Yeremiya 36:1-32

  • Yeremiya abwira Baruki ivyo yandika (1-7)

  • Baruki asoma ibiri mu muzingo n’ijwi ryumvikana (8-19)

  • Yehoyakimu aturira uwo muzingo (20-26)

  • Ubutumwa busubira kwandikwa mu wundi muzingo (27-32)

36  Nuko mu mwaka ugira kane w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, Yehova abwira Yeremiya ati:  «Tora umuzingo* uwandikemwo amajambo yose nakubwiye yo kuburira Isirayeli n’Ubuyuda+ n’amahanga yose+. Nayakubwiye kuva umusi wa mbere navuganye nawe mu gihe ca Yosiya gushika n’uyu musi+.  Abo mu Buyuda nibumva ivyago vyose ngira ndabateze, hari aho bohindukira bagaheba ingeso zabo mbi, nanje nkababarira ikosa ryabo n’igicumuro cabo+  Yeremiya ahamagara rero Baruki+ mwene Neriya. Maze Yeremiya amubwira ivyo Yehova yamubariye vyose, Baruki na we avyandika mu muzingo*+.  Yeremiya aca ategeka Baruki ati: «Jewe ndapfunzwe, sinshobora kwinjira mu nzu ya Yehova.  Ni wewe rero utegerezwa kwinjirayo, ugasoma n’ijwi ryumvikana amajambo ya Yehova nakubwiye ngo wandike muri uyo muzingo. Uyasomere mu nzu ya Yehova abantu bumva, ku musi wo kwisonzesha. Bizotuma abantu bose bo mu Buyuda bazoba baje bavuye mu bisagara vyabo bayumva.  Hari aho Yehova yokwumva ugutakamba kwabo, bagahindukira, umwe wese agaheba ingeso ziwe mbi, kuko Yehova yavuze ko afitiye aba bantu ishavu ryinshi n’uburake bwinshi.»  Nuko Baruki mwene Neriya akora ivyo umuhanuzi Yeremiya yari yamutegetse vyose. Asomera mu nzu ya Yehova n’ijwi ryumvikana amajambo ya Yehova+ yari muri wa muzingo*.  Nuko mu mwaka ugira gatanu w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, mu kwezi kugira icenda, abantu bose b’i Yeruzalemu n’abantu bose baje i Yeruzalemu bavuye mu bisagara vy’Ubuyuda batangaza umusi wo kwisonzesha imbere ya Yehova+. 10  Maze Baruki asomera mu nzu ya Yehova n’ijwi ryumvikana amajambo ya Yeremiya yari muri wa muzingo*. Yayasomeye mu cumba* ca Gemariya+ mwene Shafani+ umwimuzi* cari mu kigo co haruguru, hafi y’ubwinjiriro bw’irembo rishasha ry’inzu ya Yehova+, ayasoma abantu bose bumva. 11  Mikaya mwene Gemariya, Gemariya mwene Shafani, yumvise amajambo yose ya Yehova yari muri nya muzingo*, 12  aca amanuka ku kirimba* c’umwami mu cumba c’umunyamabanga. Abatware* bose ni ho bari bicaye. Hari umunyamabanga Elishama+, Delaya mwene Shemaya, Elinatani+ mwene Akibori+, Gemariya mwene Shafani, Zedekiya mwene Hananiya n’abandi batware bose. 13  Nuko Mikaya ababwira amajambo yose yumvise igihe Baruki yasomera imbere y’abantu ibiri muri nya muzingo*. 14  Maze abatware bose batuma Yehudi mwene Netaniya, Netaniya wa Shelemiya, Shelemiya wa Kushi, bamutuma kuri Baruki ngo amubwire ati: «Nuze uzanye uwo muzingo wasomeye imbere y’abantu.» Baruki mwene Neriya aca atora nya muzingo, aja iyo bari. 15  Maze bamubwira bati: «Turagusavye wicare udusomere uwo muzingo n’ijwi ryumvikana.» Nuko Baruki arawubasomera. 16  Bakimara kwumva ayo majambo yose, barabana bafise ubwoba maze babwira Baruki bati: «Uko biri kwose dutegerezwa kubwira umwami ayo majambo yose.» 17  Nuko babaza Baruki bati: «Turagusavye utubwire ukuntu wanditse ayo majambo yose. Ni Yeremiya yayakubwiye?» 