Yesaya 63:1-19

  • Yehova yihora amahanga (1-6)

  • Urukundo rudahera Yehova yerekanye kera (7-14)

  • Isengesho ryo kwigaya (15-19)

63  Uyo ni nde aje ava i Edomu+,aje ava i Bozira+ yambaye impuzu z’amabara akayangana*,yambaye impuzu ziteye igomwe,agatambuka afise inkomezi nyinshi? «Ni jewe, Umwe avuga mu bugororotsi,Umwe afise inkomezi nyinshi zo gukiza.»   Kubera iki impuzu zawe zitukura?Kubera iki impuzu zawe zisa n’iz’uwugana* umuvinyu+?   «Naganiye* umuvinyu mu bwato ndi jenyene. Mu bantu bo mu mahanga nta n’umwe twari kumwe. Nagumye ngana abansi banje nshavuye,nguma ndabahonyanga naratse+. Amaraso yabo yatarukiye ku mpuzu zanje,nanduza ivyambarwa vyanje vyose.   Kuko umusi w’ukwihora uri mu mutima wanje+,kandi umwaka w’ugucungura abantu banje washitse.   Naritegereje mugabo sinaronka uwumfasha.Narababajwe n’uko ata n’umwe yaje kunshigikira. Naciye nkoresha ukuboko kwanje nzana ubukiriro*+,uburake bwanje buranshigikira.   Nahonyanze amahanga nshavuye,ndababoreza uburake bwanje+,amaraso yabo ndayasesa hasi.»   Nzovuga ibikorwa vy’urukundo* vya Yehova,mvuge ibikorwa vya Yehova bibereye gushemezwa.Nzobivuga kubera ivyo Yehova yatugiriye vyose+,ibintu vyiza vyinshi yakoreye ihanga rya Isirayeliabitumwe n’imbabazi ziwe n’urukundo* rwiwe rwinshi.   Kuko yavuze ati: «Ni ukuri ni abantu banje, abana batazohemuka*+ Ni co gituma yababereye Umukiza+.   Amarushwa yose yabashikiye yaramuteye intuntu+. Intumwa yiwe bwite* yarabakijije+. Kubera urukundo rwiwe n’impuhwe ziwe yarabacunguye+,kandi mu misi yose ya kera yarabakuye hasi, arabaterura+. 10  Mugabo baragararije+, batuntuza impwemu yiwe nyeranda+. Yaciye ahinduka umwansi wabo+,arabarwanya+. 11  Maze bibuka imisi ya kera,igihe umusavyi wiwe Musa yari akiriho, bavuga bati: «Ari hehe Umwe yabaduganye abakuye mu kiyaga+ bari kumwe n’abungere b’ubusho bwiwe+? Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu yiwe nyeranda+? 12  Ari hehe Umwe yatuma ukuboko kwiwe guhambaye kugendana n’ukuryo kwa Musa+,Umwe yagabura amazi imbere yabo+kugira ngo yiheshe izina ryamaho+? 13  Ari hehe Umwe yabacisha mu mazi asuriranya*,ku buryo bahaca ntibatsitare,nka kurya kw’ifarasi mu gahinga*? 14  Kurya ibitungwa bimanuka mu kiyaya kuruhuka,ni ko impwemu ya Yehova yatumye baruhuka+ Ukwo ni ko wayoboye abantu bawe,wihesha izina rihambaye*+. 15  Raba hasi uri mw’ijuru,urabe uri iyo hejuru uba, ahantu heranda kandi haninahaye*. Mbega umwete wawe n’inkomezi zawe,ikigumbagumba cawe+ cinshi* n’imbabazi zawe+, biri hehe? Ntibikinshikira. 16  Wewe uri Data+.Naho Aburahamu yoba atatuzina Isirayeli ntatumenye,wewe Yehova uri Data. Uri Umucunguzi wacu wo kuva kera, ni ryo zina ryawe+. 17  Kubera iki ga Yehova ureka* tukangarira kure y’inzira zawe? Kubera iki ureka* imitima yacu igakomantara ku buryo tutagutinya+? Nugaruke udutabare ku bw’abasavyi bawe,ya miryango igize intoranwa yawe+. 18  Ihanga ryawe ryeranda ryamaze igihe gito ryigaruriye igihugu. Abansi bacu barahonyanze ahantu hawe heranda+. 19  Haheze igihe kirekire tumeze nk’abantu utigeze uganza,nk’abantu batigeze bitirirwa izina ryawe.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «zitukura cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuganisha ibirenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «naganishije ibirenge.»
Canke «ndonka intsinzi.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «batazobesha.»
Canke «umumarayika yaje ava imbere yiwe.»
Canke «mw’ibenga ry’amazi.»
Canke «mu bugaragwa.»
Canke «ryiza.»
Canke «heza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukudobangana kw’amara yawe.»
Canke «utuma.»
Canke «utuma.»