Yesaya 61:1-11
61 Impwemu y’Umukama Segaba Yehova iri kuri jewe+,kuko Yehova yandobanuye* kugira ngo mbwire inkuru nziza abitonda+.
Yantumye gutubika ibikomere vy’abavunitse umutima,gutangaza ko abagizwe imbohe bazorekurwa,ko amaso y’abanyororo azokwugururwa rwose+.
2 Yantumye gutangaza umwaka wo gushimwa na Yehova*n’umusi w’ukwihora w’Imana yacu+,guhoza abagandaye bose+,
3 kwitwararika abagandariye Siyoni,kubaha igitambara bambara ku mutwe mu kibanza c’iminyota,amavuta y’umunezero mu kibanza c’ikigandaro,n’impuzu y’amashemezo mu kibanza c’umutima udendebukiwe.
Bazokwitwa ibiti binini vy’ubugororotsivyatewe na Yehova kugira ngo aninahazwe*+.
4 Bazosubira kwubaka ibibanza vyatikijwe kera,bavyure ibibanza vyagizwe umusaka kera+.Bazosanura ibisagara vyatikijwe+,ibibanza vyagumye ari umusaka igihe kirekire*+.
5 «Ba kavamahanga bazoza baragire amasho yanyu,abanyamahanga+ bababere abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu+.
6 Nayo mwebwe, muzokwitwa abaherezi ba Yehova+.Bazobita abakozi b’Imana yacu.
Muzorya amatunga y’amahanga+,mwirate icubahiro* cayo.
7 Mu kibanza c’ibimaramare abantu banje bazoronka imigabane ibiri.Mu kibanza c’agateterwe bazokwiha akamo k’umunezero kubera umugabane wabo.
Vy’ukuri, bazoronka imigabane ibiri mu gihugu cabo+.
Bazogira umunezero w’ibihe vyose+.
8 Kuko jewe Yehova nkunda ubutungane+,nkanka ubusuma hamwe n’ibitagororotse+.
Nzobabera umwizigirwa ndabahe impembo yabo,kandi nzogirana na bo isezerano ryamaho+.
9 Uruvyaro* rwabo ruzomenyekana mu mahanga+,ababakomokako bamenyekane mu bantu bo mu bindi bihugu.
Abazobabona bose bazobamenya,babone yuko ari uruvyaro* Yehova yahezagiye+.»
10 Nzokwigina cane kubera Yehova.
Jewe wese, nzonezererwa Imana yanje+
kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+.Yanyambitse ikanzu* y’ubugororotsi.Meze nk’umukwe yambaye igitambara bazingira mu mutwe, nka kimwe c’abaherezi+,nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe.
11 Nk’uko isi inaga iminago,n’umurima ukama imbuto bawuteyemwo,ni ko Umukama Segaba Yehova azotuma ubugororotsi+ n’ishemezobinaga+ imbere y’amahanga yose.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «yandobanuje amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «w’ubuntu bwa Yehova.»
^ Canke «asharizwe.»
^ Canke «uko urunganwe rwagiye rurakurikirana.» Mu giheburayo havuga ngo «iyaruka ku rindi.»
^ Canke «ubutunzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «ikanzu itagira amaboko.»