Yeremiya 6:1-30

  • Kwugarizwa kwa Yeruzalemu kuregereje (1-9)

  • Uburake Yehova afitiye Yeruzalemu (10-21)

    • «Hari amahoro!» kandi ata mahoro ariho (14)

  • Igitero gikaze kivuye mu buraruko (22-26)

  • Yeremiya aba uwusuzuma ivyuma (27-30)

6  Yemwe bene Benyamini, nimuve i Yeruzalemu murabe iyo muhungira. Nimuvugirize inzamba+ i Tekowa+.Nimwatse i Beti-Hakeremu umuriro wo gutanga ikimenyetso, kuko hari icago kizananye mu buraruko, icago gikomeye+.   Umukobwa wa Siyoni asa n’umugore mwiza kandi yamikaye+.   Abungere bazozanana n’amasho yabo. Bazoshinga amahema yabo irya n’ino yaho+,umwe wese aragire ubusho bwiwe+.   «Twitegurire* intambara tuhatere! Nimuhaguruke tuhatere mu masasita!» «Kabaye umusi ugeze kure,ibitutu vyo ku mugoroba birushiriza kuba birebire.»   «Nimuhaguruke tuhatere mw’ijoro,dusambure iminara yaho ikomeye+   Kuko Yehova Nyeningabo avuze ati: «Nimwicire ibiti, murunde ibintu mwuririrako kugira mutere Yeruzalemu+. Ni igisagara gitegerezwa kubazwa ivyo cakoze.Cuzuyemwo agacinyizo gusa+.   Kurya nyene itangi rizigama amazi apfutse,ni ko n’iki gisagara kizigama ububisha bwaco. Muri co humvikana ubukozi bw’ikibi n’agatikizo+.Nama ndahabona indwara n’ivyago.   Niwumve imburi ndaguhaye, ewe Yeruzalemu, ahandiho nzokuzinukwa ndagute+.Nzotuma uhinduka umusaka, usigare uri ahantu ata wuhaba+   Yehova Nyeningabo avuze ati: «Amasigarira ya Isirayeli bazoyatorora yose nk’uko batorora inzabibu za nyuma ku muzabibu. Subira utume ukuboko ubegeranye nka kurya kw’uwegeranya inzabibu azisoroma ku mizabibu.» 10  «Ni nde nobwira, nkamuburira? Ni nde azokwumviriza? Erega amatwi yabo yarazivye*, ntibashobora kwumva+. Basigaye bagaya ijambo rya Yehova.Ntirikibahimbara+. 11  Ni co gituma nuzuye uburake bwa Yehova.Nduhijwe no kubwigumizamwo+ «Busuke ku mwana ari mw’ibarabara+,ubusuke ku migwi y’abasore bakoraniye hamwe. Bose bazofatwa, umugabo hamwe n’umugore wiwe,umutama hamwe n’umutama bikovongo*+. 12  Amazu yabo, amatongo yabo n’abagore babobizohabwa abandi+, kuko nzoramvura ukuboko, mpane ababa mu gihugu», ni ko Yehova avuze. 13  «Kuko kuva ku muto gushika ku mukuru, umwe wese yironderera inyungu mbi+,kandi kuva ku muhanuzi gushika ku muherezi, bose bakoresha uruyeri+. 14  Kandi bagerageza kuvura nabinabi* aho abantu banje bavunitse*, bakavuga bati:“Hari amahoro! Hari amahoro!”, kandi ata mahoro ariho+. 15  Boba bamaramazwa n’ibintu bishisha bakora? Ntibamaramara namba. Ntibazi n’ico ari co kugira isoni+. Ku bw’ivyo, bazogwa mu baguye. Ninabahana bazotsitara», ni ko Yehova avuze. 16  Ibi ni vyo Yehova avuze: «Nimuhagarare ku masanganzira murabe. Nimubaze amabarabara ya kera,babarangire inzira nziza, muheze muyigenderemwo+mubone kuruhurirwa.» Mugabo bavuga bati: «Eka ntituyigenderamwo+ 17  «Nagenye inderetsi+ zavuga ngo:“Nimwumvirize ijwi ry’inzamba+!”» Mugabo bo bavuze bati: «Eka ntituryumviriza+ 18  «Nimwumve rero, mwa mahanga! Nawe wa koranironumenye ibizoshikira abo bantu. 19  Umva, wa si we! Ngira nzane ivyago kuri aba bantu+kubera imigambi yabo mibi,kuko batumvirije amajambo yanje,bagashibura amategeko* yanje.» 20  «Imibavu* ukura i Shebana kanehe* imota neza ukura mu gihugu ca kure, ugira hari ico bimariye? Amashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye nta yo nemera,kandi ibimazi vyanyu ntibimpimbara+ 21  Ku bw’ivyo Yehova avuze ati: «Ehe ngira nshirireho aba bantu ibitsitaza,kandi bazobitsitarako,ba se hamwe n’abana,umubanyi na mugenziwe,kandi bose bazoyogera+ 22  Yehova avuze ati: «Hari abantu bariko baraza bavuye mu gihugu co mu buraruko,kandi ihanga rikomeye rizokangurwa rize rivuye mu mihingo ya kure cane y’isi+. 23  Bazofata umuheto n’agacumu. Barakaze kandi ntibagira akagongwe. Ijwi ryabo rizoroha nk’ikiyaga.Bagendera ku mafarasi+. Batonze urugamba nk’umuntu umwe kugira ngo bakurwanye, ewe mukobwa wa Siyoni!» 24  Twarumvise inkuru yabo. Amaboko yacu araregeye+.Amarushwa araducakiye.Dufise amaganya* nk’ay’u⁠mugore ariko aribaruka+. 25  Ntusohoke ngo uje mu gahinga,canke ngo uce mw’ibarabara,kuko umwansi afise inkota.Hose hari ubwoba. 26  Yemwe bantu bo mw’ihanga ryacu*,nimwambare amagunira+, mwikumbagaze mu minyota. Nimugandare nk’abagandariye umwana w’ikinege,muborogane agahinda kenshi+kuko uwuhonya azotuzako giturumbuka+. 27  «Ndakugize* uwusuzuma ivyuma mu bantu banje,uwutohoza ibintu yitonze.Uze wihweze neza, usuzume inzira yabo. 28  Bose ni abantu b’intagondwa ku rwego rwo hejuru+,bagendagenda babeshera abandi+. Bameze nk’umujumpu n’icuma.Bose barononekaye. 29  Imivuba* irababutse. Mu muriro wayo havamwo ubutare bw’isasu. Umuntu aguma yihatira gutyorora ariko bikaba ivy’ubusa+,kandi abantu babi ntibavuyemwo+. 30  Abantu bazobita ifeza yatawe,kuko Yehova abataye+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «tweze.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiyagenyerewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’uwuhaze imisi.»
Canke «barenzako.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugusenyuka kw’abantu banje.»
Canke «inyigisho.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Ni ubwoko bw’amarenga amota.
Mu giheburayo havuga ngo «ibise.»
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mukobwa w’abantu banje.»
Ni ukuvuga Yeremiya.
Umuvuba ni igikoresho abacuzi bakoresha mu guhuha umuriro.