Yeremiya 32:1-44

  • Yeremiya agura itongo (1-15)

  • Isengesho rya Yeremiya (16-25)

  • Inyishu ya Yehova (26-44)

32  Mu mwaka ugira 10 Zedekiya umwami w’Ubuyuda aganza, akaba ari umwaka ugira 18 Nebukadinezari*+ aganza, Yehova yaravuganye na Yeremiya.  Ico gihe ingabo z’umwami wa Babiloni zari zugarije Yeruzalemu, umuhanuzi Yeremiya na we apfungiwe mu kigo c’abarinzi+, ku kirimba* c’umwami w’Ubuyuda.  Zedekiya umwami w’Ubuyuda yari yamupfunze+, amubwira ati: «Kubera iki uvuga ubuhanuzi nk’ubwo? Uvuga ngo: “Yehova avuze ati: ‘Ngira ntange iki gisagara ku mwami wa Babiloni, agifate+,  kandi na Zedekiya umwami w’Ubuyuda ntazokira Abakaludaya, kuko azogwa koko mu maboko y’umwami wa Babiloni. Bazovugana imbonankubone, babonane amaso mu yandi+.’”  “Azotwara Zedekiya i Babiloni, kandi ni ho azoguma gushika nitayeho ivyiwe”, ni ko Yehova avuze. “Naho muguma murwanya Abakaludaya, ntimuzotsinda+.”»  Yeremiya yavuze ati: «Yehova yambwiye ati:  “Hanameli mwene sowanyu Shalumu agira aze kukubwira ngo: ‘Nugure itongo ryanje riri i Anatoti+ ribe rwawe, kuko ari wewe ufise uburenganzira bwa mbere bwo kuricungura+.’”»  Nuko Hanameli mwene datawacu aza kundaba mu kigo c’abarinzi, nk’uko Yehova yari yavuze, maze ambwira ati: «Ndakwinginze ugure itongo ryanje riri i Anatoti mu karere ka Benyamini, kuko ufise uburenganzira bwo kuryegukira no kuricungura. Rigure ribe rwawe.» Nca menya ko vyari bivuye kuri Yehova.  Nuko ngura iryo tongo rya Hanameli mwene datawacu ryari i Anatoti. Maze ndamupimira amahera+: shekeli* indwi n’ifeza cumi. 10  Maze ndavyandika ku rwandiko+, nshirako ikidodo, mpamagara ivyabona+, nca mpima nya mahera ku munzane. 11  Ndaheza ntora nya rwandiko rw’ubuguzi rwari rwashizweko ikidodo nk’uko bisabwa n’ibwirizwa be n’amategeko, ntora n’urwandiko rutashizweko ikidodo. 12  Nca mpa nya rwandiko rw’ubuguzi Baruki+ mwene Neriya+, Neriya wa Mahiseya, ndarumuhera imbere ya Hanameli mwene datawacu, imbere ya nya vyabona bari barwanditseko, n’imbere y’Abayuda bose bari bicaye mu kigo c’abarinzi+. 13  Nuko ntegeka Baruki imbere yabo nti: 14  «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Tora izi nzandiko, ni ukuvuga uru rwandiko rwashizweko ikidodo n’uru rundi rutashizweko ikidodo, maze uzishire mu nkono y’ibumba kugira ngo zizigamwe igihe kirekire.” 15  Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Abantu bazosubira kugura amazu n’amatongo n’imirima y’imizabibu muri iki gihugu+.”» 16  Maze guha nya rwandiko rw’ubuguzi Baruki mwene Neriya, nca nsenga Yehova nti: 17  «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Erega ni wewe waremye* ijuru n’isi ukoresheje ububasha bwawe buhambaye+ n’ukuboko gukomeye*. Nta kintu c’agatangaza kuri wewe. 18  Wereka urukundo rudahera* abantu ibihumbi, mugabo ukareka abana bagashikirwa n’ingaruka z’amakosa ba se bakoze*+. Uri Imana y’ukuri, Umwe ahambaye kandi akomeye yitwa Yehova Nyeningabo. 19  Imigambi* yawe irahambaye kandi ukora ibikomeye+, wewe witegereza ibintu vyose abantu bakora+, kugira ngo uhe umwe wese ibikwiranye n’ingeso ziwe be n’ivyo akora+. 20  Mu gihugu ca Misiri warahakoreye ibimenyetso n’ibitangaro bizwi gushika n’uyu musi. Vyatumye izina ryawe riba rurangiranwa muri Isirayeli no mu bandi bantu bose+, nk’uko biri uyu musi. 21  Maze ukura abantu bawe b’Abisirayeli mu gihugu ca Misiri ukoresheje ibimenyetso, ibitangaro, ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha* hamwe n’ibikorwa biteye ubwoba+. 22  Mu nyuma warabahaye iki gihugu wari wararahiye ko uzoha ba sekuruza babo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 23  Baracinjiyemwo baracigarurira, mugabo ntibumviye ijwi ryawe canke ngo bagendere mu mategeko yawe. Ibintu vyose wari warabategetse gukora ntibabikoze, bituma ubateza ibi vyago vyose+. 24  Ehe abantu baraje gutera iki gisagara. Bubatse ibintu buririrako ngo bagifate+. Kubera inkota+, inzara n’ikiza*+, iki gisagara kizogwa vy’ukuri mu maboko y’Abakaludaya bariko barakirwanya. Nk’uko uvyibonera, ivyo wavuze vyose vyabaye. 