Nehemiya 5:1-19

  • Nehemiya abuza ivyo guhahaza abakene (1-13)

  • Nehemiya ntiyagira ubwikunzi (14-19)

5  Ariko abagabo bamwebamwe n’abagore babo batangura kwidogera cane Abayuda benewabo+.  Hari abavuga ngo: «Dufise abahungu benshi n’abakobwa benshi. Turakeneye ivyo dufungura kugira tubeho.»  Hakaba n’abavuga ngo: «Amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu n’amazu yacu tubitangako ingwati kugira ngo turonke ivyo dufungura igihe hari inzara.»  Hari n’abavuga ngo: «Twaragwatirije amatongo yacu n’imirima yacu kugira turonke amahera y’ikori* ry’umwami+.  Twebwe na benewacu turi bamwe* kandi abana bacu ni cokimwe n’ababo. Mugabo abahungu bacu n’abakobwa bacu tubwirizwa kubatanga ngo babe abashumba, kandi bamwe mu bakobwa bacu baramaze kuba abashumba+. Ariko twarabuze uko tugira kuko amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu vyegukira abandi.»  Nkimara kwumva imyidogo yabo n’ayo majambo, nca ndashavura cane.  Maze ndavyiyumvira mu mutima, ndaheza ntatira abanyacubahiro n’abatware bo hasi, ndababwira nti: «Mwubahuka gute kwaka inyungu* benewanyu+ Nca ntunganya ikoraniro rikomeye kubera bo.  Maze ndababwira nti: «Twarakoze uko dushoboye tugaruza benewacu b’Abayuda bari baragurishijwe mu mahanga. None namwe mugomba kugurisha benewanyu+ ngo twongere kubagaruza?» Baca baguma banumye, babura ico bavuga.  Nca mvuga nti: «Ivyo mukora si vyo. Mwari mukwiye kubaho mutinya Imana yacu+ kugira ntitwimaramaze mu mahanga aturwanya. 10  Erega na jewe na benewacu n’abasuku banje turabaha ingurane y’amahera n’intete, ariko nta nyungu tubasaba. Ndabinginze tureke gusaba inyungu abo duha ingurane+. 11  Ndabasavye uyu musi nyene mubasubize amatongo yabo+, imirima yabo y’imizabibu, imirima yabo y’imyelayo* n’amazu yabo, n’ic’ijana* c’inyungu mwabasavye ku mahera, ku ntete, ku muvinyu mushasha no ku mavuta.» 12  Bishura bati: «Turabisubiza kandi nta co tubasaba. Turabikora nk’uko nyene ubivuze.» Mpamagara rero abaherezi maze nsaba abo bagabo kurahira yuko bazokora ivyo bemeye. 13  Vyongeye, nkunkumura impuzu nambaye* maze mvuga nti: «Umuntu wese atazoshitsa ivyo dusezeranye, uku azobe ari ko Imana y’ukuri imukunkumura imukure mu nzu yiwe no mu vyiwe. Uku azobe ari ko akunkumurwa, asigare yera.» Ishengero ryose rica rivuga riti: «Amen*!» Maze bashemeza Yehova. Nuko abantu bashitsa ivyo basezeranye. 14  N’ikindi kandi, kuva umusi umwami Aritazerusi+ yangena kubabera buramatari+ mu Buyuda, ni ukuvuga kuva mu mwaka ugira 20+ gushika mu mwaka ugira 32 aganza+, muri iyo imyaka 12 yose, yaba jewe canke benewacu nta n’umwe yariye ivyo kurya buramatari afitiye uburenganzira+. 15  Ariko ba buramatari b’imbere yanje bari bararemereje abantu. Baguma babaka shekeli* 40 z’ifeza ku musi ku musi zo kugura ivyo kurya n’umuvinyu. Kandi abasuku babo baracinyiza abantu. Mugabo jewe ivyo nta vyo nakoze+ kubera ntinya Imana+. 16  Bisubiye, narafashije mu gikorwa co kwubaka uru ruzitiro, kandi nta n’itongo twaronse+. Abasuku banje bose bama batonda ku gikorwa. 17  Abagabo 150 bagizwe n’Abayuda be n’abatware babo bo hasi ni bo bama bafungurira iwanje. Aho simvuze abaza bavuye mu mahanga. 18  Ku musi ku musi bantegurira* impfizi imwe, intama zitandatu nzizanziza n’inyoni. Rimwe mu misi cumi na ho bantegurira imivinyu y’ubwoko bwose kandi myinshi. Naho ari ukwo, sinasavye ivyo kurya buramatari afitiye uburenganzira, kuko igikorwa abantu bariko ubwaco cabaruhisha. 19  Ewe Mana yanje, uze unyibuke umpezagire* kubera ibintu vyose nakoreye aba bantu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ikibuguro.»
Mu giheburayo havuga ngo «umubiri wacu ni cokimwe n’umubiri wa benewacu.»
Canke «inyungu y’umurengera.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «igice kimwe kw’ijana.» Bakiriha ku kwezi.
Mu giheburayo havuga ngo «nkunkumura igikiriza canje.» Ni ukuvuga igice c’impuzu co mu gikiriza. Kera ico gice cakoreshwa nk’umupfuko.
Canke «nibibe gutyo nyene.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «bantegurira ku mahera yanje.»
Canke «ungirire neza.»