Nehemiya 4:1-23

  • Igikorwa gitera imbere naho hari abansi (1-14)

  • Abubatsi babandanya kwubaka bafise ibirwanisho (15-23)

4  Sanibalati+ akimara kwumva yuko twasubiye kwubaka uruzitiro, aca arashavura kandi arababara cane, aguma atwenga Abayuda.  Maze avugira imbere ya bagenziwe n’ingabo za Samariya ati: «Aba Bayuda ata co bashoboye bariko bakora iki? Bazovyishoboza? Bazoshobora gushikana ibimazi? Ivyo bikorwa bazobirangiza mu musi umwe? Arya mabuye yahiye bazoshobora kuyazikurura mu birundo vy’ibihomvagurike vyuzuye ivu, basubire kuyakoresha+  Wa Mwamoni+ yitwa Tobiya+ yari ahagaze iruhande yiwe, avuga ati: «N’imbwebwe ari imbwebwe yokwurira kuri urwo ruzitiro rw’amabuye bariko barubaka, yoca irusenyurira hasi.»  Maze nsenga nti: «Mana yacu, niwumve ingene bariko baradukengera+, utume amajambo yabo y’akagaye agaruka ku gatwe kabo+. Nutume batsindwa n’abansi babo, bajanwe mu kindi gihugu ari imbohe.  Ntubabarire ikosa ryabo canke ngo uhanagure igicumuro cabo+ kuko batutse abubatsi.»  Nuko tubandanya kwubaka urwo ruzitiro gushika aho rwose rufatana. Twararwubatse gushika ku ca kabiri c’uburebure bwarwo bw’amahagarara, kandi abantu baguma bakora n’umutima wabo wose.  Sanibalati, Tobiya+, Abarabu+, Abamoni n’Abanyashidodi+ bakimara kwumva yuko igikorwa co gusanura inzitiro za Yeruzalemu kiguma gitera imbere be n’uko ahasambutse turiko turahazibira, baca barashavura cane.  Maze baja hamwe, bategura umugambi wo kuza gutera Yeruzalemu no kuhadurumbanya.  Mugabo duca dusenga Imana yacu, dushiraho n’abarinzi baturinda abo bansi bacu umurango n’ijoro. 10  Ariko abo mu Buyuda batangura kuvuga bati: «Abakozi* bararushe, kandi haracariho ibihomvagurike vyinshi. Uru ruzitiro ntituzogenda dushoboye kurwubaka.» 11  Vyongeye, abansi bacu baguma bavuga bati: «Bazobona tubagwako batazi iyo tuzananye, tubice, duhagarike ico gikorwa.» 12  Igihe cose Abayuda baba hafi y’abo bansi bacu baba baje mu gisagara, baguma batubwira* bati: «Bazodutera bazananye impande zose.» 13  Ni kwo guca nshira abagabo inyuma y’uruzitiro mu bibanza vyoroshe gutera*, ndabashiraho mfatiye ku miryango yabo. Baba bafise inkota, amacumu n’imiheto. 14  Mbonye ko bafise ubwoba, nca mva hasi mbwira abanyacubahiro+, abatware bo hasi n’abandi bantu nti: «Ntimubatinye+. Nimwibuke Yehova we ahambaye kandi ateye akoba+, murwanire benewanyu, abahungu banyu, abakobwa banyu, abagore banyu n’imihana yanyu.» 15  Abansi bacu bamaze kwumva yuko twamenye ivyo bagomba kudukorera be n’uko Imana y’ukuri yishe umugambi wabo, twese twaciye twisubirira kwubaka uruzitiro. 16  Kuva uwo musi, abantu banje naciye ndabagabura mu migwi ibiri ingana: bamwe baba bari ku gikorwa+, abandi na bo bafashe amacumu, inkinzo n’imiheto, bambaye n’amakoti y’ivyuma. Abatware+ baba bahagaze inyuma y’Abayuda, bashigikiye 17  abariko bubaka uruzitiro. Abatwara imizigo bakoresha ukuboko kumwe, ukundi na kwo gufashe ikirwanisho*. 18  Umwubatsi wese yubaka yambaye inkota mu mafyinga. Uwuvuza inzamba+ na we yaba ahagaze iruhande yanje. 19  Nuko mbwira abanyacubahiro, abatware bo hasi n’abandi bantu nti: «Igikorwa ni kinini n’ahakeneye gukorwa ni harehare, kandi turiko dukorera ku ruzitiro turi kure na kure. 20  Nimwumva ijwi ry’inzamba, muzoce mukoranira aho turi. Imana yacu izoturwanira+ 21  Nuko tubandanya gukora, abandi* na bo bafashe amacumu, kuva umutwenzi utambitse gushika inyenyeri ziserutse. 22  Ico gihe mbwira abantu nti: «Abagabo nibarare mu gisagara ca Yeruzalemu, umwe wese ari kumwe n’umusuku wiwe. Bazoturinda mw’ijoro, ku murango na ho bakore.» 23  Yaba jewe canke benewacu, canke abasuku banje+ canke abarinzi bangendanira, nta n’umwe yigeze ahindura impuzu. Umwe wese yaguma afise ikirwanisho mu kuryo kwiwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «abikorera imizigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «batubwira incuro cumi.»
Canke «mu bibanza vyo hasi cane biri ahabona.»
Canke «ikirwanisho batera.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikindi ca kabiri.»