Rusi 2:1-23
2 Nawomi yari afise incuti yo mu muryango wa Elimeleki umugabo wiwe. Iyo ncuti yitwa Bowazi+ kandi yari itunze cane.
2 Rusi Umunyamowabukazi araheza abwira Nawomi ati: «Ndeka ngende mu mirima gutoragura*+ ivyo abimbuzi basiga inyuma, nkurikira uwo wese yongirira ubuntu.» Nuko Nawomi amwishura ati: «Genda, mukobwa wanje.»
3 Aca aragenda, atangura gukurikira abimbuzi, aza aratoragura ivyo basigaje mu murima. Yasanze ari mu murima wa Bowazi+ wo mu muryango wa Elimeleki+.
4 Ako kanya nyene Bowazi yaciye ashika avuye i Betelehemu maze abwira abimbuzi ati: «Yehova abane namwe!» Na bo bamwishura bati: «Yehova aguhezagire!»
5 Maze Bowazi abaza umukozi yari ajejwe abimbuzi ati: «Uyu mukobwa ni uwa he?»
6 Uwo mukozi amwishura ati: «Ni Umunyamowabukazi+ yagarukanye na Nawomi avuye mu karere ka Mowabu+.
7 Yambajije ati: “Wonkundira ngakurikira abimbuzi, nkagenda ndatoragura*+ amahundo* aciye basigaje?” Kandi yagumye akora kuva mu gitondo, ubu ni ho acicara mu gatutu kugira aruhuke gatoyi.»
8 Maze Bowazi abwira Rusi ati: «Umve mukobwa wanje. Ntihagire uwundi murima ujamwo, igumire ng’aha. Nugumane n’abakobwa bankorera+.
9 Ugume uraba aho baja kwimbura hose, maze ujane na bo. Nabujije abo bahungu ngo ntibagukoreko*. Niwanyoterwa, uraja kunywa ku mazi ari mu mibindi abo bahungu bavomye.»
10 Rusi aca arapfukama, arunama gushika hasi maze amubwira ati: «Ni igiki gitumye ungirira ubuntu, ukanyitwararika kandi ndi umunyamahangakazi+?»
11 Bowazi amwishura ati: «Baranyiganiye ido n’ido ivyiza vyose wakoreye nyokobukwe inyuma y’urupfu rw’umugabo wawe, n’ingene wasize so wawe na nyoko wawe n’igihugu cawe c’amavukiro ukaza mu bantu utari uzi+.
12 Yehova naguhezagire ku vyiza wakoze+. Yehova Imana ya Isirayeli naguhe impembo ikwiye kuko wahungiye munsi y’amababa yiwe+.»
13 Rusi aca avuga ati: «Unkoreye ivyiza vyinshi muvyeyi, kuko umpojeje ukongera ukampumuriza, kandi ntari no mu bakozi bawe.»
14 Hageze gufungura, Bowazi amubwira ati: «Ingo urye umukate, uze urakoza no mu muvinyu ukarishe.» Nuko yicara iruhande y’abimbuzi. Bowazi aca amuha n’intete zikaranze, ararya arahaga, no gusigara birasigara.
15 Rusi ahagurutse ngo asubire mu murima gutoragura+, Bowazi ategeka abahungu bamukorera ati: «Mumureke atoragure n’amahundo* mwagenye, kandi ntihagire ico mumugira+.
16 Mbere muze murasokora dukeya mu vyo muhejeje kugenya, mutumusigire inyuma kugira adutore, kandi ntimumubuze.»
17 Nuko Rusi abandanya gutoragura mu murima gushika ku mugoroba+. Araheza akubita sayiri yari yegeranije, havamwo nk’ingero imwe ya efa*.
18 Maze arazikorera asubira mu gisagara, yereka inabukwe izo yari yegeranije. Aca asokorora n’ibifungurwa vyari vyasigaye+ amaze kurya agahaga, arabimuha.
19 Inabukwe aca amubaza ati: «Uyu musi watoraguye hehe? Wakoreye hehe? Uwakugiriye neza aragahezagirwa+!» Rusi aca abwira inabukwe nyene umurima yakoreyemwo ati: «Uyu musi nakoreye mu murima wa Bowazi.»
20 Nawomi aca amubwira ati: «Aragahezagirwa na Yehova, we aguma agirira ubuntu abazima n’abapfuye+!» Nawomi yongerako ati: «Uwo mugabo ni incuti yacu+. Ni umwe mu bashobora kuducungura*+.»
21 Maze Rusi Umunyamowabukazi yongerako ati: «Yambwiye kandi ati: “Uragumana n’abakozi banje, gushika bahejeje kwimbura imirima yanje yose+.”»
22 Nawomi aca abwira Rusi umukazana wiwe ati: «Mukobwa wanje, ni vyiza ko ugumana n’abakobwa bamukorera, aho kuja mu wundi murima bagahava bagufata nabi.»
23 Nuko Rusi agumana n’abakobwa bakorera Bowazi, aguma atoragura mu mirima gushika iyimbura rya sayiri+ n’iry’ingano birangiye. Aguma yibanira na inabukwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «gutorora», «guhumba.» Raba Insiguro y’amajambo (Gutorora).
^ Canke «gutorora», «guhumba.» Raba Insiguro y’amajambo (Gutorora).
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «imiganda.»
^ Canke «ntibakubuze amahoro.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’imiganda.»
^ Efa ya sayiri ishobora kuba yapima nk’ibilo 13. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «umwe mu ncuti zacu afise uburenganzira bwo kuducungura.»