Umusiguzi 11:1-10

  • Ntugishe akaryo ko gukora iciza (1-8)

    • Terera umukate wawe ku mazi (1)

    • Teragira imbuto kuva mu gitondo gushika ku mugoroba (6)

  • Nuhimbarirwe ubuto ariko nturenze urugero (9, 10)

11  Terera umukate wawe ku mazi+, kuko inyuma y’imisi myinshi uzokwongera kuwuronka+.  Nuheko abantu indwi canke mbere umunani ku mugabane wawe+, kuko utazi ivyago bizoshika kw’isi.  Iyo ibicu vyuzuye amazi, bica birekurira imvura kw’isi, kandi iyo igiti kiguye kiraba mu bumanuko canke mu buraruko, aho caguye ni ho kiguma kiryamye.  Uwuraba umuyaga ntazoteragira imbuto, kandi uwitegereza ibicu ntazokwimbura+.  Kurya nyene utazi ingene impwemu ikorera mu magufa y’umwana ari mu nda* y’umugore yibungenze+, ni ko utazi igikorwa c’Imana y’ukuri, imwe ikora ibintu vyose+.  Nuteragire imbuto zawe mu gitondo, kandi ntureke ngo ukuboko kwawe kuruhuke gushika ku mugoroba+, kuko utazi izizomera, ko ari izi canke ziriya, canke zose.  Umuco ni mwiza, kandi biraryoshe kubona izuba.  Umuntu niyabaho imyaka myinshi, akwiye kuyihimbarirwa yose+. Ariko akwiye kwibuka ko imisi y’umwiza ishobora kuba myinshi. Ibizoza vyose ni ubusa+.  Nezerwa wa musore mu gihe ukiri muto, kandi umutima wawe unezerwe mu misi y’ubusore bwawe. Nukurikire inzira umutima wawe ushaka, kandi uje ahantu hose amaso yawe akweretse. Ariko umenye ko Imana y’ukuri izogucira urubanza kubera ivyo bintu vyose*+. 10  Nurinde rero umutima wawe ibintu bitera amaganya, kandi urinde umubiri wawe ibintu bibabaza, kuko ubuto n’ubusore ari ubusa+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu magufa ari mu nda.»
Canke «izobikubaza vyose.»