Yesaya 35:1-10
35 Ubugaragwa n’igihugu kigadutse bizokwigina+,kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’amashurwe yitwa habaseleti+.
2 Kizoshurika+ vy’ukuri.Kizonezerwa cihe akamo k’umunezero.
Kizohabwa icubahiro c’i Libani+,n’ubwiza buhebuje bw’i Karumeli+ n’i Sharoni+.
Abantu bazobona icubahiro ca Yehova, ubwiza buhebuje bw’Imana yacu.
3 Nimukomeze amaboko aregarega,mushikamishe amavi ajugumira+.
4 Nimubwire abari n’amaganya mu mutima muti:
«Nimukomere. Ntimutinye.
Raba! Imana yanyu izoza kwihora.Imana izoza gutanga igihano+.
Izoza ibakize+.»
5 Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka+,amatwi y’abatumva azibuke+.
6 Ico gihe uwucumbagira azosimba nk’impongo+,ururimi rwa nyamuragi rwihe akamo k’umunezero+.
Amazi azokwiburuka mu bugaragwa,n’inzuzi zitembe mu kiyaya c’ubugaragwa.
7 Ubutaka bwumishijwe n’ubushuhe buzocika ikidengeri cuzuyeko amarenga,ubutaka bunyotewe bucike amasoko y’amazi+.
Aho imbwebwe zaba, aho zaruhukira+,hazosigara hari ivyatsi bitotahaye, amarenga n’urufunzo.
8 Hazoba ibarabara rikuru*+,inzira yitwa inzira y’ubweranda.
Uwuhumanye ntazoyicamwo+.
Izocamwo gusa abemerewe kuyigenderamwo.Nta gipfu kizoyihonyozamwo ikirenge.
9 Nta ntambwe izohabarizwa,kandi nta bikoko bikaze bizoyizamwo.
Ntibizohaboneka+.Abacunguwe ni bo bonyene bazoyigenderamwo+.
10 Abacunguwe na Yehova bazogaruka+ bashike i Siyoni n’akamo k’umunezero+.
Bazoba bambaye ku mutwe urugori rw’umunezero udahera+.
Bazokwigina banezerwe,kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ryagutse.»