Yesaya 65:1-25

  • Urubanza Yehova yaciriye abasenga ibigirwamana (1-16)

    • Imana y’umugisha n’imana igena ibishikira umuntu (11)

    • «Abasavyi banje bazorya» (13)

  • Ijuru rishasha n’isi nshasha (17-25)

    • Bazokwubaka amazu, batere imizabibu (21)

    • Nta wuzoruhira ubusa (23)

65  «Nararetse abantu batari babajije ivyanje barandondera.Nararetse abantu batari bandondeye barandonka+. Nabwiye ihanga ritambaza izina ryanje nti: “Ndi hano, ndi hano+!”   Nirirwa nsanziye amaboko abantu b’intagondwa+,abantu bagendera mu nzira itari yo+,bagakurikira ivyiyumviro vyabo bwite+.   Ni abantu bama bambabaza imbonankubone+,bagashikanira ibimazi mu mirima+, bakabishikanira no ku matafari bigafumba umwotsi.   Bicara mu mva+,bakarara mu bibanza vyihishije*barya inyama z’ingurube+,kandi mu vyombo vyabo harimwo umufa w’ibintu bihumanye+.   Bavuga ngo: “Guma aho uri ntunyegerekuko ndakurusha ubweranda*.” Abo ni umwotsi mu mazuru yanje, umuriro waka bukarinda bwira.   Raba! Biranditswe imbere yanje.Sinzoguma ninumiye,ahubwo nzobaha impera+.Nzobaha impera ikwiye*,   kubera amakosa yabo no kubera amakosa ya ba sekuruza+», ni ko Yehova avuze. «Imbere ya vyose nzobaha impembo ikwiye*kubera ko bashikanye ibimazi ku misozi bigafumba umwotsi,bakangaya bari ku mirambi+   Yehova avuze ati: «Nk’uko nyene umuntu abona umuvinyu mushasha mu nzabibu*agaca avuga ati: “Ntiwonone izo nzabibu kuko zirimwo ikintu ciza*”, ni ko nzogirira neza abasavyi banje.Sinzobahonya bose+.   Nzotuma mu muryango wa Yakobo haboneka uruvyaro*,mu muryango wa Yuda haboneke uwuzotorana imisozi yanje+.Abo natoye bazohigarurira,kandi abasavyi banje bazobayo+. 10  Ku bw’abantu banje bandondera,i Sharoni+ hazocika ahantu ho kuragira intama,ikiyaya ca Akori+ kibe ahantu inka ziruhukira. 11  Mugabo mwebwe muri mu baheba Yehova+,mu bibagira umusozi wanje mweranda+,bagategurira imeza imana y’umugisha,imana igena ibishikira umuntu na yo bakayuzuriza ibikombe vy’umuvinyu uvanze. 12  Nanje nzobagenera kwicishwa inkota+,mwese mwunamire gukererwa+,kubera ko nahamagaye ntimwitabe,ndavuga ntimwumviriza+.Mwagumye mukora ivyo mbona ko ari bibi,muhitamwo gukora ibimbabaza+ 13  Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: «Raba! Abasavyi banje bazorya, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inzara+. Abasavyi banje bazonywa+, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inyota. Abasavyi banje bazonezerwa+, mugabo mwebwe muzokwicwa n’ibimaramare+. 14  Abasavyi banje bazokwiha akamo k’umunezero kubera bamerewe neza mu mutima,mugabo mwebwe muzorira kubera umubabaro wo mu mutima,muboroge kubera muvunitse umutima. 15  Muzosiga izina abo natoye bazokoresha nk’umuvumo,kandi jewe Umukama Segaba Yehova nzokwica umwe wese muri mwebwe,mugabo abasavyi banje* nzobita irindi zina+. 16  Azobigira ku buryo umuntu wese yironderera umuhezagiro kw’isiazohezagirwa n’Imana y’ukuri*,n’uwo wese arahira kw’isiarahire Imana y’ukuri*+, kuko amagorwa* ya kera azokwibagirwa.Azohishwa sindayabone+. 17  Kuko raba ngira ndeme* ijuru rishasha n’isi nshasha+.Ivya kera ntibizokwibukwa*canke ngo bigaruke mu mutima+. 18  Nimwigine rero, munezererwe ibihe vyose ibintu ngira ndeme*. Kuko ehe raba ngira ndeme* Yeruzalemu ngo ibe ikintu gitera umunezero,n’abantu baho ngo babe imvo yo kwigina+. 19  Nzonezererwa Yeruzalemu, nigine abantu banje+.Iwe ntihazosubira kwumvikana urwamo rw’amarira canke rw’amaborogo+ 20  «Ntihazokwongera kuba uruyoya rubaho imisi mikeyi,canke umutama apfa ataramvye. Uwuzopfa afise imyaka 100 azokwitwa ko yari akiri agahungu,kandi umucumuzi azovumwa naho azoba afise imyaka 100*. 21  Bazokwubaka amazu bayabemwo+.Bazotera imirima y’imizabibu barye ivyamwa vyayo+. 22  Ntibazokwubaka inzu ngo uwundi ayibemwo,canke ngo batere abandi babirye. Kuko imisi abantu banje bazomara izongana n’imisi y’igiti+,kandi abo natoye bazonezererwa cane igikorwa amaboko yabo akora. 23  Ntibazoruhira ubusa+canke ngo bavyare abana bazoshikirwa n’ivyago,kuko bo hamwe n’abazobakomokakoari uruvyaro* rugizwe n’abahezagiwe na Yehova+. 24  N’imbere y’uko bantabaza nzobishura.Bakiriko baravuga nzoba namaze kubumva. 25  Ibingira n’umwagazi w’intama bizorisha hamwe,intambwe irye ubwatsi nk’impfizi y’inka+,inzoka na yo irye umukungugu. Nta nabi bizokora canke ngo bigire ico vyononye ku musozi wanje mweranda iyo uva ukagera+», ni ko Yehova avuze.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu tururi tw’inderetsi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «simpave ndakwandukiza ubweranda.»
Mu giheburayo havuga ngo «impera mu gikiriza cabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «impembo mu gikiriza cabo.»
Canke «mu musoko w’inzabibu.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «biwe.»
Canke «y’ukwizigirwa.» Mu giheburayo havuga ngo «Amen.»
Canke «y’ukwizigirwa.» Mu giheburayo havuga ngo «Amen.»
Canke «ivyago.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndiko ndarema.»
Canke «ntibizogaruka mu bwenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndiko ndarema.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndiko ndarema.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwutazoshikana imyaka 100 azobonwa ko yavumwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»