Ikete rya Yakobo 2:1-26
2 Bavukanyi, mwoba vy’ukuri mwizera Umukama wacu Yezu Kristu w’ubuninahazwa mukongera mukagira nkunzi+?
2 Iyo umuntu yambaye impeta z’inzahabu ku ntoke be n’impuzu nziza cane aje aho mukoraniye, hakaza n’umworo yambaye impuzu zicafuye,
3 mwoba muraba ryiza umwe yambaye impuzu nziza cane? Mwoba mumubwira muti: «Wewe icara ng’aha mu kibanza ciza», hanyuma mukabwira nya mworo ngo: «Wewe guma uhagaze», canke ngo: «Icara harya hafi y’ibirenge vyanje*+»?
4 Nimba ari ukwo, ntimwumva yuko muri mwebwe hari ivyo gusumbanya abantu+ kandi ko mwabaye abacamanza baca imanza mbi+?
5 Nimwumvirize bavukanyi nkunda cane. Mbega Imana ntiyatoye abo isi ibona ko ari aboro ngo babe abatunzi mu kwizera+ be na ba samuragwa b’Ubwami yasezeraniye abayikunda+?
6 Mugabo muratetereza aboro. Mbega abatunzi si bo babahahaza+, bakabakwega babajana mu masentare?
7 Mbega si bo batuka rya zina* ryiza mwitirirwa?
8 Nimba rero mukurikiza rya tegeko ry’i bwami mwisunze icanditswe kivuga ngo: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+», muriko mugira neza cane.
9 Mugabo nimba mubandanya kugira nkunzi+, muriko muracumura, kandi amategeko arerekana ko mufise ikibagira*+.
10 Kuko iyo umuntu yubahiriza amategeko* yose mugabo akarenga kuri rimwe, aba ayacumuyeko yose+.
11 Kuko uwavuze ngo: «Ntukarenge ibigo+», yavuze kandi ngo: «Ntukice+.» Nimba rero utarenga ibigo mugabo ukica, uba urenze amategeko.
12 Mugume muvuga kandi mwigenza nk’abantu bazocirwa urubanza hisunzwe amategeko y’abantu bidegemvya*+.
13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi ziratsinda urubanza.
14 Bimaze iki ga bavukanyi, umuntu avuze ko afise ukwizera mugabo adafise ibikorwa+? Mbega ukwo kwizera kuzomukiza+?
15 Nimba benewacu canke bashiki bacu badafise ivyo bambara* canke ibifungurwa bikwiye vya buri musi,
16 yamara umwe muri mwebwe akababwira ngo: «Genda amahoro muronke ibibasusurutsa, kandi mufungure neza», mugabo ntimubahe ivyo umubiri wabo ukeneye, bimaze iki+?
17 N’ukwizera kwonyene iyo kudafise ibikorwa, kuba gupfuye+.
18 Yamara rero, hari uwovuga ati: «Wewe ufise ukwizera, nanje mfise ibikorwa. Nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje nkwereke ukwizera kwanje biciye ku bikorwa nkora.»
19 Uremera ko hari Imana imwe? Ni vyiza cane. Ariko n’amadayimoni aravyemera kandi agahinda agashitsi+.
20 Ewe muntu ata co uzi, urashaka kumenya igituma ukwizera kutagira ibikorwa ata co kumaze?
21 Mbega data Aburahamu ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana umuhungu wiwe Izahaki ku gicaniro+?
22 Urabona ko ukwizera kwiwe kwakorana n’ibikorwa vyiwe kandi ko biciye ku bikorwa vyiwe, ukwizera kwiwe kwabaye ugutunganye+.
23 Vyongeye, icanditswe cararangutse, kimwe kivuga ngo: «Aburahamu yizeye Yehova*, abonwa ko ari umugororotsi*+», araheza yitwa «umugenzi wa Yehova*+.»
24 Murabona ko umuntu yitwa umugororotsi biciye ku bikorwa, ntibica ku kwizera kwonyene.
25 Wa mumaraya Rahabu, mbega na we nyene ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira+?
26 Mu vy’ukuri, nk’uko umubiri utagira impwemu* uba upfuye+, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «munsi y’intebe y’ibirenge vyanje.»
^ Canke «barogota kuri rya zina.»
^ Canke «arabakosora nk’abantu barenga amategeko.»
^ Ni ukuvuga amategeko ya Musa.
^ Mu kigiriki havuga ngo «y’umwidegemvyo.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «bari gusa.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «abiharurwako nk’ubugororotsi.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «impemu.»