Yesaya 60:1-22
60 «Haguruka wa mugore+ we, rasa umuco, kuko umuco wawe ushitse.
Ubuninahazwa bwa Yehova bugukayanganiyeko+.
2 Raba, umwiza uzopfuka isi,umwiza w’umuzitanya upfuke amahanga.Mugabo wewe, Yehova azokurasirako umucokandi ubuninahazwa bwiwe buzokubonekako.
3 Amahanga azogenda agana umuco wawe+,abami+ bagende bagana ubwiza bwawe bukayangana*+.
4 Raramura amaso, urabe irya n’ino yawe.
Bose bakoranirijwe hamwe. Baje bakugana.
Abahungu bawe baguma baza+ bavuye kure,n’abakobwa bawe bakabazana babateruriye mu mafyinga+.
5 Ico gihe uzobibona ukayangane mu maso+,kandi umutima wawe uzotera cane, urengerwe n’umunezero.Kuko ubutunzi bw’ikiyaga buzoza bukugana,amatunga y’amahanga aze iwawe+.
6 Igihugu cawe kizokwuzura imigwi y’ingamiya*,cuzure amashuri y’ingamiya y’i Midiyani n’i Efa+.
Ab’i Sheba bose bazoza,baze bazanye inzahabu n’imibavu*.
Bazotangaza amashemezo ya Yehova+.
7 Amasho yose y’i Kedari+ azokoranirizwa iwawe.
Impfizi z’intama z’i Nebayoti+ zizozanwa iwawe*.
Zizozanwa ku gicaniro canje ndazemere+,kandi inzu yanje ininahaye* nzoyishariza+.
8 Abo ni bande baguruka nk’ibicu,nk’inuma zija ku tuzu twazo*?
9 Kuko amazinga azonyizigira+.Amato* y’i Tarushishi ni yo ari imbere*,kugira ngo azane abana bawe abakuye kure+.Baje bazanye ifeza zabo n’inzahabu zaboku bw’izina rya Yehova Imana yawe no ku bw’Umweranda wa Isirayeli,kuko azogutera iteka*+.
10 Abanyamahanga bazokwubaka inzitiro zawe,abami babo bagukorere+,kuko naguhanye nshavuye,mugabo nzokugirira imbabazi kubera ubuntu bwanje*+.
11 Amarembo yawe azoguma yuguruye umwanya wose+.Ntazokwugarwa haba ku murango canke mw’ijoro,kugira ngo uzanirwe amatunga y’amahanga,kandi abami bayo ni bo bazofata iya mbere+.
12 Kuko ihanga ryose n’ubwami bwose bitazogukorera bizohona,kandi amahanga azotikira aherengetere+.
13 Ubwiza bw’i Libani buzokuzako+,ibiti vy’imiberoshi, ibiti vy’imitidari n’utujwari vyose hamwe+,kugira ngo aho ikibanza canje ceranda kiri hasharizwe.Nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+.
14 Abana b’abahora bagucinyiza bazoza iwawe bakwunamire.Abakugaya bose bazokwunama imbere y’ibirenge vyawe,bakwite igisagara ca Yehova,Siyoni y’Umweranda wa Isirayeli+.
15 Naho wahebwe ukankwa, ku buryo ata n’umwe aca iwawe+,nzotuma uba ikintu co kwishimira ibihe bidahera,ube ikintu gitera umunezero ibihe vyose*+.
16 Uzokwonka vy’ukuri amaberebere y’amahanga+,wonke ibere ry’abami+.Ntuzobura kumenya yuko jewe Yehova ndi Umukiza wawe,kandi ko Umunyabubasha wa Yakobo ari we Mucunguzi wawe+.
17 Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu,mu kibanza c’icuma nzane ifeza,mu kibanza c’igiti nzane umujumpu,mu kibanza c’amabuye na ho nzane icuma.Kandi nzogena amahoro ngo akubere umuhagarikizi*,n’ubugororotsi ngo bukubere uwutanga ibikorwa+.
18 Nta bukozi bw’ikibi buzosubira kwumvikana mu gihugu cawe,canke ngo humvikane uguhonya n’ugutikiza hagati y’imbibe zawe+.
Inzitiro zawe uzozita Bukiriro+, amarembo yawe uyite Shemezo.
19 Izuba ntirizoba rikikumurikira ku murangocanke ngo umuco w’ukwezi ukuboneshereze,kuko Yehova azokubera umuco wamaho+,Imana yawe ibe ubwiza bwawe+.
20 Izuba ryawe ntirizosubira kurenga,n’ukwezi kwawe ntikuzogenda kurazima,kuko Yehova azokubera umuco+ wamaho,kandi imisi y’ikigandaro cawe izoba yarangiye+.
21 Abantu bawe bose bazoba abagororotsi.Bazokwigarurira igihugu ibihe vyose.
Ni bo munago nitereye,igikorwa amaboko yanje yakoze+, kugira ngo ninahazwe+.
22 Umuntu mutoyi azocika igihumbi,uwo hasi acike ihanga rikomeye.
Jewe Yehova nzovyihutisha mu gihe cavyo.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ugukayangana kw’umutwenzi wawe.»
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
^ Mu giheburayo havuga ngo «imigwi y’ingamiya izogupfuka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «zizogukorera.»
^ Canke «inzu yanje y’ubwiza.»
^ Canke «ku turyango tw’utuzu twazo.»
^ Canke «azogushariza.»
^ Canke «aje nko mu ntango.»
^ Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Canke «kubera ndagushima.»
^ Canke «uko urunganwe rukurikira urundi.» Mu giheburayo havuga ngo «mu mayaruka yose.»
^ Canke «umucungezi.»