Tito 2:1-15

  • Impanuro ku bato n’abakuze (1-15)

    • Kwamirira kure ukutubaha Imana (12)

    • Umwete wo gukora ibikorwa vyiza (14)

2  Ariko weho, ugume uvuga ibintu bihuye n’inyigisho ngirakamaro*+.  Abatama nibabe abantu batarenza urugero mu ngeso zabo, badafyina, biyumvira neza*, bakomeye* mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana.  N’abatamakazi nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi canke abaja b’umuvinyu mwinshi, ahubwo babe abigisha ivyiza,  kugira bahanure* abagore bakiri bato gukunda abagabo babo, gukunda abana babo,  kuba abantu biyumvira neza*, batanduye, bitwararika ibikorwa vyo mu rugo*, bameze neza, bayobokera abagabo babo+, kugira ijambo ry’Imana ntiritukwe.  Guma uremesha n’abasore ngo babe abantu biyumvira neza*+,  kandi ugume ubera abandi akarorero mu bijanye n’ibikorwa vyiza muri vyose. Niwigishe ibitanduye* udafyina na gato+,  ukoresha imvugo imeze neza* idashobora gutorwa amahinyu+, kugira abaturwanya bamaramare, babure ikibi* na kimwe batuvugako+.  Abashumba nibayobokere ba shebuja muri vyose+, barondere kubashimisha, batavuga ngo na bo bavuge. 10  Ntibibe ba shebuja+ ahubwo berekane ko ari abizigirwa rwose, kugira ngo muri vyose basharize inyigisho y’Imana, yo Mukiza wacu+. 11  Kuko bwa buntu buhebuje* bw’Imana bwibonekeje, buzanira ubukiriro abantu b’uburyo bwose+. 12  Butwigisha kwamirira kure ukutubaha Imana n’ivyipfuzo vy’isi+, bukatwigisha no kubaho twiyumvira neza*, twigenza mu buryo bugororotse kandi twihebera Imana muri iyi si*+, 13  mu gihe tukirindiriye ca cizigiro giteye umunezero+, turindiriye n’uko ya Mana ikomeye be n’Umukiza wacu Yezu Kristu berekana ubuninahazwa bwabo. 14  Yaritanze ku bwacu+ kugira atubohore*+ tuve mu bugarariji bw’uburyo bwose, yongere yihumanurire umugwi w’abantu yagize ikintu kidasanzwe kimwegukira, bafise umwete wo gukora ibikorwa vyiza+. 15  Guma uvuga ivyo bintu, uhimiriza* wongera ukosora wishimikije ububasha bwose ufise+. Ntihagire umuntu n’umwe agusuzugura.

Utujambo tw'epfo

Canke «ntungamagara.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Mu kigiriki havuga ngo «bafise amagara meza.»
Canke «bakebure», «bigishe.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Canke «bitaho ingo zabo.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «niwigishe mu buryo butanduye.»
Canke «ikintu c’agahomerabunwa.»
Canke «ngirakamaro», «ntungamagara.»
Canke «dufise ubwenge buroranye.»
Canke «iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Mu kigiriki havuga ngo «aducungure.»
Canke «uremesha.»