abanyatekowa+. Mugabo abanyacubahiro bo muri bo baranse kwicisha bugufi* ngo bakore ibikorwa bahawe n’ababahagarikiye.
6 Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya basanuye irembo ry’igisagara ca kera+, bashiraho inkingi zaryo z’ibiti, bashirako n’imiryango yaryo n’ivyugazo.
7 Iruhande yabo hasanuye Umunyagibeyoni+ yitwa Melatiya n’Umunyameronoti yitwa Yadoni. Bari abagabo b’i Gibeyoni n’i Mizipa+ batwarwa na buramatari* wo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*+.
8 Iruhande yabo hasanuye Uziyeli mwene Harihaya yacura inzahabu. Iruhande yiwe hasanuye Hananiya yakora amavuta*. I Yeruzalemu bahashashe amabuye* gushika ahitwa uruhome rwagutse+.
9 Iruhande yabo hasanuye Refaya mwene Huru, umutware yatwara igice c’intara ya Yeruzalemu.
10 Iruhande yiwe hakurikiye Yedaya mwene Harumafu. Yasanuye ahatumberanye n’inzu yiwe. Iruhande yiwe na ho hasanuye Hatushi mwene Hashabuneya.
11 Malikiya mwene Harimu+ na Hashubu mwene Pahati-Mowabu+ basanuye umunara w’amafuru+ n’ikindi gice* c’uruzitiro.
12 Iruhande yabo hasanuye Shalumu mwene Haloheshi, umutware yatwara ikindi gice c’intara ya Yeruzalemu, ari kumwe n’abakobwa biwe.
13 Hanuni n’ababa i Zanowa+ basanuye irembo ryo ku mubande+. Bararisanuye barishirako imiryango n’ivyugazo. Basanuye uruzitiro ahangana n’intambwe 1.000*, bashikana kw’irembo ry’ibirundo vy’umunyota+.
14 Malikiya mwene Rekabu, umutware w’intara ya Beti-Hakeremu+, yasanuye irembo ry’ibirundo vy’umunyota. Yararisanuye arishirako imiryango n’ivyugazo.
15 Shaluni mwene Kolihoze, umutware w’intara ya Mizipa+, yasanuye irembo ryo kw’isôko+. Yararisanuye, ararisakara, arishirako imiryango n’ivyugazo. Asanura n’uruzitiro ruri hafi y’ikidengeri+ c’umugende hampande y’umurima w’umwami+, ashika no ku nzira y’ingazi+ zimanuka zivuye mu gisagara ca Dawidi+.
16 Iruhande yiwe hakurikiye Nehemiya mwene Azibuki, umutware yatwara igice c’intara ya Beti-Suri+. Mu gusanura yahereye imbere y’imva za Dawidi+ ashikana ku kidengeri+ cari carubatswe, ashika no ku nzu y’abahizi.
17 Iruhande yiwe hasanuye Abalewi: Rehumu mwene Bani, hakurikira Hashabiya, umutware yatwara igice c’intara ya Keyila+. Yakoze igikorwa co gusanura aserukiye intara yiwe.
18 Iruhande yiwe hakurikiye benewabo b’Abalewi. Bakoze igikorwa co gusanura bahagarikiwe na Bavayi mwene Henadadi, umutware yatwara ikindi gice c’intara ya Keyila.
19 Iruhande yiwe hakurikiye Ezeri mwene Yeshuwa+, umutware w’i Mizipa. Yasanuye ikindi gice c’uruzitiro kirabana n’umudugo uja ahitwa ku rwego+, ahari ububiko bw’ibirwanisho.
20 Iruhande yiwe hakurikiye Baruki mwene Zabayi+. Yakoranye umwete, asanura ikindi gice c’uruzitiro, kuva aho ku rwego gushika ku bwinjiriro bw’inzu y’umuherezi mukuru Eliyashibu+.
21 Iruhande yiwe hakurikiye Meremoti+ mwene Uriya, Uriya mwene Hakozi. Yasanuye ikindi gice c’uruzitiro, kuva ku bwinjiriro bw’inzu ya Eliyashibu gushika ku mpera yayo.
22 Iruhande yiwe hasanuye abaherezi bo mu karere ka Yorodani*+.
23 Iruhande yabo hakurikiye Benyamini na Hashubu. Basanuye ahatumberanye n’inzu yabo. Iruhande yabo hakurikiye Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Ananiya. Yasanuye hafi y’inzu yiwe.
24 Iruhande yiwe hakurikiye Binuwi mwene Henadadi. Yasanuye ikindi gice c’uruzitiro, kuva ku nzu ya Azariya gushika ahitwa ku rwego+ no ku mfuruka.
25 Iruhande yiwe hakurikiye Palali mwene Uzayi. Yakoze igikorwa co gusanura imbere y’urwo rwego n’umunara wo haruguru ufatanye n’inzu* y’umwami+, uri mu kigo c’abarinzi+. Iruhande yiwe hakurikiye Pedaya mwene Paroshi+.
26 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ b’i Ofeli+ basanuye gushika imbere y’irembo ry’amazi+ mu buseruko, bashika no ku munara warengako ku ruzitiro.
27 Iruhande yabo hakurikiye Abanyatekowa+. Basanuye ikindi gice c’uruzitiro bahereye imbere y’umunara munini urengako ku ruzitiro, bashika ku ruzitiro rw’i Ofeli.
28 Abaherezi basanuye hejuru y’irembo ry’amafarasi+, umwe wese asanura ahatumberanye n’inzu yiwe.
29 Iruhande yabo hakurikiye Sadoki+ mwene Imeri. Yasanuye ahatumberanye n’inzu yiwe.
Iruhande yiwe hasanuye Shemaya mwene Shekaniya, umurinzi w’irembo ryo mu buseruko+.
30 Iruhande yiwe hakurikiye Hananiya mwene Shelemiya na Hanuni umuhungu wa Zalafu agira gatandatu. Basanuye ikindi gice c’uruzitiro.
Iruhande yabo hakurikiye Meshulamu+ mwene Berekiya. Yasanuye ahatumberanye n’icumba ciwe.
31 Iruhande yiwe hakurikiye Malikiya wo mw’ishirahamwe ry’abacura inzahabu. Yasanuye gushika ku nzu y’abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ n’abadandaza. Yarasanuye n’aharabana n’irembo ry’ukugenzura gushika ku cumba co hejuru co ku mfuruka.
32 Abacura inzahabu n’abadandaza basanuye agace kari hagati y’ico cumba co hejuru co ku mfuruka n’irembo ry’intama+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «baryegurira Imana.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntibazanye amazosi yabo.»
^ Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.
^ Mu giheburayo havuga ngo «begukira intebe y’ubwami ya buramatari.»
^ Canke «amavuta amota (amaparufe).»
^ Canke «amabuye abase.»
^ Canke «ikindi gice gipimwe.»
^ Ni nk’imetero 445. Raba Inyongera ya B14.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu karere ko mu micungararo.»
^ Canke «ikirimba.»
^ Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
^ Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»