Yesaya 43:1-28
43 Ibi rero ni vyo Yehova avuze,Umuremyi wawe, ewe Yakobo, Uwakubumvye, ewe Isirayeli+:
«Ntutinye kuko nagucunguye+.
Naguhamagaye mw’izina ryawe.
Uri uwanje.
2 Niwaca mu mazi, nzoba ndi kumwe nawe+.Niwaca mu nzuzi, ntizizokurengera+.
Niwaca mu muriro, ntuzoguturira,eka n’urubeya ntiruzokubabura.
3 Kuko ndi Yehova Imana yawe,wa Mweranda wa Isirayeli akaba n’Umukiza wawe.
Natanze Misiri ngo ikubere incungu,ntanga Etiyopiya na Seba mu kibanza cawe.
4 Kuko wabaye uw’agaciro mu maso yanje+,uterwa iteka, kandi naragukunze+.
Ni co gituma nzotanga abantu mu kibanza cawe,ntange n’amahanga mu kibanza c’ubuzima bwawe.
5 Ntutinye kuko ndi kumwe nawe+.
Nzozana uruvyaro* rwawe ndarukuye mu buseruko,ndagukoranirize hamwe ndagukuye mu burengero+.
6 Nzobwira uburaruko nti: “Barekure+!”,
ubumanuko na bwo nti: “Ntubagumye.
Nzanira abahungu banje bari kure, n’abakobwa banje bari ku mpera z’isi+.
7 Nzanira uwo wese yitirirwa izina ryanje+kandi naremye ku bw’ubuninahazwa bwanje,uwo nabumvye, uwo nakoze+.”
8 Nimuzane ihanga ry’abantu batabona kandi bafise amaso,abantu batumva kandi bafise amatwi+.
9 Amahanga yose nahurire mu kibanza kimwe,n’abantu bakoranire hamwe+.
Muri bo* ni nde ashobora kubihishura
canke akatumenyesha ibizoba ubwa mbere+?
Nibazane ivyabona vyabo kugira berekane ko bavuga vyo,canke na ho abandi bumve maze bavuge bati: “Ni ukuri+!”»
10 Yehova avuze ati: «Muri ivyabona vyanje+,emwe, umusavyi wanje natoye+,kugira ngo mumenye ibinyerekeye kandi munyizere*,no kugira ngo mutegere ko ndi wa wundi nyene+.
Imbere yanje nta Mana yaremwe*,n’inyuma yanje nta n’imwe yaremwe*+.
11 Jewe ndi Yehova+, kandi nta wundi mukiza ariho atari jewe+.»
12 «Ni jewe nabihishuye, ndakiza, ndabimenyekanisha,igihe ata mana y’inyamahanga yariho muri mwebwe+.
Muri ivyabona vyanje rero», ni ko Yehova avuze, «kandi ni jewe Mana+.
13 Vyongeye, nama ndi wa wundi nyene+,kandi nta wonshikura ikintu mu kuboko+.
Ngize ico nkoze, ni nde yombuza+?»
14 Yehova Umucunguzi wanyu+, wa Mweranda wa Isirayeli+, avuze ati:
«Nzorungika abantu i Babiloni ku bwanyu, manure ivyugazo vy’amarembo+,manure n’Abakaludaya mu mato* yabo, baboroge+.
15 Ndi Yehova, Umweranda wanyu+, Umuremyi wa Isirayeli+, Umwami wanyu+.»
16 Ibi ni vyo Yehova avuze,Umwe aca inzira mu kiyaga,agaca akayira mu mazi asuriranya+,
17 Umwe asohora umukogote w’intambara n’ifarasi+,ingabo hamwe n’abarwanyi b’intwari, akavuga ati:
«Bazoryama hasi ntibavyuke+.
Bazozima, bazime nk’urutambi rwariko ruraka.»
18 «Ntimwibuke ivyo muri kahise,kandi ntimugume mwiyumvira ivya kera.
19 Raba! Ndiko nkora ikintu gishasha+.N’ubu kiriko kiraseruka.
None ntimubibona?
Nzoca inzira mu gahinga+,ncishe inzuzi mu bugaragwa+.
20 Ibikoko vyo mu gahinga,imbwebwe n’ibinyoni vyitwa imbuni bizoninahaza,kuko ntuma mu gahinga haboneka amazi,n’inzuzi mu bugaragwa+,kugira ngo abantu banje natoye+ banywe.
21 Ni abantu niremeye*ngo bamenyekanishe ishemezo ryanje+.
22 Mugabo ntiwampamagaye, ewe Yakobo+,kuko nakurambiye, ewe Isirayeli+.
23 Ntiwanzaniye intama z’amashikanwa yawe aturirwa uko yakabaye,canke ngo uninahaze mu kunshikanira ibimazi.
Sinakugobereye ngo umpe ingabire,canke ngo ndakurambire ndagusaba imibavu*+.
24 Nta kanehe* imota neza waguze amahera ngo umpe,kandi ntiwanezereje mu kumpa ikinure c’ibimazi vyawe+.
Ahubwo wandemereje ibicumuro vyawe,utuma ndambirwa n’amakosa yawe+.
25 Jewe ni je mpanagura amakosa* yawe+ ku bwanje+,kandi ibicumuro vyawe sinzovyibuka+.
26 Ingo tuburane. Nyibutsa nimba hari ico nibagiye.Vuga uko ubona ibintu, werekane ko uri mu kuri.
27 Sogokuruza wawe wa mbere yaracumuye,kandi abavugizi* bawe barangararije+.
28 Ni co gituma nzohumanya abatware b’ahantu heranda,ndeke Yakobo atikizwe,ndeke Isirayeli itukwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Biboneka ko ari imana z’ikinyoma.
^ Canke «munyizigire.»
^ Canke «yabumbwe.»
^ Canke «yabumbwe.»
^ Canke «mu meri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Canke «nibumbiye.»
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
^ Ni ubwoko bw’amarenga amota.
^ Canke «ubugarariji.»
^ Bashobora kuba ari abigisha b’amategeko.