Yeremiya 12:1-17
12 Ewe Yehova, iyo ndagushikirije ikirego canje,nkavugana nawe ibijanye n’ubutungane, wama ugororotse+.
Ariko none, kubera iki ababisha baroraniwe+,ibihemu bikaba ata co vyinona?
2 Warabateye barashinga imizi.
Barakuze bama ivyamwa.
Bakwamiza mu kanwa, ariko uri kure y’imitima* yabo+.
3 Ariko wewe Yehova, uranzi neza+ kandi urambona.Warasuzumye umutima wanje usanga uri kumwe nawe+.
Bashire ku ruhande nk’intama zo gukererwa,ubashire ukwabo mu kurindira umusi wo kwicwa.
4 Igihugu kizoguma gikabiranye gushika ryari?Ibimera ahantu hose hari agahinga, bizoguma vyumye gushika ryari+?
Kubera ikibi c’abahaba,ibikoko n’inyoni vyarazimanganijwe.
Bavuze bati: «Ntabona ibizodushikira.»
5 Nimba kwiruka n’abagenda n’amaguru bikuruhishije,uzoshobora gute gusiganwa n’amafarasi+?
Ko wumva utekanye mu gihugu c’amahoro,bizokugendera gute muri vya bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani?
6 Kuko na benewanyu n’urugo rwa sobaguhemukiye+.
Barakuvugirije induru.
Ntubizerenaho bokubwira ibintu vyiza.
7 «Narahevye inzu yanje+, icibare kinyegukira+.
Uwo nkunda cane naramuretse agwa mu maboko y’abansi biwe+.
8 Uwunyegukira yambereye nk’intambwe iri mw’ishamba.
Yarantontomeye.
Ni co catumye ndamwanka.
9 Icibare canje, kuri jewe kimeze nk’inyoni ihiga y’amabara menshi.Izindi nyoni zihiga ziragikikuza, zikagitera+.
Yemwe bikoko vyo mw’ishamba mwese, nimukoranire hamwe,muze murye+.
10 Abungere benshi baratikije umurima wanje w’imizabibu+.Bahonyanze umurima wanje+.
Umurima wanje uteye igomwe bawuhinduye ubugaragwa bwatawe.
11 Umurima wanje wacitse agahinga,
urakabirana*.Usigaye ari umusaka imbere yanje+.
Igihugu cose cagizwe umusaka,ariko nta n’umwe abishirako umutima+.
12 Abahonya baje bazananye mu nzira zose zinoze zo mu gahinga,kuko inkota ya Yehova iriko iratikiza mu gihugu cose+.
Nta n’umwe afise amahoro*.
13 Babivye ingano mugabo bimbura amahwa+.
Baruhiye ubusa.
Kubera ishavu rya Yehova rirurumba,bazomaramazwa n’umwimbu wabo.»
14 Ibi ni vyo Yehova avuze: «Ku bijanye n’ababanyi banje bose b’ababisha, bakora ku ntoranwa nahaye abantu banje b’Abisirayeli+, ngira ndabarandure mu gihugu cabo+, kandi nzorandura Ubuyuda muri bo.
15 Ariko ninamara kubarandura, nzosubira kubagirira imbabazi, umwe wese muri bo ndamugarukane mu ntoranwa yiwe, mu gihugu ciwe.»
16 «Kandi nibiga ingeso z’abantu banje, bakiga no kurahira izina ryanje ngo: “Turahiye Yehova Imana nzima!”, kurya nyene bigishije abantu banje kurahira Bayali, bazoronka rero ikibanza mu bantu banje.
17 Mugabo nihagira ihanga ryanka kugamburuka, na ryo nzorirandura. Nzorirandura ndarihonye», ni ko Yehova avuze+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.» Ni ukuvuga ivyiyumviro vy’ibwina canke inyiyumvo z’ibwina.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «uragandara.»
^ Canke «igifise umubiri cose nta mahoro gifise.»