Yeremiya 4:1-31
4 Yehova avuze ati: «Ewe Isirayeli, niwashima kugaruka,ugashima kungarukako,ukankura imbere ibigirwamana vyawe bisesemye,ntuzosubira guhunga+.
2 Kandi niwarahira uti:“Ndakurahiye Yehova Imana nzima”, ukarahira mu kuri, mu butungane no mu bugororotsi,amahanga azoheza rero yironkere imihezagiro ivuye kuri jewe,abe ari jewe yirata+.»
3 Kuko Yehova abwiye abagabo bo mu Buyuda n’abantu b’i Yeruzalemu ati:
«Nimwirimire isi ndimwa,mureke kuguma mubiba mu mahwa+.
4 Nimugenyerwe* kugira muhimbare Yehova,kandi mugenyere imitima yanyu+,yemwe bagabo bo mu Buyuda namwe ababa i Yeruzalemu.Ahandiho uburake bwanje bwokwaka nk’umuriro,bukaka hakabura uwubuzimya,kubera ibikorwa vyanyu bibi+.
5 Nimubimenyekanishe mu Buyuda, mubitangaze i Yeruzalemu.
Nimusemerere muvuze inzamba mu gihugu cose+.
Nimushire ijwi hejuru muvuge muti: “Koranira hamwe,duhungire mu bisagara bikingijwe ibihome+.
6 Nimushinge ikimenyetso* mucerekeza i Siyoni.
Nimurondere ubuhungiro kandi ntimuhagarare”,
kuko ngira nzane ivyago bivuye mu buraruko+, nzane ugusenyuka gukomeye.»
7 Uwuhonya amahanga aserutse nk’intambwe ivuye mu gisaka kizitanye+.Ari mu nzira+.
Aje ava iyo ari ngo atume igihugu cawe gihinduka akajoreza.
Ibisagara vyawe bizotikira bisigare ari umusaka, ata muntu abibamwo+.
8 Nimwambare rero amagunira+,mugandare*, muboroge,kuko ishavu rya Yehova rirurumba ritaratuvako.
9 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi umutima* w’umwami uzomuvamwo+,n’uw’abaganwa* ni ukwo.Abaherezi bazojorerwa, abahanuzi na bo bumirwe+.»
10 Maze mvuga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova, vy’ukuri warahenze rwose aba bantu+ n’ababa i Yeruzalemu. Wavuze uti: “Muzoronka amahoro+”, none raba inkota ituri kw’izosi*.»
11 Ico gihe bazobwira aba bantu n’ababa i Yeruzalemu bati:
«Hari umuyaga uturira uvuye ku mirambi igaragara yo mu bugaragwauzohuhutira ku bantu banje*.Ntuzoba uje kugosora canke gutyorora intete.
12 Ni jewe ntegeka uwo muyaga wose kuza uvuye muri ivyo bibanza.
Ubu rero ngira ndabamenyeshe imanza nabaciriye.
13 Ehe umwansi azoza nk’ibicu vy’imvura,kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’igihuhusi+.
Amafarasi yiwe anyaruka kurusha inkona+.
Turagowe kuko dutikiye!
14 Ewe Yeruzalemu, niwoze umutima wawe uwukuremwo ububisha kugira ubone gukizwa+.
Uzogumana ivyiyumviro vy’ububisha gushika ryari?
15 I Dani humvikana ijwi rimenyekanisha inkuru+,rigatangaza ivyago mu misozi ya Efurayimu.
16 Nimubimenyeshe, emwe, mubimenyeshe amahanga.Nimubitangarize Yeruzalemu.»
«Abarerekera umwansi* bariko baraza bavuye mu gihugu ca kure,kandi bazokwiha akamo ko gutera ibisagara vy’Ubuyuda.
17 Baje kumutera bazananye impande zose nk’abarinzi b’umurima+,kuko yangararije+», ni ko Yehova avuze.
18 «Ingeso zawe n’ivyo ukora, uzovyishura+.