25  Yamara, Mukama Segaba Yehova, wambwiye uti: “Nugure iryo tongo amahera ribe rwawe, uhamagare n’ivyabona”, ubimbwira kandi iki gisagara kizogwa vy’ukuri mu maboko y’Abakaludaya.» 26  Nuko Yehova abwira Yeremiya ati: 27  «Ndi Yehova Imana y’abantu bose*. Mbega hari ikintu c’agatangaza kuri jewe? 28  Jewe Yehova mvuze rero nti: “Ngira ntange iki gisagara ku Bakaludaya no kuri Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, agifate+. 29  Abakaludaya baje gutera iki gisagara bazokwinjira bagiturire gitokombere+. Bazoturira n’amazu abantu bahora bashikanirako ibimazi Bayali bari ku gisenge, bakahasukira n’amashikanwa y’ibinyobwa bayaha izindi mana kugira bambabaze+.” 30  “Kuko Abisirayeli n’abo mu Buyuda bakoze gusa ivyo mbona ko ari bibi kuva mu buto bwabo+. Abisirayeli baguma bambabaza biciye ku vyo bakora”, ni ko Yehova avuze. 31  “Kuko iki gisagara cagumye gusa kintera ishavu n’uburake kuva umusi bacubaka gushika n’uyu musi+. Ni co gituma gitegerezwa kumva mu maso+, 32  kubera ibibi vyose Abisirayeli n’abo mu Buyuda bakoze kugira bambabaze, bo n’abami babo+, abatware babo+, abaherezi babo, abahanuzi babo+, n’abagabo bo mu Buyuda be n’ababa i Yeruzalemu. 33  Bagumye bantera ibitugu aho kumpanga amaso+. Naho nagerageje kubigisha incuro n’izindi*, nta n’umwe muri bo yumvirije ngo yemere gutozwa indero+. 34  Barashize ibigirwamana vyabo bisesemye mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira ngo bayihumanye+. 35  Vyongeye, barubatse ibibanza vyo gusengeramwo Bayali* mu mubande wa mwene Hinomu*+, kugira ngo baturire abahungu babo n’abakobwa babo ngo babashikanire Moleki*+. Ico ni ikintu gishisha ntabategetse+, kitigeze kinza mu mutima*, catumye abo mu Buyuda bacumura.” 36  Ibi rero ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze kuri iki gisagara muvuga ko kizotangwa ku mwami wa Babiloni biciye ku nkota, inzara n’ikiza: 37  “Nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nabashwiragijemwo nshavuye, naratse kandi nshangashiwe+. Nzobagarukana aha hantu, ndabareke bibereho mu mutekano+. 38  Bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo+. 39  Nzobaha umutima umwe+ n’inzira imwe kugira ngo bame bantinya, ku neza yabo n’iy’abana babo mu nyuma zabo+. 40  Nzogirana na bo isezerano ryamaho+ yuko ntazoreka kubakorera iciza+. Nzotuma umutima wabo untinya kugira ngo ntibareke kunkurikira+. 41  Nzonezerwa kubera bo, ndabakorere iciza+, kandi nzobateragira muri iki gihugu bashinge imizi+. Nzobikorana umutima wanje wose n’inkomezi zanje zose.”» 42  «Kuko Yehova avuze ati: “Nk’uko nazanye kuri aba bantu ibi vyago vyose bikomeye, ni ko nzobazanako ivyiza vyose ndabasezeraniye+. 43  Abantu bazosubira kugura amatongo muri iki gihugu+, naho muvuga ngo: ‘Iki gihugu ni agahinga katabamwo abantu n’ibikoko, kandi caratanzwe ku Bakaludaya.’” 44  “Abantu bazogura amatongo amahera, bandike inzandiko z’ubuguzi, bazishireko ikidodo, bahamagare n’ivyabona. Ivyo bizoba mu karere ka Benyamini+, mu micungararo ya Yeruzalemu, mu bisagara vy’Ubuyuda+, ivyo mu misozi, ivyo mu karere k’imirambi+ n’ivyo mu bumanuko, kuko nzogarukana abantu baho bagizwe imbohe+”, ni ko Yehova avuze.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «wahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «rudahemuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukishura ikosa rya ba se mu gikiriza c’abana babo.»
Mu giheburayo havuga ngo «impanuro.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «indwara.»
Canke «igifise umubiri cose.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «kubigisha, nkavyuka kare nkabigisha.»
Canke «mu bwenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «bacishe abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro ku bwa Moleki.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse vya Bayali.»