Umusiguzi 3:1-22
3 Ikintu cose kirafise umwanya waco.Igikorwa cose kirafise igihe caco munsi y’ijuru:
2 Igihe co kuvuka n’igihe co gupfa,igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe,
3 igihe co kwica n’igihe co gukiza,igihe co kubomora n’igihe co kwubaka,
4 igihe co kurira n’igihe co gutwenga,igihe co kuboroga n’igihe co gutamba*,
5 igihe co guta amabuye n’igihe co kuyegeranya,igihe co kugwana mu nda n’igihe co kutagwana mu nda,
6 igihe co kurondera ikintu n’igihe co gufata ko catakaye,igihe co kugumya ikintu n’igihe co kugita,
7 igihe co gutabura+ n’igihe co gushona,igihe co kunuma+ n’igihe co kuvuga+,
8 igihe co gukunda n’igihe co kwanka+,igihe c’intambara n’igihe c’amahoro.
9 None umukozi yunguka iki mu twigoro twose agira+?
10 Nariboneye igikorwa Imana yahaye abana b’abantu ngo kibafatire.
11 Ikintu cose yakigize ciza* mu gihe caco+. Mbere yashize ibihe bidahera mu mitima y’abantu, ariko ntibazokwigera batahura ibikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva mu ntango gushika kw’iherezo.
12 Nasanze ata kintu cobabera ciza kuruta kunezerwa no gukora ivyiza mu buzima+,
13 kandi umuntu wese akwiye kurya, akanywa kandi agahimbarirwa ibikorwa vyiwe vyose yabiriye akuya. Iyo ni ingabire y’Imana+.
14 Naratahuye ko ivyo Imana y’ukuri ikora vyose bizokwamaho ibihe bidahera. Nta na kimwe umuntu yokwongerako canke ngo akureko. Imana y’ukuri yabikoze gutyo kugira abantu bayitinye+.
15 Ikiba cose kiba caramaze kuba, kandi ikizoba kiba caramaze kubaho+. Ariko Imana y’ukuri irondera ivyo abantu bakurikiranye*.
16 N’ibi narabibonye munsi y’izuba: mu kibanza c’ubutungane hari ububisha, no mu kibanza c’ubugororotsi hari ububisha nyene+.
17 Naciye nibwira mu mutima nti: «Imana y’ukuri izocira urubanza umugororotsi n’umubisha+, kuko ikintu cose n’igikorwa cose gifise umwanya waco.»
18 Nibwiye kandi mu mutima yuko Imana y’ukuri izogerageza abana b’abantu, ikabereka ko bameze nk’ibikoko,
19 kuko hari iherezo ku bantu no ku bikoko. Vyose bifise iherezo rimwe+. Uko kimwe gipfa ni ko n’ikindi gipfa, kandi vyose bifise impwemu imwe+. Umuntu rero nta co arushije ibikoko, kuko vyose ari ubusa.
20 Vyose bija hamwe+. Vyose biva mu mukungugu+, kandi vyose bisubira mu mukungugu+.
21 Ni nde yomenya vy’ukuri ko impwemu y’abantu iduga hejuru, canke ko impwemu y’ibikoko imanuka mu kuzimu+?
22 Narabonye kandi ko umuntu ata comubera ciza kuruta kunezerererwa igikorwa ciwe+, kuko ari yo mpembo* yiwe. None ni nde yotuma ashobora kubona ibizoba amaze gupfa+?
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «gusimbasimba», «gutaragurika.»
^ Canke «yagitunganije neza», «yakigize ikibereye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «irondera ivyazimanganye.»
^ Canke «umugabane.»