Icago kizogushikira kizoba gikaze,kuko ibibi ukora bishika no mu mutima wawe.»
19 Ewe jewe, ewe jewe*!
Numva mfise agahinda kenshi mu mutima*.
Umutima wanje uguma wiruka.
Sinshobora kunumakuko numvise ijwi ry’inzamba,kikaba ari ikimenyetso kimenyesha intambara*+.
20 Inkuru z’ivyago ziguma zikurakuranwa,kuko igihugu cose gitikijwe.
Amahema yanje bwite aratikijwe bukwi na bukwi.Ibitambara vyanje vy’ihema+ bitikiye mu kanya isase.
21 Nzogeza ryari kuguma mbona ikimenyetso*,nkaguma numva ijwi ry’inzamba+?
22 «Kuko abantu banje ari ibipfu+.Ntibānezwe.
Ni abana b’ibijuju ata co bategera.
Ubwenge* bwo gukora ikibi bari na bwo,ariko ubwo gukora iciza nta bwo bagira.»
23 Nararavye igihugu cabo, nsanga kiragaragara, ari umusaka+,
ngo ndabe ijuru, nsanga umuco waryo nta wukiriho+.
24 Nararavye imisozi, nsanga iriko iratigita,imirambi na yo iriko iranyiganyiga+.
25 Nararavye, ndabura umuntu n’umwe,n’inyoni zo mu kirere zose zari zahunze+.
26 Nararavye nsanga umurima w’ivyamwa usigaye ari agahinga,ibisagara vyaho vyose na vyo vyasambuwe+.
Vyabaye kubera Yehova,kubera ishavu ryiwe rirurumba.
27 Kuko Yehova avuze ati: «Igihugu cose kizoba umusaka+,mugabo sinzogitikiza ngo kizimangane.
28 Ni co gituma igihugu kizogandara+,ijuru rigahinduka umwiza+.
Bizoba kubera nabivuze, ngafata ingingo,kandi sinzohindura ivyiyumviro* canke ngo nisubireko+.
29 Igisagara cose kirahunze+kubera urwamo rw’abagendera ku mafarasi n’abarasisha umuheto.
Abantu bitera mu bisaka bizitanye,bakurira ku bitandara+.
Ibisagara vyose babitaye,nta muntu akibayo.»
30 None ubu ko watikijwe, uzogira ute?
Wahora wambara impuzu z’agahama,ukishariza udusharizo tw’inzahabu,n’amaso yawe ukayagira meza mu kuyasiga ibintu vyirabura.
Waruhiye ubusa wigira mwiza+kuko abahora bakwipfuza rwose bagutaye.Ubu bashaka kukwica+.
31 Kuko numvise ijwi nk’iry’umugore arwaye,amarushwa nk’ay’umugore ariko yibaruka umwana wiwe wa mbere,ijwi ry’umukobwa wa Siyoni* aguma ahezagirika.
Aguma ata amaboko+ avuga ati:
«Ndagowe yemwe, abicanyi baranduhije!»
Utujambo tw'epfo
^ Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Canke «mwikubite ku gikiriza.»
^ Canke «umutima rugabo.»
^ Canke «n’umutima rugabo w’abaganwa.»
^ Canke «igeramiye ubuzima bwacu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku mukobwa w’abantu banje.» Ijambo «umukobwa» ni ingereranyo ndyoshamvugo ishobora kuba yakoreshejwe kugira haserurwe impuhwe n’ikigongwe.
^ Mu giheburayo havuga ngo «inderetsi.» Ni ukuvuga abarereka igisagara kugira bamenye igihe co kugitera.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ewe mara yanje, amara yanje!»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu mpome z’umutima wanje.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «urwamo rw’akaruru k’intambara.»
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Canke «ubukerebutsi.»
^ Canke «sinzokwicuza.»
^ «Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.