Yobu 10:1-22

  • Yobu abandanya kumwishura (1-22)

    • «Kuki Imana iriko irandwanya?» (2)

    • Imana nta ho ihuriye na Yobu (4-12)

    • «Reka nduhuke gatoyi» (20)

10  Ubuzima bwanje buranshisha+. Ngira nsuke amaganya yanje yose, mvuge ndundumiwe mu mutima!   Nzobwira Imana nti: “Ntunkubite intahe mu gahanga. Mbwira igituma uriko urandwanya.   Mbega hari ico bikwungura kuncinyiza,ugasuzugura igikorwa c’amaboko yawe+,ariko ugashigikira imigambi y’ababisha?   Mbega ufise amaso y’inyama,canke ubona nk’uko umuntu buntu abona?   Mbega imisi yawe ingana n’iy’abantucanke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu+,   ku buryo uguma urondera ikosa ryanje,ukaguma uhiga igicumuro canje+?   Urazi ko ata kosa mfise+,kandi nta woshobora kundokora mu kuboko kwawe+.   Amaboko yawe ni yo yambumbabumvye arandema+,ariko raba ugira unkureho!   Ndagusavye wibuke ko wandemye mw’ibumba+,ariko raba ugira unsubize mu mukungugu+. 10  Mbega ntiwansutse nk’amata,ugatuma mvura nk’amavuta y’inka*? 11  Waranyambitse urukoba n’inyama,umfatanisha* amagufa n’imitsi+. 12  Warampaye ubuzima, unyereka urukundo*.Warankingiye* wongera urambungabunga+. 13  Ariko ibi ni vyo wateguye kunkorera mu mpisho*. Ndazi ko ivyo bintu biriko biva iwawe. 14  Iyo mba naracumuye, uba warabimenye+,kandi ntiwompariye ikosa ryanje. 15  Noba nigorewe hamwe noba ndi mw’ikosa! Kandi naho noba ndi intungane, sinoduza umutwe+kuko nuzuye ibimaramare n’umubabaro+. 16  Hamwe noduza umutwe, woca umpiga nk’intambwe+,ugasubira kundwanya ukoresheje ububasha bwawe. 17  Uzana ivyabona bishasha vyo kunyagiriza,ishavu umfitiye rikongerekana,ivyago na vyo bikaguma bikurakuranwa kuri jewe. 18  Kubera iki none wankuye mu nda ya mama+? Mba naripfiriye ntihagire n’ijisho rimbona. 19  Vyari kumera nk’aho ntigeze mbaho,bari guca bampamba nkiva mu nda.” 20  Mbega imisi nsigaje si mikeyi+? Imana ninyirekere.Ninkureko amaso yayo kugira nduhuke gatoyi*+. 21  Imbere y’uko nigira (kandi sinzogaruka+)mu gihugu c’umwiza w’umuzitanya*+, 22  mu gihugu c’umwijima w’umuzimagiza,igihugu c’igitutu cijimye n’akajagari,aho umuco waho umeze nk’umwiza.»

Utujambo tw'epfo

Canke «iforomaji.»
Mu giheburayo havuga ngo «unjishisha.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «warakingiye impemu zanje», «warakingiye ubuzima bwanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi ivyo bintu wabinyegeje mu mutima wawe.»
Canke «ndyoherwe gatoyi.»
Canke «umwiza n’igitutu c’urupfu.»