Yesaya 49:1-26
49 Nimunyumvirize mwa mazinga mwe,mutege ugutwi yemwe mahanga ari kure+!
Yehova yampamagaye ntaravuka*+.
Yavuze izina ryanje kuva nkiri mu nda ya mama.
2 Akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe.Yanyegeje mu gitutu c’ukuboko kwiwe+.
Yangize umwampi usenye,ampisha mu gasaho kiwe k’imyampi.
3 Yambwiye ati: «Ewe Isirayeli, uri umusavyi wanje+.Ni wewe nzokwerekanirako ubwiza bwanje buhebuje+.»
4 Mugabo navuze nti: «Nacumukuriye ubusa.
Inkomezi zanje nazimariye ku bitabaho, ku bintu ata co bimaze.
Ariko urubanza rwanje ruri mu maboko ya Yehova*,kandi Imana yanje ni yo izompemba*+.»
5 None ubu Yehova, Umwe yambumba nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe,yambwiye ngo ngarukane Yakobo kuri we,kugira ngo Isirayeli ndayikoranirize kuri we+.
Nzoninahazwa imbere ya Yehova,kandi Imana yanje izoba yacitse inkomezi zanje.
6 Yambwiye ati: «Nturi umusavyi wanje gusawo guhagurutsa imiryango ya Yakobono kugarukana Abisirayeli bazigamwe.
Nagutanze kandi ngo ubere umuco amahanga+,kugira ngo ubukiriro bwanje bushike ku mpera z’isi+.»
7 Ibi ni vyo Yehova, Umucunguzi wa Isirayeli akaba n’Umweranda wiwe+, abwiye wa wundi asuzugurwa+, wa wundi ihanga ryanka urunuka, umwe akorera abategetsi:
«Abami bazobibona bahaguruke,abatware na bo buname,kubera Yehova umwe yama ari umwizigirwa+,wa Mweranda wa Isirayeli, umwe yagutoye+.»
8 Yehova avuze ati:
«Mu gihe c’ugushimwa* narakwishuye+,kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.Nagumye ndakuzigama kugira ndagutange ngo ubere abantu isezerano+,ngo igihugu gisubizwe umutamana,ngo ntume basubira ku ntoranwa zabo zacitse umusaka+.
9 Imbohe zizobwirwa ngo: “Nimusohoke+!”
Abari mu mwiza+ na bo bazobwirwa ngo: “Nimwiyerekane!”
Bazogenda bararisha iruhande y’amabarabara,baronke uburagiro iruhande y’inzira zose zinoze*.
10 Ntibazosonza canke ngo banyoterwe+.Ntibazokubitwa n’ubushuhe buturira canke izuba+,
kuko Umwe abumvira imbabazi azobayobora+,akabajana ahari amasoko y’amazi+.
11 Imisozi yanje yose nzoyihindura ibe ibarabara,amabarabara yanje makuru* na yo ndayaduze+.
12 Raba! Baje bava kure+.Aba bavuye mu buraruko no mu burengero,aba na bo mu gihugu ca Sinimu+.»
13 Niwihe akamo k’umunezero wa juru we, nawe wa si we nunezerwe+.
Imisozi nivuze impundu inezerwe+,
kuko Yehova yahojeje abantu biwe+,kandi agirira imbabazi abagorwa biwe+.
14 Mugabo Siyoni yagumye avuga ngo:
«Yehova yarampevye+, Yehova yaranyibagiye+.»
15 Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka,canke ntiyumvire akagongwe umwana yavyaye?
Naho vyoshika abo bagore bakibagira, jewe sinzokwigera ndakwibagira+.
16 Raba! Nakwanditse* mu biganza vyanje.
Inzitiro zawe zama imbere yanje.
17 Abana bawe bihutiye kugaruka.
Abagusambuye bakagutikiza bazova iwawe bagende.
18 Raramura amaso urabe irya n’ino.
Bariko bakoranira hamwe bose+.
Baje iwawe.
«Ndirahiye jewe Imana nzima», ni ko Yehova avuze,«bose uzobambara nk’uko bambara udusharizo,ubibohereko nk’uko umugeni yiboherako udusharizo.
19 Naho ibibanza vyawe vyatikijwe bigasigara ari akahebwe, igihugu cawe kigacika umusaka+,hazokwagira abahaba+.Abahora bakumira miyonzwa+ bazoba bari kure+.
20 Abana bavutse igihe wahekurwa bazokubwira bati:“Aha hantu haratwagiye.
Nutwagurire turonke ikibanza tubamwo+.”
21 Uzokwibwira mu mutima uti:“Aba ni nde yabamvyariyeko ndi umugore yahekuwe kandi w’ingumba,yajanywe mu bunyagano ari imbohe?
Aba ni nde yabareze+?
Erega nari natawe nsigara ndi jenyene+.None aba bavuye he+?”»
22 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:
«Raba! Nzodugiriza amahanga ukuboko kwanje,nshingire abantu ikimenyetso* canje+.
Bazozana abana bawe babateruye mu maboko*,bazane abakobwa bawe babateruye ku bitugu+.
23 Abami bazokubungabunga+,abaganwakazi babo na bo bakubere abarezi.
Bazokwunamira mu maso habo hashike hasi+,barigate umukungugu wo ku birenge vyawe+.Uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.Abanyizigira ntibazomaramara+.»
24 Mbega abafashwe n’umugabo w’inkomezi hari uwoshobora kubamwaka?Canke abafashwe n’umuntu atwaza umukazo hari uwoshobora kubarokora?
25 Mugabo Yehova avuze ati:
«N’abafashwe n’umugabo w’inkomezi nzobamwaka+,abafashwe n’umuntu atwaza umukazo ndabarokore+.
Nzorwanya abakurwanya+,kandi nzokiza abana bawe.
26 Abagufata nabi nzobarisha inyama zabo bwite,baborerwe amaraso yabo bwite nk’ababorejwe n’umuvinyu usosa.
Kandi abantu bose* bazobwirizwa kumenya yuko ndi Yehova+,Umukiza wawe+ n’Umucunguzi wawe+,Umunyabubasha wa Yakobo+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuva nkiri mu nda.»
^ Canke «ariko Yehova azontunganiriza.»
^ Canke «izompa impera.»
^ Canke «c’ukubonwa neza.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «y’imirambi igaragara.»
^ Canke «yagutse.»
^ Canke «nagusaruye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu gikiriza.»
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»