Nehemiya 9:1-38

  • Batura ibicumuro vyabo (1-38)

    • Yehova ni Imana ibabarira (17)

9  Ku musi ugira 24 w’ukwo kwezi kugira indwi, Abisirayeli bakoranira hamwe barisonzesha. Bari bambaye amagunira, biyoreyeko n’umukungugu+.  Nuko abakomotse kuri Isirayeli bitandukanya n’abanyamahanga bose+, maze barahaguruka batura ibicumuro vyabo n’amakosa ba sekuruza bakoze+.  Hanyuma bahagarara aho nyene bari, bamara amasaha atatu* basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’amategeko+ ya Yehova Imana yabo. Bamara ayandi masaha atatu batura ibicumuro vyabo bongera bunamira Yehova Imana yabo.  Maze Yeshuwa, Bani, Kadumiyeli, Shebaniya, Buni, Sherebiya+, Bani na Kenani bahagarara ku kintu gitaramutse+ cubakiwe Abalewi, maze bashira ijwi hejuru batakambira Yehova Imana yabo.  Hanyuma Abalewi Yeshuwa, Kadumiyeli, Bani, Hashabuneya, Sherebiya, Hodiya, Shebaniya na Petahiya bavuga bati: «Nimuhaguruke mushemeze Yehova Imana yanyu gushika ibihe bidahera*+.» Bongerako bati: «Mana, nibashemeze izina ryawe rininahaye. Nta majambo tworonka yo kuritazira no kurishemeza.  Ni wewe Yehova wenyene+. Ni wewe waremye* ijuru iyo riva rikagera n’ingabo zose zo kw’ijuru*, isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose. Vyose ubizigamira ubuzima, kandi ingabo zo kw’ijuru zirakwunamira.  Uri Yehova Imana y’ukuri. Ni wewe watoye Aburamu+ umukura i Uri+ h’Abakaludaya maze umwita Aburahamu+.  Wabonye ko umutima wiwe utaguhemukira*+, uca ugirana na we isezerano ryo kumuha igihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abayebusi n’Abagirugashi, ukagiha n’uruvyaro* rwiwe+. Kandi warashikije ivyo wasezeranye, kubera ko ugororotse.  Warabonye amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri+, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura. 10  Waciye werekana ibimenyetso, ukora n’ibitangaro kugira uhane Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe+, kuko wari uzi ko bagize ubwibone+ bagafata nabi abantu bawe. Warihesheje izina ryabaye rurangiranwa gushika n’uyu musi+. 11  Wasatuye ikiyaga imbere yabo ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+, maze abariko barabakurikira ubaterera ibwina nk’ibuye batereye mu mazi yasebuye+. 12  Ku murango wabayobora ukoresheje inkingi y’igicu, mw’ijoro na ho ugakoresha inkingi y’umuriro, kugira ngo ubamurikire mu nzira bakwiye gucamwo+. 13  Waramanutse uza ku musozi Sinayi+ uvugana na bo uri mw’ijuru+, uraheza ubaha ingingo zigororotse washinze, amategeko y’ukuri*, ivyagezwe vyiza n’amabwirizwa meza+. 14  Wabamenyesheje ivyerekeye isabato yawe nyeranda+ wongera ubaha amabwirizwa, ivyagezwe n’amategeko biciye ku musavyi wawe Musa. 15  Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru igihe bari bashonje+, ukura n’amazi mu rutare igihe bari banyotewe+. Waciye ubabwira ngo baje kwigarurira igihugu wari wararahiye* ko uzobaha. 16  Ariko ba sogokuruza bacu bagize ubwibone+, baba intagondwa*+, ntibumviriza amabwirizwa yawe. 17  Baranse kwumva+, ntibibuka ibintu vy’agatangaza wabakoreye. Ahubwo bigize intagondwa*, bagena umukuru ngo bisubirire mu bushumba bahoramwo mu Misiri+. Mugabo wewe uri Imana yiteguriye kubabarira*, y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi ifise urukundo* rwinshi+. Ni co gituma utabahevye+. 18  N’igihe bihingurira igishusho c’inyana* mu cuma, bakavuga bati: “Iyi ni yo Mana yawe yagukuye mu Misiri+”, bagakora ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye, 19  na ho nyene ntiwabahebeye mu bugaragwa kubera imbabazi zawe nyinshi+. Ntiwakuye hejuru yabo ya nkingi y’igicu yabayobora ku murango canke ya nkingi y’umuriro yabamurikira mw’ijoro mu nzira bakwiye gucamwo+. 20  Wabahaye impwemu yawe nziza kugira ngo baronke ubukerebutsi*+. Ntiwigeze ubima manu bafungura+, kandi warabahaye amazi igihe bari banyotewe+. 21  Wamaze imyaka 40 ubaronsa ibifungurwa mu bugaragwa+. Nta na kimwe babuze. Impuzu zabo ntizaheze+, n’ibirenge vyabo ntivyavyimvye. 22  Wabahaye akarere k’ubwami n’amahanga, urakagabagura+. Baraheza bigarurira igihugu ca Sihoni+, ni ukuvuga igihugu c’umwami wa Heshiboni+, n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani. 23  Watumye abana babo bagwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru+. Maze ubazana mu gihugu wari warasezeraniye ba sekuruza babo yuko bocinjiyemwo bakacigarurira+. 