18  Baruki abishura ati: «Ego. Yarambwiye ayo majambo yose, nanje ndayandikisha irangi muri uyu muzingo* 19  Abo batware baca babwira Baruki bati: «Mwe na Yeremiya genda mwinyegeze, ntihagire n’umwe mubwira aho muri+ 20  Maze bafata nya muzingo bawushira mu cumba c’umunyamabanga Elishama, hanyuma baja aho umwami ari mu kigo bamubwira ivyo bumvise vyose. 21  Nuko umwami atuma Yehudi+ kuzana nya muzingo, maze aja kuwutora mu cumba c’umunyamabanga Elishama. Yehudi atangura kuwusomera imbere y’umwami n’abatware bose bari bahagaze iruhande y’umwami. 22  Hari mu kwezi kugira icenda* umwami yicaye mu nzu yo mu rushana, imbabura iriko iraka imbere yiwe. 23  Yehudi amaze gusoma nk’inkingi zitatu canke zine, umwami yaca atabura ico gice akoresheje imbugita y’umunyamabanga, akagiterera mu muriro wari muri nya mbabura gushika uwo muzingo wose urangiriye muri uwo muriro. 24  Ntibagize ubwoba. Kandi yaba umwami canke abasuku biwe bose bumvise ayo majambo yose, nta witaburiyeko impuzu. 25  Naho Elinatani+, Delaya+ na Gemariya+ batakambiye umwami ngo ntaturire uwo muzingo, ntiyabumvirije. 26  Vyongeye, umwami ategeka Yerameyeli umuhungu w’umwami, Seraya mwene Aziriyeli na Shelemiya mwene Abudeli gufata umunyamabanga Baruki n’umuhanuzi Yeremiya. Mugabo Yehova yagumye abahishije+. 27  Inyuma y’aho umwami atuririye wa muzingo warimwo amajambo Baruki yanditse ayabwiwe na Yeremiya, Yehova yongera kubwira Yeremiya+ ati: 28  «Tora uwundi muzingo uwandikeko ya majambo yose yari mu muzingo wa mbere Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda yaturiye+. 29  Kandi uze ubwire Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda uti: “Yehova avuze ati: ‘Waturiye uwo muzingo uvuga ngo: “Kubera iki wawanditsemwo ngo: ‘Umwami wa Babiloni azoza koko kandi azohonya iki gihugu, ntihagire umuntu canke igikoko asigazayo+’?” 30  Ibi rero ni vyo Yehova avuze kuri Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda: “Ntazoronka uwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, kandi umuvyimba wiwe uzoguma wandagaye ukubitwe n’ubushuhe ku murango n’igikonyozi mw’ijoro+. 31  We n’abamukomokako* n’abasuku biwe nzobahanira ikosa ryabo, kandi bo n’ababa i Yeruzalemu n’abagabo bo mu Buyuda nzobazanako ivyago vyose navuze ko nzobateza+, kuko banse kwumva+.”’”» 32  Nuko Yeremiya atora uwundi muzingo maze awuha umunyamabanga Baruki+ mwene Neriya. Aca awandikamwo amajambo yose yari mu muzingo* Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda yaturiye+, ayabwiwe na Yeremiya. Harongewemwo n’ayandi majambo menshi nk’ayo.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «umuzingo w’igitabu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu muzingo w’igitabu.»
Canke «ca gitabu.»
Canke «ca gitabu.»
Canke «mu buriro.»
Canke «umwanditsi.»
Canke «nya gitabu.»
Canke «abakozi bo ku kirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Canke «nya gitabu.»
Canke «muri iki gitabu.»
Ni igice ca nyuma ca Munyonyo n’igice ca mbere ca Kigarama. Raba Inyongera ya B15.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «mu gitabu.»