Yeremiya 42:1-22
42 Maze abakuru b’ingabo bose na Yohanani+ mwene Kareya, Yezaniya mwene Hoshaya n’abantu bose, kuva ku muto gushika ku mukuru baraza.
2 Baca babwira umuhanuzi Yeremiya bati: «Turagusavye wumve ugutakamba kwacu udusabire kuri Yehova Imana yawe, usabire aba bantu bose basigaye, kuko nk’uko uvyibonera dusigaye turi inkehwa kandi twahora turi benshi+.
3 Yehova Imana yawe adufashe atubwire inzira dukwiye kujana n’ico dukwiye gukora.»
4 Umuhanuzi Yeremiya abishura ati: «Ndumvise ivyo musavye kandi ndabasabira kuri Yehova Imana yanyu nk’uko mubinsavye. Ijambo ryose Yehova abishura ndaribabwira. Nta na kimwe ndabahisha.»
5 Na bo bishura Yeremiya bati: «Yehova nabe icabona c’ukuri kandi cizigirwa kitwagiriza, nitutakora neza na neza nk’uko Yehova Imana yawe azoba adutegetse gukora abicishije kuri wewe.
6 Vyaba ari vyiza canke bibi, tuzokwumvira ijwi rya Yehova Imana yacu tugutumyeko. Bizoca bitugendera neza kubera ko tuzokwumvira ijwi rya Yehova Imana yacu.»
7 Nuko inyuma y’imisi cumi, Yehova avugana na Yeremiya.
8 Yeremiya ahamagara rero Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we, ahamagara n’abantu bose kuva ku muto gushika ku mukuru+.
9 Ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli mwantumyeko ngo ndabatakambire avuze ati:
10 “Nimwaguma koko muri iki gihugu, nanje rero nzobubaka sinzobasambura, nzobateragira sinzobarandura, kuko nzokwicuza* kubera ivyago nabateje+.
11 Ntimugire ubwoba kubera umwami wa Babiloni mutinya+.”
Yehova avuze ati: “Ntimugire ubwoba kubera we, kuko ndi kumwe namwe kugira ndabakize nongere ndabarokore ntimugwe mu maboko yiwe.
12 Nzobumvira akagongwe, kandi na we azobumvira akagongwe+ abasubize mu gihugu canyu.
13 Mugabo nimwavuga muti: ‘Oya ntituzoba muri iki gihugu!’ maze ntimwumvire ijwi rya Yehova Imana yanyu,
14 mukavuga muti: ‘Oya, ahubwo tuzoja mu gihugu ca Misiri+. Hoho ntituzobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo dusonze. Aho ni ho tuzokwibera’,
15 ibi rero ni vyo Yehova ababwiye yemwe bantu bo mu Buyuda musigaye. Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimba mwiyemeje koko kuja mu Misiri kandi mukajayo kugira mubeyo*,
16 irya nkota nyene mutinya izobahambiriza mu gihugu ca Misiri, na ya nzara nyene mutinya izobakurikira mu Misiri, kandi ni yo muzopfira+.
17 Kandi abantu bose biyemeje kuja kuba mu Misiri bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza*. Nta n’umwe muri bo azorokoka canke ngo ahunge ivyago nzobateza.’”
18 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Nk’uko ishavu ryanje n’uburake bwanje vyasutswe ku baba i Yeruzalemu+, ni ko uburake bwanje buzosukwa kuri mwebwe nimwaja mu Misiri. Muzoba umuvumo, mucike akajoreza, ibivume n’abo gucokorwa+. Kandi ntimuzokwigera musubira kubona aha hantu.”
19 Yemwe bantu bo mu Buyuda musigaye, Yehova yabagabishije. Ntimuje mu Misiri. Mumenye neza ko uyu musi ndababuriye
20 yuko ikosa ryanyu rizobahitana. Kuko mwantumye kuri Yehova Imana yanyu muti: “Dusabire kuri Yehova Imana yacu, maze utubwire ivyo Yehova Imana yacu yavuze vyose, kandi tuzobikora+.”
21 Uyu musi ndabibabwiye, yamara ntimuzokwumvira ijwi rya Yehova Imana yanyu canke ngo mukore ikintu na kimwe yantumye kubabwira+.
22 Mumenye neza rero ko inkota, inzara n’ikiza bizobicira aho hantu mwipfuza kuja kuba+.»