24  Abana babo barinjiye rero muri ico gihugu baracigarurira+, maze ubafasha kunesha Abanyakanani+ baba muri co. Watumye batsinda abami babo n’abantu baho kugira ngo babagenze uko bashaka. 25  Barafashe ibisagara vyabo bikingijwe ibihome+ n’akarere kimbuka*+, bafata n’amazu yuzuye ibintu vyizavyiza vy’ubwoko bwose, ibinogo vy’amazi vyari bimaze kwimbwa, imirima y’imizabibu, imirima y’imyelayo+ n’ibiti vyinshi vyama ivyamwa. Maze bararya barahaga, baradoha, baridagadura mu bintu vyiza vyinshi wabahaye. 26  Ariko baragambaraye barakugarariza+, banka gukurikiza amategeko yawe*. Barishe abahanuzi warungika ngo bababurire, babafashe kukugarukako. Barakoze ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye+. 27  Ivyo vyatumye ureka abansi babo barabatsinda+, bakaguma babateza amagorwa+. Mugabo igihe baba bari mu magorwa, barakuririra maze nawe ukabumva uri mw’ijuru, ukarungika ababakiza abansi babo kubera imbabazi zawe nyinshi+. 28  Mugabo bakimara kuronka agahengwe, baca bongera gukora ivyo ubona ko ari bibi+, nawe ugaca ubakurako amaboko, abansi babo bakabaganza*+. Baraheza bakakugarukako bakagutabaza+, nawe ukabumva uri mw’ijuru maze ukabakiza incuro n’izindi kubera imbabazi zawe nyinshi+. 29  Naho wababurira kugira ngo basubire gukurikiza amategeko yawe, baragize ubwibone banka gukurikiza amabwirizwa yawe+. Baracumuye barenga ku vyagezwe wabahaye, kandi ivyo vyagezwe bituma umuntu abaho iyo abikurikije+. Babaye intagondwa bagutera ibitugu, bakomantaza amazosi, banka kwumva. 30  Warabihanganiye+ imyaka myinshi, uguma ubaburira biciye ku bahanuzi bawe bayoborwa n’impwemu yawe, mugabo banka kwumva. Amaherezo wararetse abantu bo mu bihugu bibanyi barabatsinda+. 31  Mugabo kubera imbabazi zawe nyinshi, ntiwabatikije+ canke ngo ubahebe, kuko uri Imana y’impuhwe* n’imbabazi+. 32  None rero Mana yacu, Mana ihambaye, ikomeye kandi iteye akoba, wewe washikije ivyo wasezeranye ukerekana n’urukundo rudahera*+, turagusavye ntiwirengagize amagume yose yadushikiye twe n’abami bacu, abatware bacu+, abaherezi bacu+, abahanuzi bacu+, ba sogokuruza bacu n’abantu bawe bose, kuva mu misi y’abami ba Ashuri+ gushika n’uyu musi. 33  Mu vyadushikiye vyose, ntiwigeze uturenganya kuko wagumye uri umwizigirwa. Ni twe twakoze ivy’ububisha+. 34  Nayo abami bacu, abatware bacu, abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu, ntibakurikije amategeko yawe canke ngo bumvire* amabwirizwa yawe n’ivyo wabibutsa* ubaburira. 35  No ku ntwaro z’abami bacu, igihe bari bakinezererwa ibintu vyiza vyinshi wabahaye, bibereye mu gihugu cagutse kandi cimbuka* wabaronkeje, ntibagukoreye+ kandi ntibahevye ingeso zabo mbi. 36  Ehe uyu musi turi abashumba+. Turi abashumba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu ngo barye umwimbu waco n’ibintu vyiza vyaco. 37  Umwimbu waco mwinshi uja ku bami wemeye ko batuganza kubera ibicumuro vyacu+. Twebwe* n’ibitungwa vyacu batuganza uko bishakiye, kandi turi mu magorwa menshi. 38  Kubera ivyo vyose rero, tugize isezerano ntabanduka+ rishizwe mu nyandiko kandi ryemejwe n’ikidodo c’abatware bacu, Abalewi bacu n’abaherezi bacu+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ica kane c’umurango.»
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Mu giheburayo havuga ngo «wahinguye.»
Izo ngabo zishobora kuba ari abamarayika n’inyenyeri.
Canke «ari umwizigirwa kuri wewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «yo kwizigirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «wari waradugije ukuboko kwawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaza izosi ryabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaje izosi ryabo.»
Canke «ikunda kubabarira.»
Canke «ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «igishusho c’inyana gikozwe mu cuma bashongesheje.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «isi y’akanovera.»
Mu giheburayo havuga ngo «baterera itegeko ryawe inyuma y’umugongo wabo.»
Canke «bakabahonyanga.»
Canke «ubuntu.»
Canke «rudahemuka.»
Canke «batege yompi.»
Canke «ingabisho wabaha.»
Canke «gifise isi y’akanovera.»
Mu giheburayo havuga ngo «imibiri yacu.»