Yeremiya 28:1-17

  • Yeremiya n’umuhanuzi w’ikinyoma Hananiya (1-17)

28  Muri uwo mwaka nyene, mu ntango y’intwaro ya Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda, hakaba hari mu mwaka ugira kane, mu kwezi kugira gatanu, Hananiya mwene Azuri, umuhanuzi yava i Gibeyoni+, ambwirira mu nzu ya Yehova imbere y’abaherezi n’abantu bose ati:  «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Nzovuna igiti co kwikoreza imizigo* c’umwami wa Babiloni+.  Mu myaka ibiri* ngiye kugarukana aha hantu ibikoresho vyose vyo mu nzu ya Yehova, bimwe Nebukadinezari umwami wa Babiloni yakura aha hantu akabijana i Babiloni+.”  “Kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, n’abantu bose bo mu Buyuda bajanywe mu bunyagano i Babiloni+”, ni ko Yehova avuze, “kuko nzovuna igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni.”»  Maze umuhanuzi Yeremiya yishura umuhanuzi Hananiya imbere y’abaherezi n’abantu bose bari bahagaze mu nzu ya Yehova.  Umuhanuzi Yeremiya avuga ati: «Amen*! Yehova nabikore! Yehova nashitse ubuhanuzi uvuze, agarukane aha hantu ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova n’abantu bose bajanywe mu bunyagano, abakure i Babiloni!  Ariko rero, ndakwinginze wumve ubu butumwa ngira mvugire imbere yawe n’aba bantu bose.  Abahanuzi babayeho kera cane imbere ya twe nawe, bahora bavuga ubuhanuzi bujanye n’intambara, ivyago n’ibiza* vyoshikiye ibihugu vyinshi n’ubwami bukomakomeye.  Hagize rero umuhanuzi avuga ubuhanuzi bw’amahoro maze ivyo avuze bikaranguka, bizoheza bimenyekane ko Yehova ari we vy’ukuri yamutumye.» 10  Umuhanuzi Hananiya aca akura kw’izosi ry’umuhanuzi Yeremiya ca giti co kwikoreza imizigo, arakivuna+. 11  Maze Hananiya avugira imbere y’abantu bose ati: «Yehova avuze ati: “Uku ni ko nzovuna igiti co kwikoreza imizigo ca Nebukadinezari umwami wa Babiloni mu myaka ibiri, ndagikuye kw’izosi ry’amahanga yose+.”» Nuko umuhanuzi Yeremiya arigira. 12  Umuhanuzi Hananiya amaze kuvuna ca giti co kwikoreza imizigo agikuye kw’izosi ry’umuhanuzi Yeremiya, Yehova ashikiriza Yeremiya ubu butumwa: 13  «Genda ubwire Hananiya uti: “Yehova avuze ati: ‘Wavunye ivyo kwikoreza imizigo bikozwe mu giti+, ariko mu kibanza cavyo uzokora ivy’icuma.’ 14  Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nzoshira kw’izosi ry’ayo mahanga yose ico kwikoreza imizigo gikozwe mu cuma, kugira ngo akorere Nebukadinezari umwami wa Babiloni, kandi azomukorera ata kabuza+. Nzomuha n’ibikoko vyo mw’ishamba+.’”» 15  Umuhanuzi Yeremiya aca abwira umuhanuzi Hananiya+ ati: «Ewe Hananiya, ndagusavye wumvirize. Yehova ntiyagutumye, mugabo watumye aba bantu bizigira ibinyoma+. 16  Yehova rero avuze ati: “Urazi? Ngira ndagukure kw’isi. Muri uyu mwaka uzopfa, kuko waremesheje abantu kugarariza Yehova+.”» 17  Nuko umuhanuzi Hananiya apfa muri uwo mwaka, mu kwezi kugira indwi.

Utujambo tw'epfo

Canke «nzovuna ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «mu myaka ibiri y’imisi.»
Canke «nibibe gutyo nyene.»
Canke «indwara.»